Tube mu buzima bwejejwe bugororotse 27.02.2021

Tube mu buzima bwejejwe bugororotse

Iyo tubayeho ubuzima bwejejwe niho ijambo ry´Imana rigira ububasha kuri wewe no mu bawe n´ivyawe. Ndetse no mu gukorera Imana hose dutegerezwa kuba abejejwe.

Ivyahishuriwe Yohana 7:9-17 Luka 5:4-11

Yesu Kristo yaje kuducungura kugirango tubeho ubuzima bwejejwe, dukorere Imana tugororotse. Dufise ukwezwa kuvuye ku Mana kwukuri, kugendera mu kugororoka no mu kuyubaha vyukuri. Abefeso 6:14

Niho Imana ibana natwe, tukayikorera tugororoka kandi nivyacu bikagenda neza kuko vyose ivyivangamwo.

Kuko twambaye ugukiranuka nivyo biduhesha igikundiro ikiganza ciza ku Mana. Yesaya 6:1-8 Ijambo rya Yesu Kristo rigutuma ubona ubwiza bw´Imana, rigahindura imibereho yawe, ukagenda ubona Imana ukundi gusha. Rigukuramwo ivy´umubiri, rikakwinjizamwo ivya Mpwemu, arivyo abagororotsi baronkeramwo imigisha yivyo mw´ijuru n´ivyo mw´isi.

Abaheburayo 12:25-28 Abaroma 10:1-4

Dukeneye ukwezwa kuva ku Mana ariko kugororoka gukiranuka, nivyo biduhesha ubwishikira ku Mana, kandi ikatwugurira urugi, ikagendana natwe.

Biguhesha n´ijambo ku Mana, kuko gusenga k´umugororotsi kugira ikimazi cinshi iyo basenganye umwete.

Zaburi 15:1-2, Zaburi 24:3-6 Itanguriro 6:8-9 Yesaya 3:10-11

Twabaye ukugororoka nivyo biduhesha igikundiro ku Mana. Urugero Noah

Gusubira mu vyagezwe 28:1-10

Noa yari umukiranutsi agira igikundiro ku Mana. Imana irimbura isi isigaza Noa n´urugo rwiwe.

Ubugororotsi buduhesha uburenganzira ku Mana, tukaba abishikira kuri yo, ikatwugururira urugi, ikagendana natwe.

Biduhesha isezerano ry´ubu bikadukurako karande zose. Imana ikagushirako ikiganza cayo, karande zikakuvaho ukinjira mu migisha y´Aburahamu.

N´abana bawe bose bakazagira umugisha. Kuko iyugororoka uburiko urabashira mu migisha, mw´isezerano, bakazagira ikiganza ciza.

Zaburi 37:18-20 &26

Iyo umuntu agenda yubaha Imana, akayitinya akayigororokera n´umutima we wose, ugira imigisha yose n´uburambe biva ku Mana, kuko ibana nawe.

Gukiranuka suko tuvyumva ariko uko Imana ibishaka, uko yabitegetse. Kuko abantu ivyaha barabisize kugirango bavyikomerezemwo.

Ariko uretse ivyaha vyose ugakurikira ukugororoka, uzoyiburana, izokubeshaho ntuzagira iciza ukena na rimwe. Zaburi 112:1-6

Posted in Archives | Leave a comment

Imana itubwiye ngo Va murivyo tuyibangikanya tugendane nayo 20.02.2021

Imana itubwiye ngo Va murivyo tuyibangikanya tugendane nayo

 Imana ihamagara Aburamu yamubwiye ngo Va iwanyu usige vyose, ugende aho nzokwereka. Itanguriro 12: 1-4.

Aburamu yagiye uko yarari aheba vyose akurikira ijwi ry’Imana. Imana mu kumubwira ngo Va, yamubwiye ngo

Va mu gihugu

Va mu nzu ya so

Va mu muryango

Ariko Aburamu mu kuvayo yagiye ajanye Loti. Ariko kubera ko Loti atari muvy’Imana yamurekuriye, harageze igihe amubera intambamyi. Itanguriro.13: 5-13

Imana mu kuduhamagara natwe iratubwira ngo tuve muvyo twahoramwo tureke kuyibangikanya. Mur’uru rugendo turitandukanya, turava mu bitugose vy’imiryango,vyi’igihugu,vyo mu babyeyi kuko tuba turi murugendo ruja mw’ijuru.

Mu gutandukana kwa Aburahamu na Loti, Aburahamu yabwiye Loti ngo ni waja iburyo ndaja ibubamfu, ngo ni waja ibubamfu ndaja iburyo bivuga ko inzira zabo ataho zari guhurira. Mu gutora kwa Loti yatoye ahari ibikayangana vyiza ku maso ariko Aburahamu yigumira ikanani.

Imana iduhe amaso yo muri Mpwemu kugira tumenye choix y’iyo tuja n’ivyo tubamwo iyo bitujana.

Aburahamu amaze kwitandukanya na Loti Imana yaciye imugendera imuhera umugisha aho yarari. Ivyo tubangikanya n’Imana nivyo bitubera intambamyi mu rugendo turimwo ruja mw’ijuru canke mu gakiza.

Natwe mw’ihamagarwa ryacu iratubwira ngo Va mu kigari,Va mu ngeso,Va mu bagenzi mudasangiye urugendo.

Abakorinto 1:33  Ntimuzimire, kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.

Ivyo vyose iyo tubigumanye kandi dukijijwe,nivyo bituma haba inzitizi, ugasanga nta gukura mu gakiza, uko waruri kuva wakiriye agakiza nta différence ihari. Bwa buzima wabamwo imbere y’uko ukizwa ni bumwe n’inyuma wamaze wamaza kuronka agakiza. Ariko Imana ishaka ngo tuveyo, dutandukane na Loti, atubereye obstacle mu rugendo. Nitwamara kwitandukanya nabo, Imana ibana natwe kandi nabo bakaronkera umugisha kuri twebwe.

Yesu Kristo ahamagara abigishwa biwe: Matayo 4: 18-22

Igihe Yesu yahamagara abigishwa biwe, yabasanze aho bariko bararoba. Bari mu vyabo baronderera imiryango yabo. Ariko Yesu amaze kubahamagara ngo bamukurikire, baciye bareka insenga zabo baramukurikira. Ico yabasezeranye n’iki? N’uko azobagira abarovyi b’abantu n’ukuvuga ko yabahamagariye kumukorera. 

Icatumye bareka ivyo bari bafise bakamukurikira n’uko bamukunda. Natwe tuve muvy’inyungu zacu kuko tumukunda kandi tugomba kugendana nawe. 

Haraho Petero yabajije Yesu ngo raba twe twaretse vyose turagukurikira Mariko 10: 28-31

Ikibazo Petero yagize dushobora kukigira natwe,ariko Umwami wacu Yesu Kristo aratwishura neza ko hari ishumbusho y’ivyaretswe ku bwiwe.

Iki gihe tugezemwo kirakomeye, kureka kuragoye kuko ukwizera kuriko kurakama mu bakristo. Logique isigaye irengeye ukwizera. Ariko n’ubwo bimeze uko,Imana yoyo iguma ari Imana,uwuyizeye akayumvira ntireka gushitsa ijambo ryayo. 

umurwanizi ariko arorosha ibintu kandi agahuma amaso yo muri Mpwemu umukristo ntamenye aho akwiye kuba n’ikibanza Imana imushakamwo. Paulo yarabivuze muri Fil.3: 7-8 ngo ivyahora bimubera inyungu yavyiyumviriye ko ari ubuhombe kugira ashobore gufata Kristo.

Dusabe Imana idufashe kuva muri ivyo tuyibangikanya bitubera inzitizi mu rugendo,n’imbaraga zo kureka ivy’inyungu zacu kubwa Kristo.

Posted in Archives | Leave a comment

Twubakire kwibuye ryitanguriro ariryo Yesu Kristo 13.02.2021

Ubutumwa bwa 13.02.2021

Twubakire kwibuye ryitanguriro ariryo Yesu Kristo

1 Ab´ikorinto 3:6-9 & 10-14

Imana yaciye mu ntumwa yayo ariwe Paul atumenyesha ukuri. Atumenyesha ingene agakiza Imana yaduhaye aho gakwiriye kuja n´ingene gakwiriye kumera. Ko nta handi canke atawundi dushobora kwubakirako twahawe atari Yesu Kristo wenyene. Ni ahacu rero kuraba neza ingene tubakira kuri iryo tanguriro.

1 Petero 2: 4-6 Petero nawe yabishingiye intahe nkuko nawe yavyiboneye.

1 Petero 1:3-9

Kwubakwa kw´abana b´Imana ni mu buryo bwo muri Mpwemu Year. Ugirira ishaka n´inzara n´inyota ivyo kugororoka. Ukifuza kubona ubwiza bw´Imana no kubana nayo arivyo vy´abindi abagenzi bawe, incuti, umubiri vyanka.

Matayo 5:1-8    Ab´ifilipi 3:7-17

Abahigwe Imana itubwira n´abafise inzara n´inyota n´inzara y´isi vyabakamyemwo, ariko bafise mu mutima yabo amarango ava isiyoni. Ntushobora kugira inyota y´ivyubugingo (isi) ngugire n´inyota n´inzara yo kutobona Yesu.

Ntaho Paul yirata ibitangaza yakozecanke ubushobozi núbushizi bw´amanga yari afise ahubwo yirata Kristo n´imibabaro yagize kubwa Yesu Kristo. Kandi yiyemeje gufatanya imibabaro nawe gushikaho azoronkera icatumye amufata.

Ntushobora kuba ukinezeregwa isi (inyota y´isi nivyayo nguhimbare Imana. Canke ngo ube wubakiye kuri Yesu Kristo.

Iyo wubakiye kuri Yesu Kristo ugumana igitinyiro c´Imana yo kugororoka bihagaze ku kwizera kandi uguma wizigiye imbabazi zayo. Nta kintu na kimwe uyirutisha.

Luka 1:5-17

Imana ishaka ko tugumana umutima w´inzara n´inyota vyo kugororoka mu vyo twacamwo vyose, vyaba vyiza vyaba bibi. Ku bwuwo mutima unyotewe Imana ukama utekereza urukundo yadukunze gushikaho abizera twubakiyeko niho nayo iciza ikagutabara, ikagukorera bimwe udashobora gukoregwa canke guhabwa n´umuntu n´umwe.

Zakariya na Elisabeth bagumanye inzara n´inyota mu gikogwa canke c´Imana bakora, bahakura Yohana umubatiza n´ubugingo buhoraho. Uko umuntu agenda yegera niko ahishurigwa ubwiza bw´Imana ukundi gusha.

Yobu 42:1-6 & 10&12

Abantu bubu tuburanya Imana, ariko abafise inzara n´inyota bubakiye kuri Yesu Kristo baca bugufi bakihana. Imbabazi z´Imana zikababonekako.

Yobu naho yari umugororotsi yarageragejwe, amaze kwihana Imana iramushumbusha. Yari yubakiye ku Mana y´ukuri. Abubakiye kuri Yesu Kristo bose bagenda babona Imana ukundi gusha, bakagumana inzara n´inyota yo kugororoka.

Ingero: – Yesaya yabonye ubwiza bw´Imana arihana yongerwa amavuta

  • Ana yapfakaye amaranye imyaka irindwi akorera Imana
  • Rakeli agarukanirwa abana biwe Yeremiya 31:15-17
Posted in Archives | Leave a comment

Gendana n´Imana niho uzoshobora kunesha 30.01.2021

Ubutumwa bwa 30.01.2021

Gendana n´Imana niho uzoshobora kunesha

Wewe uri mu rugendo ruja mw´ijuru, wewe wizeye uhoraho Umwami Imana, hari ico Imana ishaka kuvugana nawe kugirango urugendo rwawe rugire amahigwe, rube rwiza n´uko ugendana n´Imana yarugutanguje.

Kuvayo 13:17-18 &20-22

Uhoraho Imana ifitiye urukundo rwinshi cane abana bayo, izi integer nke zacu. Ntishobora kubata, kubaheba canke ngo inabatererane. Ahubwo inyonga zayo ziduhorako ibihe vyose kandi niwe agenda adutabara yongera aduhezagira, akadukiza. Kuko niwe atubonera ivyo turimwo n´ibiri imbere.

Kuvayo 14:1-20 &24-26&29-31

Abanyeisirayeli ntibatabawe n´ukwari benshi canke yuko bakuye muri Egiputa ibigwanisha ariko batabawe n´Imana yari muribo, yari kumwe nabo.

Iyo Mana ije kugutabara nta visa isaba ahuri hose canke laisse passé irondera, nta mfashanyo isaba canke ideni irondera kugirango iguhezagire kandi ikugirire neza. Ntiraba icuri mw´isi canke aho ukomoka, ntiraba ico wishimikije. Abantu, amashure, ubwenge, akazi keza, icubahiro, igihugu urimwo n´ibindi kugirango izenayo yongereze kuri ivyo.

Ahubwo ivyo vyose haraho ibanza ikabicubusa canke ikabikuraho kugirango ikwiyereke. Ishimwe ryayo n´intahe yayo ntirisangira n´umuntu n´umwe canke ikintu na kimwe.

Imana igomba yuko tuyizera yonyene. Tukayiha icubahiro yonyene, tutayibangikanye n´ikintu na kimwe.

Ahubwo ivyo vyose haraho ibanza ikabicubusa canke ikabikuraho, kugirango ikwiyereke. Ishimwe ryayo n´intahe yayo ntirisangira n´umuntu n´umwe.

Urugero Igihe Abisirayeli baja kurwana n´Abafilisiya Sauli yari afise ingabo nyinshi, ariko batabawe na Dawidi ari kumwe n´Uhoraho Imana yiwe.

Isi irabesha abantu kugira ntibagire ukwizera gushikamye, bakabangikana ukwizera kwabo n´ibindi bintu. Ivyo nivyo bibandukira hagati yabo n´Imana basenga.

Abacamanza 7:1-3 & 16-18

Gidiyoni yari yatwaye abasirikare 32.000, Imana imwemerera kwajana 300 gusa.

 Ntakindi kizatuma ushika kandi unesha ataruko uzoba wizigiye Uhoraho Imana yawe.

Urugero Sawuli yajanye ingabo nyinshi. Dawidi nawe agendana n´Imana yiwe.

Harico Imana ikubonako, niciri kuri wowe.

2 Ngoma 18:28-31&33

Yehoshafati Imana yaramukunda cane ariko yama yifatanya n´abami batubaha Imana. Nawe Imana igufiseko umugambi munini, cabugufi wemere kurongogwa nayo.

Matayo 28:18-20

Intumwa za Yesu zabanye nawe zirangiza neza. Uyu munsi twebwe Imana ishaka. Kuko ntihinduka uyizera agakora ivyo kugororoka iramwemerera.

Posted in Archives | Leave a comment

«Imana niyo mubumbyi wacu, natwe turi ibumba mu ntoki zayo. Reka tuyegere tureke itubumbe uko ishaka». 23.01.2021

Ubutumwa bwa samedi le 23.01.21

«Imana niyo mubumbyi wacu, natwe turi ibumba mu ntoki zayo. Reka tuyegere tureke itubumbe uko ishaka».

Yeremiya 18:1-6

Imana yaturemye mw’ishuso yayo,idushira muri iyisi. Yaturemye mu buryo bwihariye, iduha gusa nayo. Itangiriro 1: 26.

Yaturememye ishaka ko dusa nayo, iduha kugira character nkizayo. Mumiterere y’Imana ninyarukundo, inyabuntu, irababarira, irihangana, igira neza, n’inyamahoro, nyen’umunezero nibindi byinshi. Niba iyi ariyo kamere y’Imana yacu, tukaba natwe turi abana bayo, nukuvugako natwe dukwiriye kumera nkayo.

Nkuko twe dufite umubyeyi wacu ariwe Data wa twese uba mw’ijuru, niko niyisi tubamo ifite umubyeyi wayo, uyitegeka. Dufate rero ko gukurira mu Mana no mw’isi ari nko kurererwa mu ngo ebyiri zitandukanye, aho rumwe rutegekwa n’Imana urundi rugategekwa na satani. Nkuko rero buri rugo rufite amategeko yarwo niko natwe nk’abana b’Imana dufite amategeko tugomba gukurikira. Hakaba n’imyitwarire papa wacu adushakaho, uburyo we yadutureze/yadutoje. Kandi nkuko umubyeyi adakunda ko umwana we agendana nabandi bana bamwanduza ingeso mbi, niko na papa wacu adashaka ko tugenda twaduzwa n’imyitwarire n’imibereho yiy’isi. Kugirango tutanduzwa n’imibereho, n’imyitwarire by’iyisi bidusaba kubaho tuzi ko hano atari iwacu, bidusaba kugenda twirinda (kuba muri y’isi nk’ingenzi).

Iyo umwana wamutoje ingeso nziza, aho yajya hose niyo mutari kumwe akomeza mucyo yatojwe. Imana nayo rero irashaka ko tugira kamere yayo kugirango aho twaba turi hose abe ariyo itugaragaramo. Isi n’ibyayo ntibitwaduze ahubwo abe ari twebwe tuyanduza n’ingeso zacu nziza.

Uburyo bizadukundira nuko twakwegera Imana ikatwigisha, ikaduhindura uko idushaka, maze tukabona kugenda uko idushaka. Uko kuyegera igushakaho nukurengeye guterana murusengero, muri cellule cyangwa mu gicaniro, irashaka wihererane nayo. Niho izabona umwanya wo kukuganiriza no kukugendera.

Ni benshi batubanjirije muri bibiliya bagize kwegera Imana kandi tukagenda tubona nibyavuyemo. Urugero Dawidi, ubwihisho bwe n’Imana ye bwabaye igihe yabaga aragiye intama. Niho yasabaniraga n’Imana ye, ikagenda imubumba. Ibyama byavuye mubusabane tubibona mu buryo yarameze.

Soma izi verse ugende ureba uburyo Dawidi Imana n’abantu bamuvugaga:

1samweli 13: 14

1samweli 16: 18

1samweli 17: 26 (ntiyemeraga ko Imana ye itukwa)

Zaburi 51 (yagiraga guca bugufi no kwihana by’ukuri acumuye ku Mana)

2samweli 1: 11-12 (urukundo nyakuri yarafite, nirwo rwatumye atanezererwa urupfu rwa sawuli)

Zaburi 141: 3 (uburyo yasengaga Imana)

Abandi tubona muri bibiliya bagendaga cyangwa bari babayeho mu buryo buhimbara umutima w’Imana, n’ababyeyi ba Yohana umubatiza. Luka 1: 5-6. Mugukorera Imana kwabo barayigororokeraga. Imana nayo ibahezagiza umukozi wayo.

Itangiriro 6: 8-9, 7:1

Nubwo tubayeho mw’isi yuzuye ibyaha no kutubaha Imana, ntakitwazo nakimwe twazana imbere y’Imana. Nowa nawe yabayeho abamukikuruje bagendera mu kutumvira Imana no mukubabaza umutima wayo, ariko ntibyamubujije we kuyigororokera.

Ikindi kitegererezo tubona muri bibiliya ni Pawulo. Ntiyatangiye agororokera Imana ariko umunsi yagenderewe yahindukiye by’ukuri. Muguca bugufi kwe no kwegera Imana, niho yamugendereye ikamukuraho ibyari bihumwe amaso ye. Kandi nawe yabanje gufata umwanya wo kuba imbere y’Imana kugirango yo ibanze imubumbe. Ibyakozwe n’intumwa 9: 17-19.

Yona 1:10

Mukwegera Imana no gusaba nayo kwacu twirinde cyane kuyimenyera cyangwa kumenyera ugukora kwayo. Imana yacu n’Imana yuzuye urukundo, ni nyebambe, umubyeyi mwiza ariko ikwiriye gutinywa, siyo kumenyerwa. Niyo ifite ububasha bwo kwica cyangwa ikabeshwaho. Abari bari kumwe na Yona baratinye kuko bumvise uburyo yahunze Imana ariko Yona we ntacyo byari bimubwiye. Reka uko tugenda tubona ugukora no gukomera kw’Imana yacu biduhe kurushaho guca bugufi imbere yayo, turusheho kuyubaha no kuyitinya.

Twagiye tubona abantu batandukanye muri bibiliya uburyo Imana yabirataga. Uburyo bashimwaga n’abantu n’Imana. Mbe buriya wowe ugaragara gute imbere y’Imana? Imana yakuvuga gute?

Egera Imana usabe mwuka wera akumene, akubumbe, akuzure maze Imana ibone kugukoresha.

Posted in Archives | Leave a comment

Agakiza gashitse karangwa n´umutima uciye bugufi kandi wumvira 09.01.2021

Ubutumwa bwa le 09.01.2021

 Agakiza gashitse karangwa n´umutima uciye bugufi kandi wumvira

Uwiteka Imana yadusezeranyije amasezerano meza kandi ikavuga iti “Ntimumpungikire mukizwe, kuko ari jye Mana nta yindi. (Yesaya 45:22).

Imana yaduhaye agakiza ku buntu bwayo ariko Igihe cyose kuko ari Imana igomba kudushitsa ku bugingo buhoraho iraduhamagarira kugira agakiza gashitse ku musaraba wa Yesu. Imana ishaka ko tuyihindukira tukaba icyitegerezo cyabazamwizera. (1 Tim 1:16)

Mat 7:24-27

Igihe kirageze Yesu ngo aze gutora umugeni wiwe. Mu gihe twubakiye agakiza kacu ku Rutare tumera nka wa muntu wumva amajambo y´Imana akayakomeza, umunyabwenge wubakiye inzu ye ku Rutare.

Igihe tugezemwo niho Imana ishaka kuraba niba koko twakurikiye yo cyangwa twayikurikiye kubera turondera ivy´isi.

Agakiza gashitse kagira gucabugufi no kwizera mu bikogwa. Kwizera gutuma usenga wizeye ko Imana ishoboye byose (Matayo 8:8)

Agakiza gashitse kagira kumvira. Kumvira icyo Imana igomba kuko kumvira biruta ibimazi byinshi.

1 Samuel 15:22-23

Sawuli yari yaragiriwe Ubuntu Imana imutoranya kuba umwami w´Abisirayeli ndetse arasigwa amavuta ariko yahushize gushika ku mugambi w´Imana kubera kutumvira icyo Imana yamutumyeho. Ndetse yagize gutinya abantu kurusha uko yatinya Imana.

Imana ishaka ko tugira kuyitinya kurusha uko dutinya abantu kuko yo ifite ububasha ku mibiri ndetse ikanaduterera muri gehinomu. (Matayo 10:28)

Agakiza gashitse kagira kwama imbuto za Mpwemu: Urukundo, Ibyishimo, amahoro,kwihangana, kugira neza, ingeso nziza, gukiranuka, ubugwaneza no kwirinda(Galatiya 5:22).

  • Iyo dufite umutima w´urwango natwe ubwacu ntabgo tuba twiyanga.

Yesaya 53:5: Yesu yatubereye ikitegererezo yaje ari umugwaneza afite urukundo ababarira gushika no ku musaraba.

Iyo twubakiye ku rutare ubuzima bwacu burahinduka. Imana yishingiriza intahe muri wowe. Igatunganya inzira zacu zose. Ugenda wisanga uva mu bwiza uja mu bundi. Byabindi wabonaga ko bikuboshye ukisanga ahubwo wibaza ingene byagenze. Ubuntu n´imbabazi biguhoraho kuko Imana ibona uwo mutima ufite wo kuyirondera nayo ikihesha icyubahiro kuko n´Imana yavuze irabishitsa (Yesaya 45:17, 19, 23).

Agakiza gashitse gatuma ugendera mu kuri no mu kugororoka nta buriganya. Urugero rwa Natanayeli (Matayo 1:48).

Agakiza gashitse gatuma ugira kwitandukanya n´ibyisi kandi ukamenya kwirinda mu mutima no mu vyo ukora. (Yakobo 4:4)

1 Samuel 8:20 Ubwoko bw´Imana bashatse kumera nkabandi bisabira umwami ntaho Imana yari yifuje kuba Umwami wabo. Ibi byabaviriyemwo ingaruka.

Agakiza gashitse kagira kwezwa mu ngeso no kwisuzuma (1 Petero 1:13, 1 Petero 2:9-10).

Abaheburayo 2:1, Abaheburayo 3:9-11, 12-19

Agakiza gashitse kagira intumbero yo kugera kw´iherezo ryiza. Imana ntabwo yahindutse iracyakomeza kuduhamagarira kugira imitima y´umvira, imitima iyubaha, imitima yizera. Kandi yifuza ko tuzabaho mu buruhukiro bwayo.

Tugire kubiba ibyo muri Mpwemu bidushitsa ku bugingo buhoraho (Abagalatiya 6:7-9). Agakiza gashitse kagira kugendera mu mucyo, kwitegereza n´ubwenge. (Daniyeli 5:11) Imana idusaba kugira umwete wo guharanira ubugingo buhoraho. (Daniyeli 5:25-28). Imana ishaka ko dusuzuma agakiza kacu tukaraba uko duhagaze kandi tukagira umwete wo kuyirondera. Imana idushoboze.

Posted in Archives | Leave a comment

Yesu Kristo niwe nkinzo yacu kandi niwe Mutabazi wacu 03.12.2021

Ubutumwa bwa le 02.12.2021

Yesu Kristo niwe nkinzo yacu kandi niwe Mutabazi wacu

Uyu mwaka twinjiyemwo n´igihe cose kiri imbere, n´igihe umukristo wese akwiriye gufata Ijambo ry´Imana nk´ubuzima akwiye kubamwo nk´uwacunguwe, nk´uwatabawe, nk´uwatoranijwe kandi yatsindanishirijwe na Yesu Kristo umucunguzi wacu.

Naho ibibazo vyoza bimeze gute, mu buryo bwose bigukuriye hasi bizanye ibigwanishwa byose, Yesu Kristo azagutabara kandi abigukize vyose.

Itanguriro 26:1-5 & 12-14

Isaka yari impunzi yari afise ubwoba ku bw´umugore wiwe. Hateye inzara iteye ubwoba abantu barahunga, abandi barakena nabi cane. Ariko we, kuko yari kumwe n´Imana, ayobogwa n´Ijambo ryayo, aribwo buzima bwiwe, ihamuhera umugisha uhambaye, ubutunzi buhebuye aho abandi bakeneye bakanahunga.

Kuvayo 14:1-4 & 10, 13-16

Imana yacishije Abisirayeri mu nzira ikomeye cane, ibashira mu mbombane kugirango ize ihiyerekanire ubushobozi bwayo n´inkomezi zayo. Ko muri vyose ata na kimwe kiyinanira kandi ishobora kudutabara mu vyo ducamwo vyose no mu vyo dukeneye vyose.

Igihe cose Imana ibana n´abantu bayo ikabatabara. Nico gituma Yesu Kristo.

Igihe cose Imana ibana n´abantu bayo ikabatabara. Nico gituma Yesu Kristo yaje ari umukiza w´isi, abana natwe.

Yesaya 9:1-3 & 6-7 Gal 3:27

Yesaya yavugishijwe ico Yesu Kristo azoba canke abera canke azogirira abamwizera. Kuko haraho yaje kudukura naho aducisha niyo atujana. Kandi vyose uri muri we neza bigenda amahoro. Hamaho intsinzi, amashimwe n´intahe, kuko ari we abikora.

Nico gituma dukwiye kwihana tukabohoka gose mu Mpwemu no mu mubiri, mu mutima no mu mutwe, kuko kenshi umuntu agenda atsindwa ku bimurimwo bimuca integer bikamubuza kwizera agatinya. Be nivyo yaciyemwo yibuka bikamutuma yiheba, akanigwanirira agatsindwa.

Twambare Yesu Kristo we nkinzo yacu ariwe nyishu yacu muri vyose.

Abanyefeso 6:10-18

Iyo Yesu Kristo ari kumwe nawe ntugatinye ikintu na kimwe. Kuko niwe agusanga mu bugwayi, mu bibazo, mu bitero, akahagutabarira. Wambaye ibigwanishwa vyose vy´Imana. Amen

Posted in Archives | Leave a comment

Hahigwa ihanga rifise Imana Uhoraho kw´Imana yaryo 31.12.2020

Ubutumwa bwa le 31.12.2020

Hahigwa ihanga rifise Imana Uhoraho kw´Imana yaryo

Umwaka wa 2021 núwo kubona ubwiza bw´Imana ukundi gusha. N´umwaka Uhoraho Imana igiye gukomeza kwishingira intahe no kwihesha icyubahiro mu bana bayo bayikunda no mu bayubaha bakayikorera.

  • Zab 33:8-22

Imana igenda igirira neza abantu bayo, igatuma imigabo n´imigambi yabaguhagurukiye kukugwanya canke ibyaguhagurukiye vyose bicika ubusa.

Ahubwo igenda ibakorera ibitangaza bikomeye ikanabanezerera, hamwe nabo muri kumwe n´abagukikuje babona ko ufise Imana ikomeye.

  • Uyu mwaka wa 2021, Imana yiteguye guhezagira no gutabara abayirondera n´abayubaha bakitega imbabazi zayo no kugira neza kwayo uyu mwaka n´ibihe vyose.

Niyo ibonera kure ibizokubaho ari vyiza ari ibibi, izi ibibazo canke ingorane urimwo, ariko Igihe cose ijisho ryiwe riri kubamwubaha ngo abarokore, abakize urupfu n´intambara barimwo, babe bazima buzure amashimwe n´umunezero biva ku Mana nya Mana.

  • Yesaya 45:1-19

Imana yadutoranyije, ikaturobanura niyo yivuze ko imanutse kutugwanirira, kudutabara no kudukiza no kuduhezagira. Icidushakako n´ukwezwa no kuyigororokera kugirango nayo igende irishingira intahe muri twebwe, idutabare, idukorera ibitangaza.

Ntibikenewe kwiyumvira ngo bizoca he canke ngo vyoshoboka gute kugirango bishike. Icyo n´igikogwa c´Imana yavuganye nawe wewe icigusaba n´ukuguma mu kwezwa n´ukuyizera. Ukaba mu buzima buyiteze. Nayo ikakumenyera umusi n´isaha n´igihe co kugutabara no kuguhezagira.

 Urugero Ab´isirayeli basengera Imana mu buja muri Egiputa bari mu gahinda n´umubabaro. Imana imanuka gutuma Mose umusavyi wayo kubakurayo, ariko ntaho batubwiye ngo babanze kubihishurigwa, ariko yavuze ko izabakurayo. Nta wabanje kubishurigwa.

Nta handi bari bahanze amaso atari k´Uhoraho. Natwe iratubwiye ngo tuyihange amaso, kuko igiye kudukorera ibikomeye kandi vyinshi.

  • Yesaya 9:1-7

Yesu Kristo yaje kuduhindurira ubuzima, imibereho. N´umwaka wo kwambikwa icyubahiro, aje kutunezereza umunezero utazoshira. Kandi n´ubutware bwiwe ntibuzogira iherezo muri twebwe n´amahoro uhereye none ugashitsa ibihe vyose.

– Ufise Yesu Kristo mu bugingo bwiwe nk´umwami n´umukiza wiwe vy´ukuri ntakikekeranyeko, ugashikama mu kwizera udatinya ikintu na kimwe, ubuzima bwawe bugenda butabagwa kandi bwaguka ku mpande zose no muri vyose. Amen.

Posted in Archives | Leave a comment

Twaronse incuti nziza iruta izindi zose ari we Yesu Kristo 25.12.2020

Ubutumwa bwa 25.12.2020

Twaronse incuti nziza iruta izindi zose ari we Yesu Kristo

Twaronse incuti nziza ari we Yesu Kristo. Incuti idufatisha umugozi w´urukundo akaba umujyanama.

Umwari uzasama inda azabyara Emmanueli Imana iri kumwe natwe. Tugomba kubyemezwa na Mpwemu Year kuko nta bundi buhanuzi dukeneye bwo kutwemeza ko Yesu ari kumwe natwe. Araturinze umwaka wose mu byo ducamo byose. Atari Uwiteka urinze umurinzi yaba arindiye ubusa.

Icyazanye Yesu: Ntabwo yaje gukuraho amategeko Matayo 5:17&20 ahubwo yaje kuyemeza. Yazanye ibirenze kuri ayo mategeko, kubyarwa byakabiri ngo dukiranuke by´ukuri mu buryo bw´ubu Mana. Atuzanira imbuto z´umwuka, ariko kamere ihabanye n´imbuto za Mpwemu. (Niyo mpamvu umuntu ibyo ashaka gukora atari ibyo akora).

Urugero Matayo 19:16&26

Sawuli ahuye na Yesu yahindukiye ahindukiye ahindurwa n´izina.

Unesha nzamuha izina rishya ritazwi n´umuntu wese keretse urihabwa.

Icyamuzanye nukuduhindurira amazina.

Matayo 2: 1&4 – 7&12

Abanyabwenge bajya kuramya Yesu bamenye ibihe. Urugero Igihe abantu baheka ikimuga bakajya gushaka Yesu akabakiza. Yaje kudukiza ibya roho n´umubiri.

Kuko Imana yakunze abari mu isi byatumye itanga umwana wayo w´ikinege kugira ngo umwizera wese atarimbuka ahubwo ahabwe ubugingo buhoraho.

Ntatoranya ku butoni umwemera wese nawe aramwemera.

Ibyakozwe n´intumwa 3:1 &16

Petero na Yohanna bakijije ikimuga bakoresheje izina rya Yesu. Yesu yatuzaniye izina rikomeye ngo icyo muzasaba cyose mu izina rya Yesu muzagihabwa.

Imana yatoranyije abaswa bo mw´isi kugirango ikoze isoni abanyabwenge, ibinyantege ngo ikoze isoni abakomeye. Niyo ibaha kuba muri Kristo Yesu waduhindukiye ubwenge buva ku Mana.

Uwirata yirate Kristo.

Posted in Archives | Leave a comment

Gushikanira Imana abana bato 12.12.2020

Gushikanira Imana abana bato

Ubutumwa bwa taliki ya 12.12.2020

Imana yadutoranije ngo tuyubahe tugendere mu ijambo ryayo kandi ngo tuvyigishe n´abana bacu. Kugira ngo yaba twebwe n´abazadukomokaho bose tugendere mu masezerano yayo, ayo yasezeraniye Aburahamu, dusanga mu vyagezwe vyayo.

Abalewi 26:3-5 & 9-12

 Ishengero ry´Imana ntiryabikoze uko Imana yabivuze. Ariko k´ubw´umutima w´urukundo ruhebuje ku bantu bayo, rwatumye itanga Yesu Kristo umwana wayo w´ikinege ngw´aze kuducungura. Ngw´atubere umuco mu vyo dukora vyose, kandi ng´umufise amubere ubuzima mu kubaho kwacu kwose.

Gusubira mu vyagezwe 6:1-7 Ivyakozwe n´intumwa 2:39

Imana yaduhaye iri bwirizwa rikuru nk´abavyeyi kandi idutegeka no kuvyigisha abana bacu ngo tubibatoze, kandi banabitubonako, ndetse n´Imana nayo ikabona mu mitima yacu ko ihamanya nivyo dukora nivyo tubwira abana bacu.

Kugirango nabo babeho mu buzima bwubaha Imana, bayitinya, bakayigororokera kandi bayizeye. Nayo iraheza ikabana nabo ikabashitsako amasezerano yavuze.

Iyo twigisha abana bacu gukunda Imana no kuyubaka, tuba tubasabira kandi tubarongora muri kazoza keza, mu mugabane udashira. Imana nayo igaca ibiyigishiriza. (Yesaya 54:13-14) ikabaha n´ubwenge n´ikiganza ciza ku vyo bakora vyose.

I Ngoma 28:9-10 Kuvayo 20:5-6

Dawidi yaraze neza Salomo kandi yaraziko niyo yabishitsa azoba umutoni ku Mana, agahabwa n´ubugingo buhoraho.

Urugero: Yosefu yigishijwe n´Imana bituma imbuto yatewemwo akayigendera, Imana imushingira Intahe mu vyo yaciyemwo vyose.

Mariko 10:13-16

Posted in Archives | Leave a comment