Kaze

Turi n’umunezero mwinshi wo kubaha ikaze muri Pinsemenigheten Gilgal Kristiansand. Twizeyeko ushobora kuronka ibimenyeshwa vyotuma ushobora kuza mu misa canke mu bikorwa bitandukanye vyo mu rusengero. Twizeyeko urusengero Gilgal rushobora kukumenyesha imigenderanire ushobora kugiriranira n’Imana Data wa twese mu kuri no mu kugororoka nkuko ibidusaba.  Akazi kacu n’ ukugira ngo Gilgal ibe ikibanza c`ihuriro ry’Imana n’abantu.

Intumbero yacu rero nukugira ngo abantu baze kwakira Yesu nk’Umwami n’umukiza wabo. Bagendane na Yesu kugira babeho neza kandi bagire ubuzima bwiza. Akazi kacu n’ukugira abantu bafate Yesu mu bugingo bwabo. Ikindi dushira imbere cane ni ukugira urukundo hagati yacu n’abandi.Urukundo rwuzuye rutuma ibibi vyose bivaho. Hakaba kumera neza n´ubugwaneza arico kintu gikuru hagati mu migenderanire y’abantu n’abandi. Dushimikira cane kwubaka abantu mu kugira ivyizigiro bitagabanije k’Umwami wacu Yesu Kristo no ku Mana Data wa Twese.

Dutegereza kugira ukwubahana no gusonerana hagati y’abana n’abakuze n’abantu bose mu buryo rukristo, abantu bose bakiyumvamwo neza mu rusengero. Muri ico gikorwa dufata abantu bose co kimwe haba mu nyigisho canke mu kubakurikirana no mukubarerera mu rugendo ruja mw’ijuru.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s