Ubutumwa bwa samedi 23.10.2021
Ubuzima bwo gusenga
Ijambo ry´Imana riradukangurira kuba mu buzima busenga kuko amasengesho y´abakiranutsi agira ikimazi muri vyinshi. Dusengera iki? Dusengera icyo twasobanukiwe ko dutegererezwa kukihamagarira Imana. Kuko tuba twasobanukiwe ko hakenewe amasengesho.
Daniel 10:10-13 Daniel 9:1-4
Daniyeli yari umuntu ukunda gusenga, afise ubuzima bwiza bwibera mu Mana. Ariko ubu yari afise amasengesho adasanzwe. Daniyeli yabona abamarayika imbona nkubone ariko abatware b´isi y´umwijima bazibira inyishu yiwe. Ariko n´intambara yo mu mwuka nico gituma Imana yatuma abamarayika kuyigwanya bagatabara.
Rero nk´abakristo gusenga bikwiye kutubera ubuzima. Kandi nta kurambirwa kuko satani aba akunyaze.
Gusenga n´ukubwira Imana ko udashoboye ariko yo atakiyinanira; igushoboze iguhe n´inkomezi zo kuba imbere yayo winginga. Kugirango igukorere ivyo wifuza, iguhe n´inkomezi zo gushika ku vyo wifuza mu rugo, mu mashure, mu kazi…
Uca bugufi imbere y´imana mu gusenga nayo ikivanga mu vyawe.
Yesu mu rukundo rwiwe yadukiriye umugani.
Luka 18:1-8
Umucamanza agabitanya yaciriye urubanza uwu mupfakazi kuko yamugobereye.
Satani n´abadayimoni canke n´abakozi biwe ntibarambigwa kudutera canke ngo bapfe ku kurekura canke batwihorere. Ahubwo bagenda iyo tubarushije inkomezi; ugasenga uvuga uti umugisha wanjye nzo wushikako, urugo rwanjye rurabaho, impwemu y´ubukene ndayanse, ugatitiriza nk´uyu mugore gushika badaye bakimuka. Bavuga bati uyu yaratunaniye reka tujye ahandi batazi iri banga.
Satani n´umunyamwuka, azi ivyakunanira azi ivyatsinze umuryango wawe, kandi ariko apangira abazagukomokaho, ngo ananize uruvyaro rwawe.
Kandi azi n´ububasha twahawe iyo tutabusobanukiwe atuzingira mu bibazo.
Ibintu vyo mu mwuka iyo bitavanyweho ntaho bija ahubwo bigenda ku bakurikiraho.
Itanguriro 25:21
Muka Isaka yari yafashwe n´ubugumba bwa nyirabukwe.
Umuntu afise agakiza ategerezwa gusobanukirwa n´ivy´imiryango ukavuguruza imigambi y´umwami w´ubuperesi ku bwawe n´uruvyaro rwawe n´abawe. Urugero abasore batarongogwa, inkumi, abahukana, abapfa kare,,,
Umuntu ntakwiye kuvyihorera, utegerezwa kurondera Iman anka Daniyeli.
Imigani 3:32-33
Ukuntu satani abigenza atwikira ubuzima bwacu bwo muri Mpwemu, abantu bakabifata nk´ibisanzwe, bakabiha n´insiguro.
Ibibazo vyose bishikira abantu biba vyarateguwe mw´isi yo mu mwuka ntabgo ari ibisanzwe.
Si garanti ko ivy´Imana yakuvuzeho cyangwa yasezeranyiye vyose bigushikako kuko ibibigwanya nivyo vyinshi. Itegereze nka Daniyeli.
Guharura 22: 6 & 10, 12& 32, Yeremiya 17: 7-8. Abantu benshi ubuzima bwabo burahembutse.