Ubutumwa bwa samedi 16.10.2021
Ubuzima bwuzuye bw´umukristo
Ijambo ry´Imana n´icirori umukristo wese akwiye kwirabamwo. Tukagira agakiza gahagaze kw´Ijambo ry´Imana, tukarongorwa na Mpwemu Yera. Ariwe aduha ubwenge no gutahura ngo dushitse icyo Imana idushakako nk´abana ikunda.
Yakobo 2:14-26 Yakobo 1:16-18
Nta kwizera kutagira ibikogwa kuba gupfuye, nkuko atabikogwa bitagira kwizera navyo biba ari ubusa. Imbere y´Imana biba bipfuye.
Tumenye neza ko dufise ukwizera kudaserugwa n´ibikogwa, arivyo vyerekana urukundo dukunze Imana, tuyubaha kandi twumvira Ijambo ryayo, kuba gupfuye.
Itangiriro 26:5
Kugira umutima utangira Imana, werekana imibanire y´Imana n´umuntu mu buryo bwa Mpwemu.
Aho Aburahamu yashinga amahema hose yahashira n´igicaniro co kwoserezako imibavu Imana yiwe, akanayitangira ku vyo imuha.
Gushikaho imugeresha ukwizera kwiwe kuyitangira Isaka umwana wikinege yahawe mu busaza bwiye, arabikora.
Aburahamu yatsindanishirijwe n´ibikogwa hamwe ukwizera yarafise kwagaragariye mu bikogwa gatanga Isaka ku gicaniro.
Ibikogwa dukorera Imana nivyo bihingura gose ukwizera dufise muri twebwe.
Ibikogwa nivyo bitsindanishiriza umuntu s´ukwizera kwonyene.
Nta kindi catumye Imana ivugango Aburahamu n´umukunzi wanjye, atari uko yayizeye agakora ivy´imubwiye adakekeranya. Ndetse abiharugwako nkukugororoka.
Natwe dutegerezwa gushitsa ukugororoka kwose mu gutanga gufanijwe n´ukwizera.
Luka 7:36-50
Wa mugabisha w´ingabo yubaka inzu abantu b´Imana basengeramwo, Rahabu umwe makaya yaha indaro abatatsi.
Ikintu caranga abigishwa ba Yesu Kristo, bari bafise umutima wizeye, bigaserugwa no gutanga. Inzi y´Imana ikagira umugisha. Ngo baratanga bagatanga bakan´bura hpo kubikwiza.
Ariko uyu munsi hari abakora vyose ariko ntihagemwo gutanga. Abandi bakingira gusa bagasenga, ariko ntubabaze gukorera Imana canke kuyitangira. Ivyo dukora biratuma tubohoka.
Dukeneye kuba abakristo buzuye, dushitsa Ijambo ryose nkuko Imana ibitubwirira mw´ijambo ryayo.
Abaroma 4:6-8 &13&19-24
Imbere yuko ivyo bitubako bitangugwa mw´isi yo mu mwuka. Kuko satani we azi ko niyo twakora Ivy´Imana idushakako vyose tuzoba tumucitse, tube abakunzi b´Imana n´incuti zayo. Ivyacu tubimuyage kuko ntabubasha abifisemwo. Ntidukeneye guhuma mu buryo bwo mu mwuka, kuko Yesu azoza gutora abakunzi biwe.
2 Abakorinto 4:3-5. Imigani 3:32-33
Icaha nico muvumo, nico gikwegera abantu umuvumo n´ibibazo. Ariko ata caha, ivyawe vyose Imana ivyivangamwo . Ivyahishuriwe Yohana 19:8-9