Turondere Imana yo mu mutima wacu 25.09.2021

Ubutumwa mwa 25.09.2021

Turondere Imana yo mu mutima wacu

Icambere dukwiriye kuraba n´ubwiza bwa Yesu Kristo, n´urukundo yadukunze, bivuga ko yadukunze turi babi, turi abanyavyaha babi azan go tumwakire, twiyambure ububi dufise twambare ubwiza bwiwe bwo mu mutima.

Abafilipi 2:5

Umuntu wese atarahura na Yesu Kristo hari uko aba ameze: Hari ababa bibereye abapfasoni bapfise ikinyabupfura badasambana, bataboregwa, batiba, abandi baroga, bagasambana n´ibindi.

Ariko menya neza yuko utarahura na Yesu Kristo wese, ataramumira ngo amuhindure vy´ukuri, ataba ari mwiza imbere y´Imana. Kuko aba akirongogwa n´umubiri arizo ngeso na kamere yamanye.

Nico gituma usanga abantu benshi buzuye mu mashengero, ndetse n´Imana bayikunda bakagwana no gushitsa ivyagezwe n´amabwiriza Imana yahaye Mose bakabikora. Ariko ivyo ntibishobora guhindura umutima w´umuntu mu ngeso ziwe na kamere yiwe.

Ahubwo bakika abanyedini.

Bishobora kugufasha kwicisha bugufi no gusenga ukuvyifuza, ariko ntibishobora kubuza kwifuza no gukora icaha.

Pawulo yaravuze ngo ivyambera inyungu mbibonamwo igihombo ku bwa Kristo.

Abakolosayi 2:1-12 & 20 &23

Muri Yesu Kristo niho harimwo ibanga ryose ry´Imana itunga ryose ry´ubwenge no kumenya vyahishijwe muri we. Niwe ahishijemwo gutahura no kumenya ivy´Imana igomba nuko dukwiriye kubaho mu buzima buhindutse.

Niho haba gukebwa kutari ukwintoki, niho twiyambura akameremere k´umubiri, ni kwo gukebwa kwo muri Kristo.

Kol 2:8

Ivyambere vyo mw´isi n´ugukurikira imigisha iri mw´isi. Urugero Abagenda baja i Kanai ho mw´isi.

Ariko tweho tuja i Kanani yo mw´ijuru hamwe at ana kimwe kizojayo.

Tukiganzwa na kamere n´ingeso twanduriye mw´isi ntidushobora kureka gukora icaha, kandi ntidukiraba Imana.

Guhishurigwa neza Yesu Kristo, bituma urukundo rwiwe rutugumya, rukatubohora, rukadukura mu ngoyi no mu bubata bwa satani, tukabaho ataco satani aturega. Ahubwo Kristo akatwibonamwo tugakira ku mutima no ku mubiri.

Ivyo umuntu agumana nivyo bimubera ibitsitaza imbere y´Imana, iyo ashitse mu bigeragezo. Ndetse nivyo bizotuma umuntu adahagarara no kuri w amusi ukomeye.

Daniyeli 3:16-18 & 28-30. Daniyeli 6:16 &20-22&26-27 Abakolosayi 3:5-6

 Aba basore bakunze Imana Data wa twese, bamenya urukundo yabakunze ikabagira abayo, bemera kwiyanka, barayikurikia. Arico Ijambo rya Kristo ritubwira n´umusaraba.

Aba ntibihakanye Yesu Kristo n´izina ryiwe nkuko twabwiwe natwe. Ariko ubutumwa turiko duhabwa zitwereka kwatariko tumeze. Zaburi 24: 3-6 Ivyakozwe n´iyahishuriwe Yohana 19:5-9.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s