Ubutumwa bwa 17.04.2021
Guma k´Uhoraho Imana yawe no mu masezerano yawe ntizoguheba, izobishitsa
Imvugo y´Imana ntihinduka, ico yabwiye Aburahamu nico yavuganye na Isaka igishitsa no kuri Yakobo n´abisirayeli gushitsa ibihe vyose.
Imana ntihindura amasezerano ahubwo irayakomeza.
Itanguriro 26:1-5 &12-14 & 24-25
Igihugu abaenegihugu bataye bakagihunga, nico Isaka yabereyemwo umukire, aba umutunzi ahebuje kuko Imana ya se yari kumwe nawe, kandi yayumvira.
Itanguriro 28:10-22
Yakobo yiseguye ibuye, ari ku rugendo mu gihugu Imana iramwihishurira, ikomeza amasezerano yahaye sekuru Aburahamu na se Isaka.
Mu bibazo vyose ushobora gucamwo mu ngorane z´ubuzima ushobora guhura nazo, ari ingwara, ar´ubukene, canke ibindi vyose, guma ku co wavuganye n´Imana kandi nayo uyigumeko. Vyose izobikora nta na kimwe kizohindura isezerano ryawe ku Mana yawe.
Itanguriro 32:9-12 Yakobo yari afise ico yibutsa Imana yiwe.
Itanguriro 31: 24& 29 &40-42
Kugendana n´Imana canke kuba uri kumwe n´Imana ntibivuga ko udahura n´ibibazo n´intambara z´ubuzima ahubwo bigukomeza mu kubicamwo no mu kubisohokamwo ufise intahe n´amashimwe.
Urugero Naomi Rusi 1:16-18
Naomi yaciye mu bibazo bikomeye cane ariko ntiyahevye Imana yiwe. Kuko n´abakazana bayimubonamwo. Aburahamu, Isak ana Yakobo bumvira Imana bikomeye, bagakora ibikora ku mutima w´Imana.
Mu gihe cy´iherezo Yesu Kristo yaje kuducungura, duhabwa ivyizigiro bizima muri we kugirango umwizera wese ntaze akogwe n´isoni. Kuko muri we vyose birashoboka, nta na kimwe kimunanira.
Matayo 11:25-30 Matayo 28:16-20
Niwe afise ububasha ku biriho vyose, n´abari n´umubiri bose. Yohana 3:16-18 Yohana 12:44-48
Icadusaba gusa n´ukwitondera ivyagezwe vyose.
Abaroma 9:30-33
Uwizeye Yesu Kristo wese ntazakogwa n´isoni. Amen