Pasika n´ighe cyo gutabagwa, intsinzi ku bizera Imana 03.04.2021

Ubutumwa bwa samedi 03.04.2021

 Pasika n´ighe cyo gutabagwa, intsinzi ku bizera Imana

Imana dusenga n´Imana y´urukundo rwinshi igira imbabazi nyinshi n´ikigongwe ku bantu yaremye. Nico gituma yarungitse umwana wayo Yesu Kristo w´ikinege ngo aze kuducungura, adukuremu buja bwo muri iyi si mbi yanduye adushira mu bwami bw´Imana, tuje mu bana b´isezerano.

Kuvayo 6:2-9

Abisirayeli Imana yabona ubuja barimwo nagahahazo bahahazwa n´abanyegiputa, ibumvira ikigongwe, yibuka isezerano yasezeranye na Aburahamu na Isak ana Yakobo.

Natwe nuko, yabonye ingene umwami w´isi akoresha abantu ivyaha n´ibicumuro vyagahebuza. Hari abagenda bafashwe mpiri na satani, abandi bakabikora nkímpumyi bibaza ko ari bwo buzima buryoshye, abandi bakabikora mu kutamenya.

Ariko urukundo ry´Imana rwinshi cane afitiye umwana w´umuntu, aturungikira Yesu Kristo ago aze kutubohora, abazomwizera bose abatsindanishirize, aduhe ubugingo buhoraho.

Tube muri iyi si turi mu mwana wayo Yesu Kristo turi mu rugendo ruja mw´ijuru, dufise ico twiteze. Tutakiganzwa n´umwami w´isi, ariko turi aba Kristo.

Kuvayo 12:5-14 &16&29-32

Amaraso y´imyagazi y´intama canke impene itagira agasembwa niyo yabona ku mazu yabo ico kiza kikaharengana. Kuko bakoze ukw´Imana yavuze.

Kandi twarobanuriwe kuba abera b´Imana. Twatoranijwe kwama tumusenga duciye bugufi kandi tuyubashe.

Habonetse intinzi ikomeye mu Bisirayeli hamwe no gutabagwa. Ikiza cyarabarenganye kandi babona gucungugwa kw´ibihe bidahsira.

Matayo 27:62-66 Matayo 28:1-10

Yesu Kristo yazaniye intinziabizera bose. Niwe aduha ihumure nyakuri, akaturemesha mu bifadika atubwira ngo ntidutinye. Atwaturaho amahoro y´ukuri ava ku Mana.

Amahoro n´ihumure Yesu yaduhaye n´ivyukuri, kuko yanesheje urupfu rutamuganza, ubu ni muzima kandi azahora ai muzima ibihe vyose. Kandi natwe abamwizera tuzobana nawe ibihe vyose.

Yanesheje n´ibitugerageza vyose, muri we twamuronkeyemwo intinzi, duhabwa umwidegembyo intinzi yibihe bidashira aduha ubugingo buhoraho.

Pasika yazaniye umunezero abantu, kuko niyo twaronkeyemwo intinzi, duhabwa umwidegemvyo, tuva mu bubata bwa satani, ivyaha twajakarira, ibitugerageza vyose twabihaweko ububasha bwo kunesha.

Abaroma 5:6-11

Urupfu n´izuka rya Yesu Kristo ni vyo vya twujujye n´Imana Rurema. Niho twakiriye uburake bw´Imana yacu. Kandi ubugingo bwa Yesu Kristo buzorushiriza kudukiza. Kuko abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.

Yaje kuduhindura ibiremwa bishasha ngo tubeho duhindutse, duhingugwe neza muri Yesu Kristo.

Ab´ifilipi 3:7-14

Pasika bivuga kurengana canke kurenganwa intinzi, ihumure, ihinduka, kwakira amahoro, umunezero, umwidegemvyo. Ivyo vyose biva ku Mana yo mw´ijuru.

Mw´isezerano rya kera bagira intambara yumubiri ariko twebwe tugira intambara yo mu mwuka n´uyu mubiri. Vyose bigwanya ubugingo bwacu. Ariko Yesu niwe nzira, ukuri, n´ubugingo. Niwe azoshikana akanashoboza abamwizeye.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s