Ubutumwa bwa le 06.03.2021
Icyangombwa gikenewe mu buzima rukristo ni Mpwemu Yera
Isi turimwo yuzuye ivyifuzo vyinshi kandi n´ibibazo vyinshi. Kandi igihe cyose kimwe kiravaho hakinjira ikindi. Bitabaye kuri wewe bikaba k´uwo ukunda, bikakubera umutwaro.
Ariko turi muri iy´isi nyene, haricyo Imana itugombako kandi n´uwatahuye ibanga ry´icazanye Yesu Kristo mw´isi nuwe arico yifuza: N´ukwuzura Mpwemu Yera.
Nico Yesu Kristo yasezeraniye abizera imbere yuko atangura urugendo rw´umusaraba, kandi amaze kuzuka nico yabariye intumwa n´abo bari kumwe.
Yohana 14:15-18 Ivyak.Int. 1:3-8
Nk´ukidukeneye Mpwemu Yera.
- Nuko Yesu Kristo na Data wa twese batubamwo iyo Mpwemu Yera aturimwo.
- Niwe atumaramwo inyota y´isi nivyifuzo vyayo akadukundisha ijuru; iyotuja.
- Niwe aduha kwizera, akadukomeza mu Mana mu vyo ducamwo vyose vyaba vyiza canke bibi, akadukura mu buzima bw´icaya.
- Abamufise babaho mu buzima bwirinda icaya. Abamufise babona ibintu ukundi kuko bo bafise communication n´umutima w´Imana itiyumvira nk´abantu canke ngo ikore nk´abantu.
- Babaho ubuzima bw´amahoro n´umunezero, kandi bagira urukundo rwinshi.
- Niwe atanga gushiramanga dushingira intahe Yesu Kristo, tukamamaza inkuru nziza y´agakiza, kugirango n´abandi bose batabagwe.
- Nibwo bugingo buhoraho buturimwo Yesu Kristo azodusangamwo, aje gutahana umugeni.
Ivyakozwe n´intumwa 2:1-4 & 17-21 & 33-39
Ivyakozwe n´intumwa 4:29-31
Icahaye intumwa n´abavugishwa n´Imana guhinduka n´ishengero no gushira amanga mu gushingira intahe Yesu Kristo no kumwizera ni Mpwemu Year yabahaye.
Niwe yatuma barengera ibibazo bafise n´ingorane n´intambara bagenda bahura nazo. Ariko bakavugira Yesi Kristo bashize amanga, bakamushingira intahe batitayeho iminyororo, ihamwa n´iyicwa bariko bahura navyo.
Naho baribafise ibibagoye nivy´ifuzo vy´ubuzima vy´umubiri, bamaze guhabwa Mpwemu Yera barahinduwe ntibasubiye kugira ivyifuzo bahorana.
Abantu ubu ntibagisengera akwuzura Se ahubwo basengera ibibazo.
Bakeneye ibifadika: amafranga, amazu, amashure menshi..ariko ivyo vyose n´ibishira.
Luka 11:1&13
Hari Igihe twibaza ngo turonse amafranga menshi n´inyishu y´ibibazo canke ivyodukeneye mw´isi ngo vyose vyoca bigenda neza. Ariko ntaho bizokubera inyishu y´ibibazo n´ivyifuzo uzohura navyo mw´isi.
Ibi vyose Imana idukorera n´ukugirango tumenye Imana iri hagati muri twebwe, tugendere mu buzima buyihesheje icubahiro n´imitima yacu yose kandi yejejwe. Kugirango nayo ize yame itwerekanirako imbabazi zayo n´urukundo rwayo rwinshi. Zaburi 78:52-53