Icyangombwa gikenewe mu buzima rukristo ni Mpwemu Yera 06.03.2021

Ubutumwa bwa le 06.03.2021

Icyangombwa gikenewe mu buzima rukristo ni Mpwemu Yera

Isi turimwo yuzuye ivyifuzo vyinshi kandi n´ibibazo vyinshi. Kandi igihe cyose kimwe kiravaho hakinjira ikindi. Bitabaye kuri wewe bikaba k´uwo ukunda, bikakubera umutwaro.

Ariko turi muri iy´isi nyene, haricyo Imana itugombako kandi n´uwatahuye ibanga ry´icazanye Yesu Kristo mw´isi nuwe arico yifuza: N´ukwuzura Mpwemu Yera.

Nico Yesu Kristo yasezeraniye abizera imbere yuko atangura urugendo rw´umusaraba, kandi amaze kuzuka nico yabariye intumwa n´abo bari kumwe.

Yohana 14:15-18  Ivyak.Int. 1:3-8

Nk´ukidukeneye Mpwemu Yera.

  1. Nuko Yesu Kristo na Data wa twese batubamwo iyo Mpwemu Yera aturimwo.
  2. Niwe atumaramwo inyota y´isi nivyifuzo vyayo akadukundisha ijuru; iyotuja.
  3. Niwe aduha kwizera, akadukomeza mu Mana mu vyo ducamwo vyose vyaba vyiza canke bibi, akadukura mu buzima bw´icaya.
  4. Abamufise babaho mu buzima bwirinda icaya. Abamufise babona ibintu ukundi kuko bo bafise communication n´umutima w´Imana itiyumvira nk´abantu canke ngo ikore nk´abantu.
  5. Babaho ubuzima bw´amahoro n´umunezero, kandi bagira urukundo rwinshi.
  6. Niwe atanga gushiramanga dushingira intahe Yesu Kristo, tukamamaza inkuru nziza y´agakiza, kugirango n´abandi bose batabagwe.
  7. Nibwo bugingo buhoraho buturimwo Yesu Kristo azodusangamwo, aje gutahana umugeni.

Ivyakozwe n´intumwa 2:1-4 & 17-21 & 33-39

Ivyakozwe n´intumwa 4:29-31

Icahaye intumwa n´abavugishwa n´Imana guhinduka n´ishengero no gushira amanga mu gushingira intahe Yesu Kristo no kumwizera ni Mpwemu Year yabahaye.

Niwe yatuma barengera ibibazo bafise n´ingorane n´intambara bagenda bahura nazo. Ariko bakavugira Yesi Kristo bashize amanga, bakamushingira intahe batitayeho iminyororo, ihamwa n´iyicwa bariko bahura navyo.

Naho baribafise ibibagoye nivy´ifuzo vy´ubuzima vy´umubiri, bamaze guhabwa Mpwemu Yera barahinduwe ntibasubiye kugira ivyifuzo bahorana.

Abantu ubu ntibagisengera akwuzura Se ahubwo basengera ibibazo.

Bakeneye ibifadika: amafranga, amazu, amashure menshi..ariko ivyo vyose n´ibishira.

Luka 11:1&13

Hari Igihe twibaza ngo turonse amafranga menshi n´inyishu y´ibibazo canke ivyodukeneye mw´isi ngo vyose vyoca bigenda neza. Ariko ntaho bizokubera inyishu y´ibibazo n´ivyifuzo uzohura navyo mw´isi.

 Ibi vyose Imana idukorera n´ukugirango tumenye Imana iri hagati muri twebwe, tugendere mu buzima buyihesheje icubahiro n´imitima yacu yose kandi yejejwe. Kugirango nayo ize yame itwerekanirako imbabazi zayo n´urukundo rwayo rwinshi. Zaburi 78:52-53

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s