Imana itubwiye ngo Va murivyo tuyibangikanya tugendane nayo
Imana ihamagara Aburamu yamubwiye ngo Va iwanyu usige vyose, ugende aho nzokwereka. Itanguriro 12: 1-4.
Aburamu yagiye uko yarari aheba vyose akurikira ijwi ry’Imana. Imana mu kumubwira ngo Va, yamubwiye ngo
Va mu gihugu
Va mu nzu ya so
Va mu muryango
Ariko Aburamu mu kuvayo yagiye ajanye Loti. Ariko kubera ko Loti atari muvy’Imana yamurekuriye, harageze igihe amubera intambamyi. Itanguriro.13: 5-13
Imana mu kuduhamagara natwe iratubwira ngo tuve muvyo twahoramwo tureke kuyibangikanya. Mur’uru rugendo turitandukanya, turava mu bitugose vy’imiryango,vyi’igihugu,vyo mu babyeyi kuko tuba turi murugendo ruja mw’ijuru.
Mu gutandukana kwa Aburahamu na Loti, Aburahamu yabwiye Loti ngo ni waja iburyo ndaja ibubamfu, ngo ni waja ibubamfu ndaja iburyo bivuga ko inzira zabo ataho zari guhurira. Mu gutora kwa Loti yatoye ahari ibikayangana vyiza ku maso ariko Aburahamu yigumira ikanani.
Imana iduhe amaso yo muri Mpwemu kugira tumenye choix y’iyo tuja n’ivyo tubamwo iyo bitujana.
Aburahamu amaze kwitandukanya na Loti Imana yaciye imugendera imuhera umugisha aho yarari. Ivyo tubangikanya n’Imana nivyo bitubera intambamyi mu rugendo turimwo ruja mw’ijuru canke mu gakiza.
Natwe mw’ihamagarwa ryacu iratubwira ngo Va mu kigari,Va mu ngeso,Va mu bagenzi mudasangiye urugendo.
Abakorinto 1:33 Ntimuzimire, kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.
Ivyo vyose iyo tubigumanye kandi dukijijwe,nivyo bituma haba inzitizi, ugasanga nta gukura mu gakiza, uko waruri kuva wakiriye agakiza nta différence ihari. Bwa buzima wabamwo imbere y’uko ukizwa ni bumwe n’inyuma wamaze wamaza kuronka agakiza. Ariko Imana ishaka ngo tuveyo, dutandukane na Loti, atubereye obstacle mu rugendo. Nitwamara kwitandukanya nabo, Imana ibana natwe kandi nabo bakaronkera umugisha kuri twebwe.
Yesu Kristo ahamagara abigishwa biwe: Matayo 4: 18-22
Igihe Yesu yahamagara abigishwa biwe, yabasanze aho bariko bararoba. Bari mu vyabo baronderera imiryango yabo. Ariko Yesu amaze kubahamagara ngo bamukurikire, baciye bareka insenga zabo baramukurikira. Ico yabasezeranye n’iki? N’uko azobagira abarovyi b’abantu n’ukuvuga ko yabahamagariye kumukorera.
Icatumye bareka ivyo bari bafise bakamukurikira n’uko bamukunda. Natwe tuve muvy’inyungu zacu kuko tumukunda kandi tugomba kugendana nawe.
Haraho Petero yabajije Yesu ngo raba twe twaretse vyose turagukurikira Mariko 10: 28-31
Ikibazo Petero yagize dushobora kukigira natwe,ariko Umwami wacu Yesu Kristo aratwishura neza ko hari ishumbusho y’ivyaretswe ku bwiwe.
Iki gihe tugezemwo kirakomeye, kureka kuragoye kuko ukwizera kuriko kurakama mu bakristo. Logique isigaye irengeye ukwizera. Ariko n’ubwo bimeze uko,Imana yoyo iguma ari Imana,uwuyizeye akayumvira ntireka gushitsa ijambo ryayo.
umurwanizi ariko arorosha ibintu kandi agahuma amaso yo muri Mpwemu umukristo ntamenye aho akwiye kuba n’ikibanza Imana imushakamwo. Paulo yarabivuze muri Fil.3: 7-8 ngo ivyahora bimubera inyungu yavyiyumviriye ko ari ubuhombe kugira ashobore gufata Kristo.
Dusabe Imana idufashe kuva muri ivyo tuyibangikanya bitubera inzitizi mu rugendo,n’imbaraga zo kureka ivy’inyungu zacu kubwa Kristo.