Ubutumwa bwa 30.01.2021
Gendana n´Imana niho uzoshobora kunesha
Wewe uri mu rugendo ruja mw´ijuru, wewe wizeye uhoraho Umwami Imana, hari ico Imana ishaka kuvugana nawe kugirango urugendo rwawe rugire amahigwe, rube rwiza n´uko ugendana n´Imana yarugutanguje.
Kuvayo 13:17-18 &20-22
Uhoraho Imana ifitiye urukundo rwinshi cane abana bayo, izi integer nke zacu. Ntishobora kubata, kubaheba canke ngo inabatererane. Ahubwo inyonga zayo ziduhorako ibihe vyose kandi niwe agenda adutabara yongera aduhezagira, akadukiza. Kuko niwe atubonera ivyo turimwo n´ibiri imbere.
Kuvayo 14:1-20 &24-26&29-31
Abanyeisirayeli ntibatabawe n´ukwari benshi canke yuko bakuye muri Egiputa ibigwanisha ariko batabawe n´Imana yari muribo, yari kumwe nabo.
Iyo Mana ije kugutabara nta visa isaba ahuri hose canke laisse passé irondera, nta mfashanyo isaba canke ideni irondera kugirango iguhezagire kandi ikugirire neza. Ntiraba icuri mw´isi canke aho ukomoka, ntiraba ico wishimikije. Abantu, amashure, ubwenge, akazi keza, icubahiro, igihugu urimwo n´ibindi kugirango izenayo yongereze kuri ivyo.
Ahubwo ivyo vyose haraho ibanza ikabicubusa canke ikabikuraho kugirango ikwiyereke. Ishimwe ryayo n´intahe yayo ntirisangira n´umuntu n´umwe canke ikintu na kimwe.
Imana igomba yuko tuyizera yonyene. Tukayiha icubahiro yonyene, tutayibangikanye n´ikintu na kimwe.
Ahubwo ivyo vyose haraho ibanza ikabicubusa canke ikabikuraho, kugirango ikwiyereke. Ishimwe ryayo n´intahe yayo ntirisangira n´umuntu n´umwe.
Urugero Igihe Abisirayeli baja kurwana n´Abafilisiya Sauli yari afise ingabo nyinshi, ariko batabawe na Dawidi ari kumwe n´Uhoraho Imana yiwe.
Isi irabesha abantu kugira ntibagire ukwizera gushikamye, bakabangikana ukwizera kwabo n´ibindi bintu. Ivyo nivyo bibandukira hagati yabo n´Imana basenga.
Abacamanza 7:1-3 & 16-18
Gidiyoni yari yatwaye abasirikare 32.000, Imana imwemerera kwajana 300 gusa.
Ntakindi kizatuma ushika kandi unesha ataruko uzoba wizigiye Uhoraho Imana yawe.
Urugero Sawuli yajanye ingabo nyinshi. Dawidi nawe agendana n´Imana yiwe.
Harico Imana ikubonako, niciri kuri wowe.
2 Ngoma 18:28-31&33
Yehoshafati Imana yaramukunda cane ariko yama yifatanya n´abami batubaha Imana. Nawe Imana igufiseko umugambi munini, cabugufi wemere kurongogwa nayo.
Matayo 28:18-20
Intumwa za Yesu zabanye nawe zirangiza neza. Uyu munsi twebwe Imana ishaka. Kuko ntihinduka uyizera agakora ivyo kugororoka iramwemerera.