Ubutumwa bwa le 31.12.2020
Hahigwa ihanga rifise Imana Uhoraho kw´Imana yaryo
Umwaka wa 2021 núwo kubona ubwiza bw´Imana ukundi gusha. N´umwaka Uhoraho Imana igiye gukomeza kwishingira intahe no kwihesha icyubahiro mu bana bayo bayikunda no mu bayubaha bakayikorera.
- Zab 33:8-22
Imana igenda igirira neza abantu bayo, igatuma imigabo n´imigambi yabaguhagurukiye kukugwanya canke ibyaguhagurukiye vyose bicika ubusa.
Ahubwo igenda ibakorera ibitangaza bikomeye ikanabanezerera, hamwe nabo muri kumwe n´abagukikuje babona ko ufise Imana ikomeye.
- Uyu mwaka wa 2021, Imana yiteguye guhezagira no gutabara abayirondera n´abayubaha bakitega imbabazi zayo no kugira neza kwayo uyu mwaka n´ibihe vyose.
Niyo ibonera kure ibizokubaho ari vyiza ari ibibi, izi ibibazo canke ingorane urimwo, ariko Igihe cose ijisho ryiwe riri kubamwubaha ngo abarokore, abakize urupfu n´intambara barimwo, babe bazima buzure amashimwe n´umunezero biva ku Mana nya Mana.
- Yesaya 45:1-19
Imana yadutoranyije, ikaturobanura niyo yivuze ko imanutse kutugwanirira, kudutabara no kudukiza no kuduhezagira. Icidushakako n´ukwezwa no kuyigororokera kugirango nayo igende irishingira intahe muri twebwe, idutabare, idukorera ibitangaza.
Ntibikenewe kwiyumvira ngo bizoca he canke ngo vyoshoboka gute kugirango bishike. Icyo n´igikogwa c´Imana yavuganye nawe wewe icigusaba n´ukuguma mu kwezwa n´ukuyizera. Ukaba mu buzima buyiteze. Nayo ikakumenyera umusi n´isaha n´igihe co kugutabara no kuguhezagira.
Urugero Ab´isirayeli basengera Imana mu buja muri Egiputa bari mu gahinda n´umubabaro. Imana imanuka gutuma Mose umusavyi wayo kubakurayo, ariko ntaho batubwiye ngo babanze kubihishurigwa, ariko yavuze ko izabakurayo. Nta wabanje kubishurigwa.
Nta handi bari bahanze amaso atari k´Uhoraho. Natwe iratubwiye ngo tuyihange amaso, kuko igiye kudukorera ibikomeye kandi vyinshi.
- Yesaya 9:1-7
Yesu Kristo yaje kuduhindurira ubuzima, imibereho. N´umwaka wo kwambikwa icyubahiro, aje kutunezereza umunezero utazoshira. Kandi n´ubutware bwiwe ntibuzogira iherezo muri twebwe n´amahoro uhereye none ugashitsa ibihe vyose.
– Ufise Yesu Kristo mu bugingo bwiwe nk´umwami n´umukiza wiwe vy´ukuri ntakikekeranyeko, ugashikama mu kwizera udatinya ikintu na kimwe, ubuzima bwawe bugenda butabagwa kandi bwaguka ku mpande zose no muri vyose. Amen.