Hahigwa ihanga rifise Imana Uhoraho kw´Imana yaryo 31.12.2020

Ubutumwa bwa le 31.12.2020

Hahigwa ihanga rifise Imana Uhoraho kw´Imana yaryo

Umwaka wa 2021 núwo kubona ubwiza bw´Imana ukundi gusha. N´umwaka Uhoraho Imana igiye gukomeza kwishingira intahe no kwihesha icyubahiro mu bana bayo bayikunda no mu bayubaha bakayikorera.

  • Zab 33:8-22

Imana igenda igirira neza abantu bayo, igatuma imigabo n´imigambi yabaguhagurukiye kukugwanya canke ibyaguhagurukiye vyose bicika ubusa.

Ahubwo igenda ibakorera ibitangaza bikomeye ikanabanezerera, hamwe nabo muri kumwe n´abagukikuje babona ko ufise Imana ikomeye.

  • Uyu mwaka wa 2021, Imana yiteguye guhezagira no gutabara abayirondera n´abayubaha bakitega imbabazi zayo no kugira neza kwayo uyu mwaka n´ibihe vyose.

Niyo ibonera kure ibizokubaho ari vyiza ari ibibi, izi ibibazo canke ingorane urimwo, ariko Igihe cose ijisho ryiwe riri kubamwubaha ngo abarokore, abakize urupfu n´intambara barimwo, babe bazima buzure amashimwe n´umunezero biva ku Mana nya Mana.

  • Yesaya 45:1-19

Imana yadutoranyije, ikaturobanura niyo yivuze ko imanutse kutugwanirira, kudutabara no kudukiza no kuduhezagira. Icidushakako n´ukwezwa no kuyigororokera kugirango nayo igende irishingira intahe muri twebwe, idutabare, idukorera ibitangaza.

Ntibikenewe kwiyumvira ngo bizoca he canke ngo vyoshoboka gute kugirango bishike. Icyo n´igikogwa c´Imana yavuganye nawe wewe icigusaba n´ukuguma mu kwezwa n´ukuyizera. Ukaba mu buzima buyiteze. Nayo ikakumenyera umusi n´isaha n´igihe co kugutabara no kuguhezagira.

 Urugero Ab´isirayeli basengera Imana mu buja muri Egiputa bari mu gahinda n´umubabaro. Imana imanuka gutuma Mose umusavyi wayo kubakurayo, ariko ntaho batubwiye ngo babanze kubihishurigwa, ariko yavuze ko izabakurayo. Nta wabanje kubishurigwa.

Nta handi bari bahanze amaso atari k´Uhoraho. Natwe iratubwiye ngo tuyihange amaso, kuko igiye kudukorera ibikomeye kandi vyinshi.

  • Yesaya 9:1-7

Yesu Kristo yaje kuduhindurira ubuzima, imibereho. N´umwaka wo kwambikwa icyubahiro, aje kutunezereza umunezero utazoshira. Kandi n´ubutware bwiwe ntibuzogira iherezo muri twebwe n´amahoro uhereye none ugashitsa ibihe vyose.

– Ufise Yesu Kristo mu bugingo bwiwe nk´umwami n´umukiza wiwe vy´ukuri ntakikekeranyeko, ugashikama mu kwizera udatinya ikintu na kimwe, ubuzima bwawe bugenda butabagwa kandi bwaguka ku mpande zose no muri vyose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s