Twige kunezereza Imana tube abana b´Imana 05.12.2020

Samedi 05.12.2020

Twige kunezereza Imana tube abana b´Imana

Imana yadutoranyije, itugirira ubuntu bwo kuyimenya ngo tumenye nivyikunda. Yaduhaye Ijambo ryayo ririmo ivyitegerezo bizima, kugirango wewe nanje tubigereko, bidutere inkomezi zo gushima no kuba ab´Imana yishimira, inezegwa.

Abaheburayo 13:7 1 Kor 4: 16-17

Turondere kuba abakundwa b´Imana, kugirango ico yasezeraniye abayikunda vyose tuzobishikeko. Yesaya 54:14-15 & 17&10.

Tugawnire gushimwa n´Imana, atari ugushimwa n´abantu. Kuko nivyo bitugirira ikimazi bigatuma nivyo abantu badushima bigira aho bidushitsa. Abantu benshi bashaka gushimwa n´abantu ndetse babahe n´icubahiro. Vyotumarira iki ijuru ritatunezerewe kandi ritatuzi, ahubwo abishwe n´intuntu ku bwacu.

  • Daniel 1:3-17-21

Aba basoreibisabwa byose umwami yashakaga bari babikwije, ariko bo sivyo vyabahimbaye ngo bavyirate, ahubwo barondeye igikundiro ku Mwami w´abami.

Twigane ababaye abahizi mu kwizera Imana no mu kuyikunda. Kuko nibo bayikoreye basiga inkuru nziza mu bantu. Iyo dusomye ijambo ry´Imana dukeneye gukuramwo ibitwubaka atari inkuru.

  • Daniel 2:17-23 & 28-30 & 46-49

Abakunda Imana vy´ukuri, iy´isi igize ikibazo babaza inyishu. Kuko  baca babaza Imana yabo.

 Daniel na bagenzi be ikintu ca mbere bari bafise bari biyizi abo bari;

  • Ntibifatanya n´abanyabyaha.
  • Bari bizeye Imana yabo n´imitima yabo yose, bakimenya ko ariyo ibashitsako ic´Umwami ashaka
  • Imitima yabo yari ifise icerekezo kija mw´ijuru. Yanse kuja gutwara babuloni kugirango akomezanye n´Imana yiwe, yanga icamukura mu rukundo rwayo.
  • Daniel kuko bizeye Imana ntaho satani atabarondereye gushika aho amuronderera mu gusenga, ateregwa mu rwobo rw´intare. Ariko ico yagambiriye nticahindutse. Imana izugara umunwa.
  • Yarumvira Imana, ntiyatwarwa n´irari ry´umubiri.
  • Yaca bugufi cane ntiyiyita umunyabwenge vyose yavyitirira Imana.
  • Yari yuzuye Mpwemu Yera.

Yanezereje umutima w´Imana gushika naho Imana imutumako Malayika Gaburiyeli yama imbere ye akama aza amubwira ati Daniel muntu ukundwa cane. Daniel 9:20-23  Daniel 10:10-14

Imana  yamwungura ubwenge kandi ikamuha gushikama mu vyo yahura navyo vyose. Ubwami bw´Imana bugira uko bugenda n´ubutoni bw´Imana bukagira uko bushikigwa.

Ibibazo ucamwo ntibituma Imana iguheba, ahubwo aho bikomeye niho igushyigikira ikabana nawe.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s