Ni mushishikare guca mw’irembo rifunganye. Benshi bazogomba kuricamwo ariko ntibabishobore. 26.11.2020

Ubutumwa bwa taliki ya 26.11.2020

Ni mushishikare guca mw’irembo rifunganye. Benshi bazogomba kuricamwo ariko ntibabishobore.

 Twarahamagawe n’Imana turumvira, turitaba kandi twizera ko ijambo ry’Imana ari ukuri.

Ico twizeye n’uko Yesu Kristo ariwe: 

Nzira, n’ukuvuga ko ariwe anyobora mu nzira ncamwo y’uru rugendo.

Kuri,n’ukuvuga ko amenyesha ukuri kuko niwe kuri.

N’Ubugingo kuko niwe ampesha ubugingo buhoraho.

Igihe dupfana na Yesu mu mubatizo, twahindutse ivyaremwe bisha.

Abaroma 6: 4-9

Yesu yaduhaye ivyizigiro vyo kuzohabwa ubugingo buhoraho. N’ubwo tukiri hano kw’isi, turiho ariko turi mu rugendo ruja mw’ijuru kandi uwuturongora ni Yesu Kristo.

 Kugendana na Yesu muri uru rugendo bidusaba guheba vyose ku bwiwe, kandi bikadusaba kwemera kwikorera umusalaba kuko uwo niwo ukomeza agakiza yaduhaye.

Luka 14.25-27: Yesu yabwiye ishengero ngo umuntu niyaza kuri we, ntiyanke se canke nyina, n’umugore wiwe n’abana biwe na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe nayo, ntashobora kuba umwigishwa wiwe ngo amukurukire.

 Aha Yesu Kristo aradusaba kumurutisha vyose, tukamuha ikibanza ca mbere kugira  dushobore gufatanya nawe uru rugendo.

Mariko 10: 17-28

 Uyo mutunzi yakunda Yesu, araza amwikubita imbere amubaza ico yokora kugira aronke ubugingo buhoraho. Yesu aramubaza ko yakurikije ivyagezwe, amwishura ko yabikurikije kuva ari muto.

Yesu aramwitegereza yumva aramukunze ariko abona ko har’ico yari ahajije. Yaciye amubwira ngo aje kugurisha ivyo yarafise vyose abihe aboro maze aze amukurikire. Ivyo Yesu yamubwiye ntivyamunezereye yaciye agenda yijiriwe. Ubwo butunzi Yesu yabonye ko bwari intambamyi kuri we kugira ashobore kuronka ubwami bw’Ijuru.

Imitego ishobora kuba muri runo rugendo ni myinshi. Iyo tugendana ibigirwamana, nivyo bitubera intambamyi mu rugendo turimwo tugendana na Yesu. Ivyo Yesu yatubwiye ngo twanke tumushire imbere muri vyose n’uko yabona ko vyotubuza kuzuranwa nawe.

Iyo Yesu tumuhaye ikibanza cambere muri twe, araheza agafata controle muri vyose.

 Uru rugendo turimwo tuja mw’ijuru ntidushobora kurwishoboza na gato tudashobojwe n’Imana nk’uko Yesu yishuye abamubashije bati none ko bimeze birtyo ninde ashobora gukizwa? Arabishura ati ibidashobokera abantu bishobokera Imana. 

 Muvyo turwana navyo muri iyi nzira hari kurwana n’umubiri, kurwana n’icaha, canke persécution kubwa Yesu, ivyo vyose tuzobinesha ni twuzura ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana.

Yohana yeretswe abazoba baranesheje muri urwo rugendo abo aribo: Ivyah. Yohana 7: 9-17.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s