Ishengero ry´Imana dukeneye kwizera izina rya Yesu Kristo ryonyene tukabeshwaho n´ijambo ryiwe. 21.11.2020

Ubutumwa bwa taliki 21.11.2020

Ishengero ry´Imana dukeneye kwizera izina rya Yesu Kristo ryonyene tukabeshwaho n´ijambo ryiwe.

Izina rya Yesu Kristo twahawe rirakomeye cane. Rifise ububasha bwose n´ubushobozi bwose. Kandi uryizeye niryo rizomubeshaho, kandi riramushingikira.

Yohana 14:1 & 11-14 & 20-21    Matayo 28:16-20    Yohana 16:23-24

Abari  muri Kristo Yesu tuzokwama tunesha ntituzigera tuneshwa kuko uri muri twebwe yaranesheje, kandi arakomeye, yaranesheje vyose. Ico dukeneye n´ukwizera gushikamye iryo zina rifise ububasha bwose. Kandi ari naryo riduhagarika rikadutabara rikadukiza.

Luka 17:11-17

Hatakamvye ababembe 10. Ariko umwe niwe yasabanye kwizera izina rya Yesu Kristo. Ariko icyenda bakijijwe n´ijmabo ababwie ntibarivanga n´ukwizera uwubarungitse ngo bagaruke bashime. Umwe niwe yaje gushima. Ic´Imana itugombako nuko twizera izina ry´umwana wayo Yesu Kristo.

Ijambo rya Kristo ridukiza twese ribohora twese, Imana ntitoranya ku butoni, ariko uyambaje wese, iramwumva. Nico gituma bose uko ari cumi bakize. Ariko ico atugombako iryo jambo rivamgwa no kwizera Yesu Kristo, umwana w´Imana.

Abaroma 10:9-11        Luka 7:50:47-50

Uyu mugore w´umunyavyaha yari afise ukwizera gukomeye. Abahevye vyose bagakurikira Yesu Kristo bazohabwa umugisha wo mw´isi n´ubwami bw´Imana.

Urugero Aburahamu yizeye izina ry´Imana yamuhamagaye aramwumvira, abana nayo akaramata mu kuyizera. Nayo imuha umugisha ukomeye, iba Imana yiwe na sokuru w´abizera.

Itanguriro 24:34-40

Aburahamu kwizera Imana no kuyumvira akagendana nayo, yabishumbushijwe umurengera, kandi aba na sekuruza w´amahanga. Imana yaba mu vyiwe vyose, igashigikira n´ijambo avuze. “Umumarayika wiwe azojana nawe.”

2 Ngoma 26:1-8

Nta kindi cahagaritse Uziya ngo kinamukomeze, atari uko yamatanye n´Imana yigishijwe, akayishirako umutima wiwe wose, akayirondera nayo imuha umugisha, n´izina ryiwe ryamamara.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s