Dukeneye kubaho ubuzima bushimira Imana
Ubutumwa bwa taliki ya 14.11.2020
Dukeneye kubaho ubuzima bushimira Imana
Imana yaradutoranije itugira ihanga ryayo idutandukanya n´andi mahanga yose yo mw´isi, kugirango twame imbere yayo tuyishima.
Yesaya 43:20-21 Mika 4:5
Ikintu cingenzi cangombwa Imana yo mwijuru idushakako n´ukwama tuza imbere yayo kuyiha icubahiro mu kuduza ishimwe imbere yayo tukayikengurukira, kuko yadukoranije.
Mugushima Imana bituma umuntu aca bugufi, ukerekana umutima ushima kandi wibuka ibikogwa by´Imana mu buzima bwawe n´imbabazi zayo, gukomera kwayo n´ibindi vyose biba bigutumye uca bugufi. Gushima habamwo no kwezwa no gutabagwa.
Itanguriro 18:1-8 &9-14
Aburahamu yaranezerewe cane icariko arakora, yanezererwa Imana yiwe kuko yayikunda cane. Yarafise umutima umenetse wibuka kandi wagutse mu gushima. Amaze kuzimana abo bashitsi biwe, bari abamarayika.
Dutegerezwa kugira impamvu yo gushima Imana
Itanguriro 35:1-7
Igihe cose dukeneye kwama dushima kuko aho twayiboneye ni muri vyinshi kandi ivyo yadukoreye ntibidondagugwa. Vyonyene kuba yatugize abana bayo ntaco twatanze. Kandi habaho kwezwa no gutunganywa gose mu mitima yacu no mu mibereho yacu, Imana ibana natwe.
Dukeneye gushima Imana kuko ari Imana nicyo yaturemeye. Kuko ari umuremyi w´ijuru n´isi, ataruko waronse iki canke waronse akazi, atari uko waguze imodoka cyangwa inzu. Ivyo vyugara imigisha.
Ariko abamenye ukuri, ic´Imana iretse kikababako duza ibiganza uyishime, kuko nyuma y´ivyo har´impera ikomeye. Ya Mana wahimira itegerezwa kwerekanira icubahiro cayo muri wewe. Nico gituma amashimwe ya Paul na Silas atagiye ubusa naho vyari bibabaje cane, yariyerekanye.
Habakuki 3:17-19 Zaburi 50:7-16 Zaburi 51:17
Dukeneye kureka ijambo ry´Imana rikaduhindura kugira tugire umutima ushimira Imana vy´ukuri nayo ikabinezeregwa.
Zaburi 9:1-2 1 Tes 5:16-24