Impamvu yo kurondera Imana mu gusenga gufatanije no kwisonzesha 07.11.2020

Ubutumwa kuri taliki ya 07.11.2020

Impamvu yo kurondera Imana mu gusenga gufatanije no kwisonzesha

Iyo dusenga twisonzesha hakoreka ibikomeye muri twebwe, guhindura imibereho ya misi yose, hari ivyo tureka, hari ivyo twiyima haba kwegera Imana cane kurusha uko twahora. Ikivamwo ku bwuwo mutima urondera Imana; kwezwa, kubohoka, kwuzura Mpwemu Year, guhishurigwa, amavuta, ubwenge buva ku Mana, gukomezwa, hakaba gushira amanga, kugendana n´Imana, agakiza nyakuri kazana ukugororoka.

Yobu 36:1-13

Nehemiah 1:4-11

Nkuko kwishuri tugenda tukiga tukahakura ubwenge, niko n´Imana iyo dufata umwanya wo kuyirondera iduha ubwenge bwayo ariwe Mpwemu Year. Niwe yigisha Nehemiya icakwiriye gukora.

Neh 9:26-31 Ezira 8:21-23

Ezira yarafise impamvu yo gutangaza ivyo kwisonzesha kuko yashaka ko Imana ishitsa ico yavuze kubayirondeza umutima wabo wose. Kw´ikiganza ciza cayoo kizobana nabo, ikagenda ibagirira neza.

Mu gusenga kwacu dutegerezwa kwibutsa Imana imbabazi yagirira Abisirayeli, n´abatwitangiye imbere bose. Kandi natwe bikadukorako ku mitima, izo mbabazi zayo, tukababazwa n´ingene abantu duhemukira Imana, tukibagigwa n´ingoga ivyo yadukoreye, Satani akaronka ikibanza akadukoresha ivyaha.

Nico gituma urugendo ruja mw´ijuru turimwo dukeneye kwezwa gose, tukaba mu buzima bwahinguriwe muri Yesu Kristo.

Erega icubahiro c´Imana kibonekera mu bana bayo iyo bayubashe. Iyo bagendeye mu nzira zayo mu vyo yihanikirije. Amahanga abakikije yarabatinya. Kandi niyo habaye intambara bagenda banesha. Ariko iyo bayita baratsindwa, mpaka bahindukiriye bakayigarukako.

1 Samweli 4:1-11 Zabuli 106:13-15

Sizina rizodutabara ryuko twitwa abakizwa, ahubwo n´uko tuboneka imbere yayo.

Hari iyo idukorera kuko twitirigwa izina ryayo, ariko hari n´ivy´idakora ku bw´icubahiro cayo tuba twasohoye muri twebwe.

Isandugu y´Imana itari kumwe n´abanyavyaha, Imana yihesheje icubahiro mu nzu ya Dagoni kirameneka. Ariko hagati y´abanyavyaha iricecekera.

Rom 7:21-21

Rom 8:1-14

Yesu Kristo twaramuhawe ndetse aturmwo ariko iyo imitima yacu itejejwe naho dusenga hari ivyo ashobora kureka, kuko imitima yacu niyo agomba. Nico gituma dukeneye kuba mu buzima bwejejejwe.

Nico gituma Paul yatakambira Imana ngwimutabare imukize umubiri umutera gukora icaha.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s