Umutima urondera Imana 31.10.2020

Imana irema umuntu wambere ariwe Adamu,yamuremye mw,ishusho yayo, imugira umwana wayo  ikunda.Dusomye mw,Itanguriro 3,tuhabona ubucuti budasanzwe,ubusabane,relation idasanzwe yari hagati y;Imana n,umwana wayo Adamu. Imana yavugana nawe ,ikambubwira igikwiye n,ikidakwiye.Imana kandi yamuba hafi ikamenya ivyo Adamu akeneye. Icaha nico catumwe ubwo bucuti bwononekara,igihe Adamu na Eva bahendwa n,inzoka,bakemera gukora ico Imana yababujije,bagize gutinya bumvise ijwi ry,Imana,barinyegeza…

Imana iranezezwa nabayikunda ,bakayirondeza umutima wabo wose.  Muri kuvayo 34 ,Mose yagize ishaka yo kuyibona, arayisaba ngo imwihishurire,Imana umusaba kuduga umusozi wenyene ngo bahurireyo,kandi imubwira nukuntu yitegurira uyo musi ukomeye.Mose adugana ibisate 2 vyamabuye nkuko Imana yari yavuganye nawe. Maze Imana iramanuka ihura nawe,iramwibwira,imubwira amategeko n,ivyagezwe vyayo ,imuha amasezerano ,kandi Imana yandika yamabwirizwa 10 kuri vyabisate vy,amabuye.

Turahigira cane ko iyo duhevye ibinezera vy,umubiri kubwo kurondera Imana mugusenga  no gusoma ijambo ry,Imana,Imana iratugenderera,itwatwihishurira,ikatwigisha amategeko yayo,ikaduha amasezerano kandi ikavyandika kumitima yacu…

Iyo turondeye Imana ,twambikwa inkomezi zo gushitsa ubugombe bw,Imana.Matayo 26:41 Yesus yaduze kumusozi gusenga ,umutima wari ukunze ariko umubiri wanse. Amasengesho yamuhaye imbaraga zo kunesha ivyifuzo vy,umubiri,ashitsa ubugombe bw,Imana.

Amasengesho aduha imbaraga zo guhindura ibintu,zo gusambura imbaraga za satani zitugira kuba imbata ye.Esiteri 4:14

Amasengesho atuma dukomera mukigeragezo,tukabaho amahoro,kandi tukabona inyishu .1 Samuel 1,Hana yari ababajwe nikigeragezo c,ubugumba na mukeba wiwe yahora amucurira,igihe carageze ava hasi,asubira murusengero asenga Imana.Aho yahakuye amahoro y,uzuye n,imyishu.

Yeremiya 33:3 Imana yonyenye yo nyene gukora,no kubikomeza,iratubarira ngo tuyihamagare iratwitaba,itwereke ivyo tutazi,ivyikinze nivyo tutari bwabone.Gusenga imana havamwo guhishurigwa.

Daniel 9:3-14 Daniel yiyeguriye gusenga,gusaba imbabazi,yatura ivyaha bakoze kandi yinginga Imana numutima w,ukuri ,aciye bugufi maze Imana yumva gusenga ,iharira ivyaha vyabo ,ibakura mumaboko yumubi.

Ugusenga k,umugororotsi kugira ikimazi gikomeye imbere y,Imana.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s