Ubutumwa bwa 17-10.2020
Kugira Ijambo ry´Imana muri twebwe ryuzuye Mpwemu Yera
Ijambo ry´Imana rifise ubushobozi bwo gukuraho ivyananiranye. Niryo riduhindura, niryo ridukiza kandi rikatubohora. Nico gituma abana b´Imana, ishengero ry´Imana dutegerezwa kugira muri twebwe ijambo ryuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Year.
Mariko 11:20-24
Yesu Kristo yaje kutwigisha, kugira ijambo rifise ububasha bwo guhindura ibintu. Kuko iryo jambo rihagarara ku kwizera umuntu afise. Uwariwe wese hakora ukwizera gusa.
Yeremiya 1:4-10 & 11-12 & 17 &19
Ijambo ry´Imana yaduhaye rifise ubushobozi bwose, ushobora kwugara cyangwa ukugurura no gukuraho ibidakwiye.
Nta kindi Imana yahaye Yeremiya imaze kumuhagara atari ijambo ry´ubushobozi.
Ntiyahawe izindi ntwaro z´isi ariko Ijambo Imana ikoreramwo.
- N´Ijambo rya Yesu Kristo riduha kurinda no guhinduka no gushiramanga.
2 Kor 10:3-5&8
Paul yavugako naho turi mu mubiri, abizera ntitugwana mu buryo bw´umubiri, tugwana mu buryo bw´umwuka arivyo bifise ubushobozi imbere y´Imana.
- Ijambo ry´Imana niryo ryaje kuri Aburahamu abwigwa n´umumarayika w´Imana, riti umugore wawe umwaka ugeze aha uyu ugeze azoba yavyaye umwana w´umuhungu. Na Zakariya na Elisabeti mu busaza bwabo niko vyagenze.
Ijambo ry´Imana rirarema. Ku bw´Ijambo ryamanutse ku bwabo, haremeka ivyibwigwa n´ubwenge bw´abantu ko bitagishoboka, barama baravyara.
Imana iba mwíjambo ryayo kandi urifise we agira ubushobozi kuri vyose no ku vyiyumvigwa mu mitima y´abantu.
Matayo 16:16-20
Bikwiyeko tumenya neza Imana twakurikiye n´umwana wayo Yesu Kristo bihagaze mw´Ijambo ryayo.
2 Abami 6:15-19 & 23
Elisa yari afise Ijambo muri we kandi yizeyeko icasavye Imana cyose igikora. Knaid kuko nayo ihagararira Ijambo ryayo igaca ibishitsa.
Abanyefeso 6:10-11-13-16-17-18
Ivyo vyose ntahandi biri kandi tubimenyera atari mw´ Ijambo rya Yesu Kristo, ariryo Jambo ry´Imana. Amen