Kugira Ijambo ry´Imana muri twebwe ryuzuye Mpwemu Yera 17.10.2020

Ubutumwa bwa 17-10.2020

Kugira Ijambo ry´Imana muri twebwe ryuzuye Mpwemu Yera

Ijambo ry´Imana rifise ubushobozi bwo gukuraho ivyananiranye. Niryo riduhindura, niryo ridukiza kandi rikatubohora. Nico gituma abana b´Imana, ishengero ry´Imana dutegerezwa kugira muri twebwe ijambo ryuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Year.

Mariko 11:20-24

Yesu Kristo yaje kutwigisha, kugira ijambo rifise ububasha bwo guhindura ibintu. Kuko iryo jambo rihagarara ku kwizera umuntu afise. Uwariwe wese hakora ukwizera gusa.

Yeremiya 1:4-10 & 11-12 & 17 &19

Ijambo ry´Imana yaduhaye rifise ubushobozi bwose, ushobora kwugara cyangwa ukugurura no gukuraho ibidakwiye.

Nta kindi Imana yahaye Yeremiya imaze kumuhagara atari ijambo ry´ubushobozi.

Ntiyahawe izindi ntwaro z´isi  ariko Ijambo Imana ikoreramwo.

  • N´Ijambo rya Yesu Kristo riduha kurinda no guhinduka no gushiramanga.

2 Kor 10:3-5&8

Paul yavugako naho turi mu mubiri, abizera ntitugwana mu buryo bw´umubiri, tugwana mu buryo bw´umwuka arivyo bifise ubushobozi imbere y´Imana.

  • Ijambo ry´Imana niryo ryaje kuri Aburahamu abwigwa n´umumarayika w´Imana, riti umugore wawe umwaka ugeze aha uyu ugeze azoba yavyaye umwana w´umuhungu. Na Zakariya na Elisabeti mu busaza bwabo niko vyagenze.

Ijambo ry´Imana rirarema. Ku bw´Ijambo ryamanutse ku bwabo, haremeka ivyibwigwa n´ubwenge bw´abantu ko bitagishoboka, barama baravyara.

Imana iba mwíjambo ryayo kandi urifise we agira ubushobozi kuri vyose no ku vyiyumvigwa mu mitima y´abantu.

Matayo 16:16-20

Bikwiyeko tumenya neza Imana twakurikiye n´umwana wayo Yesu Kristo bihagaze mw´Ijambo ryayo.

2 Abami 6:15-19 & 23

Elisa yari afise Ijambo muri we kandi yizeyeko icasavye Imana cyose igikora. Knaid kuko nayo ihagararira Ijambo ryayo igaca ibishitsa.

Abanyefeso 6:10-11-13-16-17-18

Ivyo vyose ntahandi biri kandi tubimenyera atari mw´ Ijambo rya Yesu Kristo, ariryo Jambo ry´Imana.  Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s