Kugwiza ubucuti n´Imana 03.10.2020

Kugwiza ubucuti n´Imana

Ubutumwa bwa 03.10.2020

Agakiza k´ukuri kadushikana kugiranira imigenderanire, ubucuti bwuzuye n´Imana. Ndabasabira nisabira gukunda Imana uko utigeze kuyikunda, kuko vyise niho vyugariye kuko kenshi abantu bakunda ivy´Imana itanga kurusha uko bayikunda. Bigatuma ya migisha ibaboreza bakisanga baranayihevye kandi ariyo ibahezagira.

Twabonye ingene Mose na Aburahamu bakunda Imana, nayo igenda ibana nabo, bakama babona ukugiraneza kwayo igihe cose, mu vyo bacamwo vyose, yabana nabo.

Nico kiduhesha amahigwe menshi mu buzima iyo dukunda Imana.

Ntidukeneye abatwigisha imigisha, ahubwo dukeneye abatwigisha gukunda Imana tugasabana nayo.

1 Petero 1:3-7

Petero yariko ashima Imana yibutsa ishengero ko ryahamagariwe kwezwa, no kwitega ubwiza buzohishugwa.

Pawulo amaze guhura na Yesu Kristo akamubohora, yasize umutima wiwe n´Imana nayo igenda imutabara kandi imwiyereka.

Kuba umutima w´urukundo Pawulo yakunda Imana, umwami Yesu Kristo nawe yabanye nawe muri vyose ikagenda imukiza muri vyose. Nta nahamwe atayibonye. Mukumukiriza amagara mu migisha kandi atayisavye n´ubugingo buhoraho yaraburonse, yagize iherezo ryiza.

Luka 7:1-10

Umugabisha w´abasoda ijana yakoze ibikogwa vyiza, agwiza ubucuti n´abakozi b´Imana, abubakira n´isinagogi. Abarivyo bakoresha mu kumuvugira kuri Yesu Kristo. Ariko we atuma incuti ziwe kuri Yesu Kristo, yerekana ukwizera afise.

Urukundo dukunda Imana nigwo rugwiza ukwizera kwacu, bigatuma tugwiza ubucuti nayo mu kuyikorera tutitayeho ivyo dukeneye. Kuko nayo iciza ikivanga mu vyacu vyose ikabibamwo.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s