Ubutumwa bwa 26.09.2020
Kugarukana amashimwe ku Mana dusenga
Imana yacu, Uhoraho Imana idahinduka yadutoranije itugira abana bayo kugirango igende yerekanira ububasha bwayo ibitangaza vyayo, kugirango igende yerekanira ububasha bwayo, ibitangaza vyayo, kugira neza kwayo, imbabazi zayo no gukomera kwayo, ineza yayo, Ubuntu bwayo, n´urukundo ikunda abo yatoranije kandi yahamagaye kugirango bayiheshye icubahiro, bayimenyekanishe mu mahanga yose, benshi bayihindukirire, abandi bayizere bamenye kwariyo Mana yonyene mw´ijuru no mw´isi.
Yesaya 12:1-6
Iyo Mana yadukoreye ibitangaza, irashaka tuyamamaze, tuvuge ingene Imana yacu igirira neza abayirondera n´abayizeye.
Yesaya 62:6-7
Twarasenze, turinginga, Imana yihesha icubahiro
Yesaya 65: 17-19, Yesaya 35:8 & 10
Iyo Mana yadukoreye ivyo twayisavye, iduha umunezero guhimbagwa n´akanyamuneza kandi uko twavyakira tukabikorera akazi neza uwo muntu bituma Imana igenda imuzigama ikamurinda kandi ikagenda inamugwanirira, kugirango nawe akomeze mu munezer wo kuyishimira cane.
Zaburi 89: 1&2&5-29