Twige kugira imbabazi: kuba mu buzima bw´imbabazi; bwo kubabarira abatubabaje no kwibabarira 22.08.2020

Twige kugira imbabazi: kuba mu buzima bw´imbabazi; bwo kubabarira abatubabaje no kwibabarira

 Ubutumwa bwo kuri tariki ya 22.08.2020

  • Kubabarira n´iki?
  • Ryari wobabarira?
  • Ese ni ngombwa kubabarira?

Kubabarira kugirango ukire.

Gukira kugirango ubabarire

  • Ushobora kubabarira bagusavye imbabazi abagukoshereje canke batazigusavye.
  • Gupfa imbere mu mutima biva ku vyo wahuye navyo ariko ntubabarire kandi nawe ntuvyihane. Benshi baca bihisha bagahunga ngo ntibasubire gukomereka canke kubabara. Bagahunga abantu canke uwaba yabababaje.
  • Ahubwo inyishu iri mu gusubira kur´uwo muntu canke abantu mukiyunga, nubwo we atagusaba imbabazi.
  • Bitagenze uko ubuzima bw´umuntu bupfira ahongaho, naza mpano ntikore, kuko umutima w´umuntu wononekaye.
  • Mu buzima twese dukeneye kubabarira kugirango tubeho neza.

Mat 18:24-35

Kubaho ushavuriye umuntu canke abantu bitera umubabaro wo mu mutima, kandi ukabaho ata mwidegemvyo wo mu mutima wewe no mu bandi. Nico gituma dukwiye kumenya ko ica mbere suko tuba tugiriye neza uwotubabariye gusa, ahubwo n´ukugirango ubwacu tumeregwe neza.

  • Ijambo ry´Imana ritubwiye abantu babiri barik´umwenda ntiyababarira abamuheraniye bike.
  • Imbabazi tugirira abandi sivyo twishoboza ariko n´ingabire iva mw´ijuru. Kuko uwoducumurako niwe yaje kudusanga aratubabarira kandi atariwe yakosheje.
  • N´ikimenyeshoco gucabugufi kwerekana urukundo rw´ukuri ruva ku Mana.

Mat 6:12-15  Mat 5:43-48

 Kubabarira núkureka urukundo rukaja hejuru y´ikibi cakozwe, ni ngombwa yuko iciza kija hejuru y´ikibi.

Imbabazi n´ingombwa kandi zituruka ku biturimwo.

Twibuke ko Petero yihakanye Yesu Kristo, ariko ntiyaretse ku mugira inking y´urushengero rwiwe.

Mariko 14:3-9

Ubuzima tubaho butwereka ko imbabazi ai ikintu gikomeye cane, bijyanye n´imibereho, imyumvire n´ubuzima bw´agakiza.

Benshi bafata imbabazi uko zitari; ubwambere dutegerezwa kubanza kwikuramwo ivyiyumviro uba ufise bikubuza kubabarira, ariko udafukiranye ivyakubabaje. Ukikuramwo ivyiyumviro bikubuza kubabarira.  Kuko usanga ubigendena ahugiye hose kandi ugasanga bigukoresha ahuri hose no mu bantu bose.

Kubabarira s´ukuvuga ngo uribagiwe ivyakubayeko burundu, ahubwo ntaco bigukorako mu mutima wawe mu mibereho yawe, ahubwo urukundo, amahoro yawe n´umunezera wawe vyose ntakiguhindukako.

Luka 23:24-25 &34

Yesu kuko yaje kubabarira kandi ngo atubere akarorero tumwigireko yagiriye imbababzi abamugambaniye, baramwicisha urupfu gwo ku musaraba.

Iyo hatabayeho kubabarira bigatinda bikakubera umusozi udashobora kuduga bikuviramwo ibibazo, umubiri númutima biraremegwa, ukadukamwo ndetse n´ubugwayi bukuviramwo urupfu.

Nk´abashakanye umwe ashobora kubura mugenzi we kandi bari kumwe.

Nta muntu n´umwe afise ububasha bwo guhindura ivyabaye, ahubwo uhindura uburyo ubibamwo, ukabaho utanga imbabazi kugirango wewe ubwawe ubohoke neza.

Umutima w´imbabazi n´ikintu twese abakijijwe, bizeye kandi bakunda Imana itegerezwa kutubanamwo.

Yesu Kristo niwe citegererezo cacu, yaje kutubabarira aritwe twakisheje. Ikimenyetso co gucabugufi n´urukundo.

Yababariye Petero yaramwihakanye aramukunda amugira inking y´urushengero.

Ababarira Pawulo, amugira intumwa igenda imushingira intahe; gushika no ku banyamahanga bose.                                                                                                                                                                                     

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s