Ubutumwa bwa tariki ya 20.08.2020
Ihamagagwa ry´Imana rifatanye n´ukwizera
1 Samuel 16:7 Imana yo mw´ijuru ntiyenda mu guhamagara kwayo be no gutoranya kwayo. Ahubwo ikomeza abo yamagaye (yitoranyije) nabi bagahagararamu gutoranywa kwabo bayizera.
Isai yari afise abahungu benshi, ariko muri bose Imana ihitamwo gutoranya Dawidi kugirango ab´Umwami wab´Isirayeli.
1 Samuel 17: 26 & 31-37 & 42-47
1Samuel 3:1&5 &8-11
Imana irakunda abana cane kandi irabatoranya, ikabakoresha n´ivy´ubuhizi abantu bakuze badashobora gukora.
Dawidi, Sawuli n´igisirikare kiwe bafise ibigwanisha bikomeye bari bananiwe kugwanya abafilisitiya. Ariko Imana kugirango yerekane gukomera kwayo n´ubuhambazi bwayo. N´uko abantu bo baneshwa ariko itaneshwa na rimwe, yaciye mu mwana w´umusore witwa Dawidi.
Umutima wiwe wakunda Imana cane kandi yarayizeye gose atayikekeranyako. Nico gituma Imana yiwe nayo yamukunda kandi ikamugwanirira hama imukorera ibitangaza.
Na Samuel nawe yahamagawe ar ´umwana, atangura kwumva Imana imuvugisha mu buto bwiwe ndetse ataramenya n´ijwi ryayo. Iraheza iramutuma ku muhererezi mukuru ndetse no ku Mwami. Hari na ba Yosefu n´izindi ngero.
Abana bakuriye mu ngoro y´Imana bumva ijambo ry´Imana bakijishwa kwizera. Iyo buguruye umutima bakareka Mpwemu Yera akabakoresha, baba ibikoresho vy´igiciro cane mu vy´Ubwami bw´Imana.
Ivyakozwe n´intumwa 2:16-21