Ihamagagwa ry´Imana rifatanye n´ukwizera 20.08.2020

Ubutumwa bwa tariki ya 20.08.2020

Ihamagagwa ry´Imana rifatanye n´ukwizera

1 Samuel 16:7 Imana yo mw´ijuru ntiyenda mu guhamagara kwayo be no gutoranya kwayo.  Ahubwo ikomeza abo yamagaye (yitoranyije) nabi bagahagararamu gutoranywa kwabo bayizera.

Isai yari afise abahungu benshi, ariko muri bose Imana ihitamwo gutoranya Dawidi kugirango ab´Umwami wab´Isirayeli.

1 Samuel 17: 26 & 31-37 & 42-47

1Samuel 3:1&5 &8-11

Imana irakunda abana cane kandi irabatoranya, ikabakoresha n´ivy´ubuhizi abantu bakuze badashobora gukora.

Dawidi, Sawuli n´igisirikare kiwe bafise ibigwanisha bikomeye bari bananiwe kugwanya abafilisitiya. Ariko Imana kugirango yerekane gukomera kwayo n´ubuhambazi bwayo. N´uko abantu bo baneshwa ariko itaneshwa na rimwe, yaciye mu mwana w´umusore witwa Dawidi.

Umutima wiwe wakunda Imana cane kandi yarayizeye gose atayikekeranyako. Nico gituma Imana yiwe nayo yamukunda kandi ikamugwanirira hama imukorera ibitangaza.

Na Samuel nawe yahamagawe ar ´umwana, atangura kwumva Imana imuvugisha mu buto bwiwe ndetse ataramenya n´ijwi ryayo. Iraheza iramutuma ku muhererezi mukuru ndetse no ku Mwami. Hari na ba Yosefu n´izindi ngero.

Abana bakuriye mu ngoro y´Imana bumva ijambo ry´Imana bakijishwa kwizera. Iyo buguruye umutima bakareka Mpwemu Yera akabakoresha, baba ibikoresho vy´igiciro cane mu vy´Ubwami bw´Imana.

Ivyakozwe n´intumwa 2:16-21

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s