Ubutumwa bwo kw´italiki ya 01.08.2020
Imana irashaka ko dutahura neza urukundo idukunda
1 Yohana 4: 9-14
Iki nico caseruye urukundo rw’Imana muri twebwe , n’uko Imana yarungitse umwana wayo w’ ikinege mw’isi kugirango duheshwe ubugingo nawe.
Imana mu kudutoranya, yadutoranije ataruko twari beza gusumba abandi,kandi yadukuye ahantu hatandukanye. S’uko vyari muri plans zacu gukizwa, ariko n’uko yari plan yayo yari idufitiye kuva tutaranabaho.
Icatumye idutoranya ikaduha agakiza, n’uko intumbero yayo arukuduhesha ubugingo buhoraho biciye muri Yesu Kristo yaduhesheje agakiza.
Tito 3: 3-7
Agakiza n’uguhinduka. Kuva mu buzima bwa kera nabamwo bw’ivyaha kuko napfanye na Kristo nzukana nawe, ndiho ndi icaremwe gisha.
Navutse ubwakabiri, narakijijwe. Nakijijwe iki? Nakijijwe urupfu ruhoraho kugira ndonke ubugimgo buhoraho.
Ndiho ntigenga, ndiho nd’uwa Kristo,ndiho ngo nkore ico yampamagariye. Ndiho ngo nkore ico ashaka apana ico jw nshaka.
Niyaba kubaho kwacu arukugira tunezereze uwadupfiriye kubw’urukundo adukunda, nirinda gusubira muri bimwe yaje kunkuramwo mu kumpa agakiza.
2 Ab´ ikorinto.5: 14-15
Kumenya neza urukundo Imana yadukunze no kurutahura, nivyo bidutuma tuva mu vyaha completement kugira turushirizeho kwegera kimwe yadutoranirije ariko kuduha ubugingo buhoraho.
Urugero: Paul, Fil. 3: 7-11
Paul Yesu amaze kumugendera akamuha agakiza, yahishuriwe neza urwo rukundo rwa Kristo yamukunze, abona imbabazi Yesu amugiriyebimutuma aheba vyose kugira ashobore gufata Yesu Kristo vy’ukuri ubwo buntu ntabutakaze
Niho yavuze ngo ivyahora bimbera inyungu yabonye ko ari ubuhombe kugira ashobore gufata Kristo Yesu vy’ukuri.
Iyo urwo rukundo warutahuye, ni vyinshi uheba kubwa Kristo.
Tutaramwakira Yesu mu mutima haba hari vyinshi bifatanirijweyo, ariko dutahuye urukundo rwiwe dukurayo ivyo vyose kugira Yesu aronke ikibanza gikwiye mu mutima.
Luka 8: 1-3 Abadamu bagendanira Yesu.
Abo badamu batahuye neza urukundo Yesu yabakunze bituma bamukorera batamuva inyuma. Bagize umutima wa reconnaissance y’aho yabakuye bagatanga n’ivyabo.
.