Ubutumwa bwa le 25.07.2020
Tube abasenga b´ ukuri
Yohana 4:1-26 , 39-42
Umusamariyakazi yari asanzwe ahura na Yesumaze arizera. Abantu Imana yaremye basenga ibintu bitandukanye, hari abagiriwe Ubuntu basenga Imana Rurema hari n´abandi basenga ibigirwamana, basenga ibintu. Imana irashaka ko twebwe twayimenye tuyisenga vy´ukuri nico yaturemeye ko tuyishima, tukayikorera, tukayubaha.
Imana yacu, mu bumana bwayo n´ugukomera kwayo mucubahiro cyayo n´Imana ihebuje nico gituma twebwe abo yagiriye neza tugomba kubaho ubuzima buyiramya.
Zaburi 107:1-2
Abacunguwe dushime Uhoraho.
Tubohoke vy´ukuri, kugira turamye Imana.
Kuvayo 8:1 Imana ituma Mose kuri Farawo ngo arekure abantu biwe ngo bagende kuramya Imana.
Satani niwe abuza abana b´Imana gusenga Imana, abateza ivyaha, ubwibone, gukunda iby´isi… Imana ishimwe kubwa Yesu Kristo yaje kutubohora.
Abagalatiya 4:4-7
Imana yacu ni Mpwemu, birakwiye cane ko natwe abana bayo duharanira kuzuzwa na Mpwemu. Tuve mu kwishushanya, Imana iraba mu mutima.
1 Abakorinto 15:35-50
Gusenga: Abaroma 12:1-2 Twegere Imana nayo izotwegera, turondera kuyimenya tugire ubusabana nayo, turondere kuzuzwa Mpwemu Yera.