Dukeneye kugira agakiza nyakuri kabonerwa muri Yesu Kristo wenyene
Ubutumwa bwa le 18.07.2020
Yesu Kristo umwemereye araguhindura kuko nicyo cyamuzanye. Kuko Imana yo mw´ijuru ataciyinanira. Kuko yaje mw´isi ngo duhinduke. Agakiza Yesu yatuzaniye n´ubutunzi budahwanye n´amafeza n´amazahabu abantu bifuza canke baharaniye.
Niko gituma umuntu abohoka wese muri Mpwemu no mu mubiri. Twari dufise ivyaha vyinshi, ingeso mbi na za kameremere mbi, ariko umaze guhura na Yesu vy´ukuri aguhindura burundu hamwe nawe ushobora gushima Imana bikomeye aho yagukuye. “uwo wakijijwe vy´ukuri”.
Abandi nabo bamenye bavuga Imana bumva, ariko batigeze bayireka ngo mu mitima yabo ibahindure. Ningombwa ngo duhinduke.
Abanyefeso 2:1-7
Yesu Kristo yatuzaniye agakiza kugirango duhinduke burundu, dufite ubuzima bwejejwe, bwizeye Imana kandi buyumvira. Nico cerekana ihinduka ry´ umuntu,arivyo binaguhindurigwa ku bantu 2 bari batowe n´Imana.
Umwami Sawuli n´umwami Dawidi.
1 Samuel 15:10-11 &17-25 & 29-30.
1Samuel 16:14-15& 18 & 23
Kubaho m´ubuzima waramenye Imana ariko ntugire kuyumvira n´ikintu Imana yanka cane, ubudadare bw´umutima. Kuko kuba ari ukuyisuzugira.
1 Samuel 24:4-6 & 9-15
Iyaba Sawuli canke Dawidi Imana yari yarabashimye ituma umukozi wayo Samweli kubimikisha amavuta. Ariko Sawuli yumvira abantu, akongera agakora uko yigombeye, bitera uburakari Imana.
Ariko Dawidi we yumvira Imana, agaca bugufi,igihe cose yasiguza Imana, akongera akagira kuyubaha kwinshi no kuyishimira.
Bose bari bazi Imana kandi barayisenga ariko ubuzima bwabo rukristo budahindutse vy´ukuri, batamenekeye Imana nívyikora, ahubwo bakisanga mu kugwanya Imana no gupinza ibikogwa vyayo.
Yesaya 29:13-16 Yes 45:9-13
Abantu bakabaho baramenye Imana ariko babitse ivyaha vyinshi mu mitima yabo. Bigatuma bagenda bavuga canke bakora ibibabaza Imana; bakikwegera umwuvumo.
Abagalatiya 5:16-24 Matayo 11:20-24