Dukeneye gushinga imizi muri Yesu Kristo 27.06.2020

Ubutumwa bwa le 27. 06.2020

Dukeneye gushinga imizi muri Yesu Kristo

Iyo Umuntu afise kwizera nyakuri ariko gushyingiye kuri Yesu Kristo nta kikunyeganyiza kandi hari umusaruro. Ugira umutima spesiale kandi muri vyose ubana hamwe n´Umwami wawe.

 1 Tessalonika 4:1-4

Pawulo yabahanuraga ngo babigireho ingen bakwiye kugenda no kunezereza Imana nkuko nabo bakora. Ariko bo suko kubw´umubiri bari baraguwe neza mu murimo. Ahubwo, umutima wabo wari unezerewe uwo bamenye bahitamwo kugenda bamunezereza kuko bamusobanukiwe.

Gukora ibinezereza Imana suko iwawe biba bimeze neza, ariko n´umutima uba ufise ku Mana n´ingene wugururiye ugatahura muri wewe.

Kuko Imana dusenga s´Imana yiyereka amaso y´abantu kuko n´Imana itaboneka, ahubwo ukutaboneka kwayo niho ugukomera kwayo kwihishije.

Abantu batinya ubwoko bw´Imana aribo b´Isirayeri ariko sibo bari bateye ubwoba, ahubwo Imana yari hagati muri bo niyo yerekana ugukomera kwayo n´ubuhambazi bwayo muri bo. Ikabaha kunesha, igitinyiro n´ibindi.

Kristo Yesu niwe banga ry´Imana rihishijemwo ubutunzi bwase.

Abakolosayi 2:2-6

Dukeneye kumumenya no gushing imizi neza muri we kuko niwe arimwo kumenya no gutahura neza amabanga y´Imana..

Gukora ibinezereza Imana s´ukuvuga ko wowe bimeze neza vyose, ahubwo númutima uba ufise ku Mana, Yesu Kristo nawe akaguha inkomezi.

Rusi 1:6-18, Rusi 2:11-13 Rusi 4:17

Naomi yabajije abakazana ati n´iki gitumye mugomba kujyana nanjye?

Rusi yaramufitiye urukundo rwúkuri kandi amaramaje. Birakwiriye ko tumaramaza gufata Imana no mu kugendera mw´Ijambo ryayo. Iyo wasobanukiwe ugafata Yesu vy´ukuri mu mutima wawe, ivyúzo ucamwo vyose bizokuviramwo umugisha, kandi uzoronka impera ikomeye.

Rusi yerekana urukundo n´ukwizera bitanyeganyega. Arivyo vyanezereje Imana, imuha umugisha ukomeye bose baramwubaha.

Icyo ducamwo cyose Imana ikibamwo ari na satani akoresha kuduca integer. Ariko uwashinze imizi muri Yesu Kristo nta dendebukigwa ngo akike intege.

Nta gutinya Imana kukiri mu bantu bamwe canke kuyubaha. Arivyo bituma Imana ibana nabo ikabatabara canke ikabiyereka. Ariko igihe cyose ikorana n´abayubaha, ikagenda ibagirira neza kuko banezereza umutima wayo.

 Yeremiya 35:6-14 & 18-19.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s