Duharanire kugira umutima wizeye kandi uciye bugufi 13.06.2020

Duharanire kugira umutima wizeye kandi uciye bugufi

Ubutumwa bwa  13.06.2020

Intumbero ya Yesu Kristo kuri twebwe nuko tumwizera kandi tugashitsa ico Data adushakako. Kuko ukora ico Imana ishaka wese iramwemera. Ab´Imana yemera kandi ifise ku mutima nibivuga gutanga vyinshi cyanke ahubwo n´umutima uyifiseko ugakora ukwufise, atco ufise ugakora ico ushoboye.

Nivyo bikogwa vyo kugororoka Imana inezereregwa.

Filipi 2:5-13 Yesu Kristo yaciye bugufi gushika no ku musalaba kugirango twese tuze dupfukame mw´izina ryiwe kandi tugwane intambara yo gusa nawe. Mugukora ibikogwa vyiza arivyo biyihimbara.

Nehemiya 9:7-8 Itanguriro 22:1-3 & 18

Aburahamu yizera bikomeye Imana yiwe, akayubaha, agakora ic´imutegetse cose. Nico gituma Imana yamushimye.

Har´ikintu gishobora kukubuza kujana canke gutambukana n´Imana. Urugero: Mu gihe wewe ucumva yuko ubikora ukubibona canke uk´uvyumva canke ukushaka, hari ikinu uba ugihajije.

Urugero: Aburahamu Imana yamubwiye kujana Isaka ku gicaniro.

Yesu Kristo niwe karorero ko gucabugufi no kwumvira.

Imigambi y´Imana kuri twebwe, nuko dusa nayo kandi tukarushirizaho kugenda dusa nawe.

Gucabugufi nuko ushobora kurekura icufise, icyubahiro, ubutunzi, ubumenyi binakora mu bwami bw´Imana.

Niko Imana itunezeregwa kandi ikagenda idukiza. Kuko hariho intambara cyangwa ivyuhura navyo ushobora kwikiza canke ukuronka ubutabazi mw´isi ariko hari intambara z´indani ataco bigukiza atari Imana.

Nico gituma abaza mu rushengero hari icyo baza biteze kandi ico biteze Imana irabibakorera, ishobora kubaha icyo bayitezeho.

Ariko icyo idushakako nuko dushitsa icifuzo c´Imana mu buzima bwacu.

Yohana 10: 9-11 &14&17&25-30

Mbega wewe urekura iki? Gucabugufi kwawe no kwizera kwawe bigaragarira imbere y´Imana gute?

Haraho ivyufise n´icuri arivyo bigutera kudaca bugufi: icyubahiro, ubutunzi, amashure, ico kikurimwo kigatuma udakora ivy´Imana igomba; ugahusha ubugingo buhoraho, n´umugisha nyakuri.

2 Abami 5:12-13

Gira intumbero mu gakiza kawe. Namani yagiye muri Isirayeli afise intumbero yo gukira imibembe.

Abakristo benshi babikuriramwo, abandi bakazanwa n´ibibazo, hanyuma bigacika umugenzo. Ariko igikenewe nuko ugira intumbero y´agakiza kawe.

Yesu yaje kugirango ashitse ukugororoka kw´Imana muri twebwe. Natwe tubeho uko idushaka.

Ivyakozwe n´intumwa 13:22

Dukeneye ko Ijambo ry´Imana ritumenagura, rikaducisha bugufi, tukagira ukwizera gufise ibikogwa vyiza, arivyo Imana idushakako.

Ivyakozwe n´intumwa 7:13-17.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s