Kumenya uburenganzira bwawe: Tubiheshwa n´imbaraga ziruta izindi 06.06.2020

Ubutumwa bwa 06.06.2020

Kumenya uburenganzira bwawe: Tubiheshwa n´imbaraga ziruta izindi

Turi mu gihe co kwibohoza no kwikuzako imitego yaw a mubi acisha mu bintu vyinshi bitandukanye: ari ibiva mu miryango, ubugwayi butera abantu mu mibiri, imikoshi n´ibindi.

Abantu benshi bakabaho uko Imana itabageze kuko nta n´umwe Imana yagereye kubaho nabi.

Ikibuze nuko benshi batamenya amategeko abashigikira kandi ukayavuga ukagira n´impapuro anke ijambo z´ivyemeza.

Gukoresha izina rya Yesu Kristo twahawe

  • Tubanza kumenyana nawe, tukamukunda hanyuma tukamwizera, akatubera ivyizigiro bizima.  Johana 16:23-27, 1 Kor 2:2-3
  • Ntakuntu womenya uburenzangira bwawe utazi amategeko agushyigikiye, utayasomye canke ngo bayakubwire.

Tugiye kureba amategeko adushyigikiye nitwayakoresha Yesu Kristo aradukorera ibitangaza.

  1. Kumenya ko uri umugororotsi

Bidatewe nivyo wakoze, naho wavutse ariko bitewe na Yesu Kristo. Yiyambuye ugukiranuka yambara ivyaha vyawe vyose.  2Kor 5:20-21 Ab´ifilipi 3:9-10, Yes 53:11

  • Wahawe ubuzima bwo kugororoka nawe yambara ubuzima bwawe bwanduye.
  • Turi abagororotsi ku bwa Yesu Kristo. Niyo ugiye gusenga bumenya ko ur´umugororotsi mu nyonga z´Imana.  Ntiwamenya gusengera mu bugororotsi uzohabwa icusengera.
  • Ufise ubugingo budashira

Yohana 3:14-16 Filipo 2:6-8

Yesu Kristo yambaye umubiri upfa, aradupfira ku musaraba kugirango twebwe twambare ubugingo buhoraho.

Kenshi satani abwira abantu ngo kubwiyo ukoze urarimbutse. Ariko menya ico Yesu yakoze ku musaraba no mwizuka ryiwe. Wahawe ubugingo buhoraho ubitsindishe satani.

  • Ugomba kugira ubwishingizi muri Kristo kandi ivyo bigira ibindi bibishigikiye, arivyo bikogwa vyiza. Kugirango ubirinde, ububere maso ntubuvemwo.
  • N´umuntu ubwiwe abwikuramwo, ariko we yarabuturaze. Haba urupfu rw´umubiri, gukenyuka yabikuyeho; núrupfu rwa kabiri.
  • Umuvumo wo gukenyuka ukuweko mwízina rya Yesu Kristo mw´isi n´urupfu rwa kabiri.
  • Kumenya ko wabaye umunyamugisha

Gal 3:5-9 & 13-14 Yesaya 53:2&3

Umugisha wa Aburahamu ntiwagushikako canke ngo uwubemwo utaratahura uko Yesu yabaye umuvumo wawe. Yambaye ibibi vyawe vyose kugirango wewe ube umugisha kandi uwuheshe n´abandi. Yaje kudukuraho umuvumo n´uburengane, imikoshi, kutubaka n´ibindi. Umugisha ntituwusaba ahubwo tuwurimwo. Umugisha wa Yesu turawufise ariwo wa Aburahamu n´abawe.

Umugisha ntituwusaba ahubwo tuwurimwo.

Yesu Kristo yawuduhaye ahoy aba ikivume ku musaraba ku bwacu. Kandi uwufise awuhesha n´abandi. Rero n´ukuwitwarika.

  • Guhinduka umukire 2 Kor 8:9

Yesu Kristo yabaye umukene kugirango twebwe abamwizeye duhinduke abakire. Amaraso yiwe yamenetse kugirango abizera bose bahabwe umugisha w´ubukire. Wiyumvire ko ur´umutunzi kubwa Yesu Kristo, ubiharanire

  • Amagara meza: Matayo 8:16-17

Yesu yishyizeko indwara zacu zose. Ntabwo umubiri wawe ar´ihema ry´ingwara. Kuko yashyishaguwe ku mubiri ngo twebwe tube bazima. S´ihema ry´ingwara ariko n´irya Mpwemu Year.  Yesaya 53:5

 Ivyo gusengera

  • Gusenda impwemu zívyaha vyizingira ku bantu.
  • Gusenda imyuka yo gukenyuka, ubuzima bubi
  • Kwikuzako imivumo yose, itera ubuzima bubi
  • Kutagira ico bafata, n´impwemu yo gusensagura
  • Kwikuzako ingeso mbi, ubudadarase bimitima

Imana ikweze, iguhe ikiganza ciza, amahoro agutahe. Ube mu kibanza cawe mw´izina rya Yesu Kristo.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s