Imana ihagarara ku ijambo ryayo ikarishitsa 23.05.2020

Hari impamvu nini cane dukwiye kwiyegereza Imana no gusenga nk´aba Kristo, tukaba neza muri yo. Kuko hari amasezerano hari amasezerano yavuze ku bana bayo kandi ico yavuze cose ni ngombwa ngwigishitse.

Guharura 22:6-20

Balamu yanse kurenga kw´ijambo ry´Uhoraho kuko azi ko ridahinduka. Naho ryoca mu muriro ntirisha. Kandi nta muntu ashobora kurihindura ngo agire ico arikozeko. Urugero Farao ntiyashoboye guhindura icy´Imana yatumye Mose ku bantu bayo naho yari umunyabubasha.

Itanguriro 12:1-3 Itanguriro 1:27-28a

Imana yahezagiye abantu kuva ikibarema. Ariko kuko batagumye mu bugombe bwa ica ihamagara Aburahamu n´abazomukurikira irabahezagira. Yamuhaye umugisha ariwo uturiko.

Ni gute Aburahamu yagendanaga n´ Imana?

Yarayizeye n´umutima we wose akabona ko ariyo imubeshejeho. Yarayubaha, akayitinya akaba mu buzima bwejejwe, yubaka igicaniro akayikunda, ivyizigiro vye vyose vyayiriko ayumvira.

Balaki yarungitse abarusha abambere ubwinshi n´icyubahiro guhamagara Balamu, ariko ivyo ntaco bivuze imbere y´Imana kuko ntakiyuritisha.

Guharura 22:27-31-35

Tugwanye cyane kuko niwo udutera gucumura ku Mana. Kuko wo ugwana ngushike kuvyugomba, ugatuma umuntu gukora icyaha, arico bitunyurunya núbugombe bw´Imana canke n´Ijambo ryayo kandi ntimpamwo.

Guharura 23:8-12 & 18-21

Imana yo mw´ijuru ico yakuvuzeko cose izagishitsa. Yaba ari amasezerano, imigisha, imihezagiro.

Ariko kutumvira Imana nikwo kubuza Ijambo ryayo ribashikako ndetse bikabakwegera n´urupfu n´imivumo aho guhezagigwa

Icyagombwa n´ukwezwa no kubera maso agakiza yaguhaye.

Luka 13:31-35 Ivyakozwe n´intumwa 24:17-18a Ivyakozwe n´intumwa 18:9-10

Na Yesu Kristo Umwana w´Imana ic´Ijambo ryamuvuzeko carashitse naho umubiri utamworoheye.

Ntagishobora guhindura umugambi w´Imana ku bana bayo, ahubwo abantu nibo bava mu kibanza bakigira mu bindi. Ivyo bajamwo nivyo bibabuza imigisha no gushika ku masezerano yabo.

Abaheburayo 6: 17-19 Yosuwa 7:1

Turi mu gihe c´ikanguro, ntidusinzire. Ah´umuntu wese ategerezwa gukangurira umutima wiwe kwitega Umwami. Turi mu mahigwe ya 2. Haba mu mahigwe ya mbere canke aya kabiri, icy´Imana yanka núkutayumvira bigadutwara mu caha.

Kuyizera, kuyikunda, kuyumvira, kuyubaha, kuyitinya no kuyishirako ivy´izigiro vyawe vyose Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s