Hari impamvu nini cane dukwiye kwiyegereza Imana no gusenga nk´aba Kristo, tukaba neza muri yo. Kuko hari amasezerano hari amasezerano yavuze ku bana bayo kandi ico yavuze cose ni ngombwa ngwigishitse.
Guharura 22:6-20
Balamu yanse kurenga kw´ijambo ry´Uhoraho kuko azi ko ridahinduka. Naho ryoca mu muriro ntirisha. Kandi nta muntu ashobora kurihindura ngo agire ico arikozeko. Urugero Farao ntiyashoboye guhindura icy´Imana yatumye Mose ku bantu bayo naho yari umunyabubasha.
Itanguriro 12:1-3 Itanguriro 1:27-28a
Imana yahezagiye abantu kuva ikibarema. Ariko kuko batagumye mu bugombe bwa ica ihamagara Aburahamu n´abazomukurikira irabahezagira. Yamuhaye umugisha ariwo uturiko.
Ni gute Aburahamu yagendanaga n´ Imana?
Yarayizeye n´umutima we wose akabona ko ariyo imubeshejeho. Yarayubaha, akayitinya akaba mu buzima bwejejwe, yubaka igicaniro akayikunda, ivyizigiro vye vyose vyayiriko ayumvira.
Balaki yarungitse abarusha abambere ubwinshi n´icyubahiro guhamagara Balamu, ariko ivyo ntaco bivuze imbere y´Imana kuko ntakiyuritisha.
Guharura 22:27-31-35
Tugwanye cyane kuko niwo udutera gucumura ku Mana. Kuko wo ugwana ngushike kuvyugomba, ugatuma umuntu gukora icyaha, arico bitunyurunya núbugombe bw´Imana canke n´Ijambo ryayo kandi ntimpamwo.
Guharura 23:8-12 & 18-21
Imana yo mw´ijuru ico yakuvuzeko cose izagishitsa. Yaba ari amasezerano, imigisha, imihezagiro.
Ariko kutumvira Imana nikwo kubuza Ijambo ryayo ribashikako ndetse bikabakwegera n´urupfu n´imivumo aho guhezagigwa
Icyagombwa n´ukwezwa no kubera maso agakiza yaguhaye.
Luka 13:31-35 Ivyakozwe n´intumwa 24:17-18a Ivyakozwe n´intumwa 18:9-10
Na Yesu Kristo Umwana w´Imana ic´Ijambo ryamuvuzeko carashitse naho umubiri utamworoheye.
Ntagishobora guhindura umugambi w´Imana ku bana bayo, ahubwo abantu nibo bava mu kibanza bakigira mu bindi. Ivyo bajamwo nivyo bibabuza imigisha no gushika ku masezerano yabo.
Abaheburayo 6: 17-19 Yosuwa 7:1
Turi mu gihe c´ikanguro, ntidusinzire. Ah´umuntu wese ategerezwa gukangurira umutima wiwe kwitega Umwami. Turi mu mahigwe ya 2. Haba mu mahigwe ya mbere canke aya kabiri, icy´Imana yanka núkutayumvira bigadutwara mu caha.
Kuyizera, kuyikunda, kuyumvira, kuyubaha, kuyitinya no kuyishirako ivy´izigiro vyawe vyose Amen.