Urukundo Imana ikunda abari mw’isi : Ubutumwa bwo ku wa16/ 05/ 2020

Urukundo Imana ikunda abari mw’isi.

Dukeneye kumenya cane yuko umuntu wese ari mw’isi Imana iramukunda kandi imwifuriza ivyiza; yuko mugihe Yesu Kristo azoza gutoishengero, abamwizeye bose n’abamukurikira , urupfu rwa 2 ntiruzobagirako ubushasha. Ariko bazobane namwe ibihe vyose. Ivyak. n’Intumwa 3 : 16 – 23. Itumwa za Yesu Kristo zagenda zishinga intahe ko Yesu ariwe Kristo, ariwe ukuzuka kw’abapfuye kuzobonegwamwo. Kandi naho ubutumwa bwiza bwari bubaziye  baca bahaguruka kubagwanya, abakuru n’abaganza amasinagogi nama Leta yose akabahagurukira. Ariko nabo bagakomeza kwaturira Yesu Kristo kandi banabinginga ngo bihane.

Ariko Imana yabana n’intumwa, kandi ikanabakoresha n’ibitangaza vyatuma benshi bahindukirira Imana. Nkuko bishe Yesu Kristo, ariko vyari vyaranditswe, niko n’intumwa za Yesu Kristo bazigwanije n’ubwicanyi bwinshi, ariko naho bakora ivyo vyaha bikomeye, Imana ntiyabahevye kuko intumbero yayo n’ukugirango abantu bihane bave mu vyaha, bahinduke bezwe. Ivyak. n’intumwa 22 : 1-21  Ivyak n’intumwa 9 : 20-22 Sauli yari yuzuye ubwicanyi agiga abakurikira Yesu Kristo n’ukutamenya kwinshi. Ariko rwa rukundo rw’Imana n’imbabazi zayo ifitiye abari mw’isi, ndetse n’imigambi myiza ifitiye abo yaremye. Nivyo yiyerekaniyemwo kuri Paul, kugirango wewe nanje tuvyigireko . Yaramuhinduye, imaze kumwiyerekera munzira aja i Damasiko kwica no gushirisha mungoyi abambaza izina rya Yesu Kristo. Imukoresha ibikomeye mukugenda ahindura benshi bakava munzira yokutamenya. Nawe baramugwanije cane kugeza aho bashaka kumwica, ariko Yesu Kristo yabana nawe igihe cose. Kuko ntawukorera Imana mukuri no mu Mpwemu batagwanya, guhera kuri Abeli mukuruwe yishe nizindi Ntumwa n’abavugishwa n’Imana. Yari yaratahuye ibanga ry’umusalaba yarinda umutima, ahubwo agakobereza kuvuga ubutumwa bwiza kubakuru n’abahambaye, n’abandi bose gushika no kubanyamahanga, ababwira ivy’ukuzuka kwabapfuye no gushingira intahe Kristo Yesu. Ivyakozwe n’intumwa 24: 16-26. Imana yagiye imutabara cane kandi iramukoresha bikomeye, benshi baratabagwa.

Ivyakozwe n’intumwa 27: 21 – 36 Paul Abarikumwe nawe bose barakize ibihuhusi bikomeye vyo mukiyaga ndetse nabagomba kwumwica kuko Imana yamuzigamanye n’abasirikare bamutwaye i Roma naho bo bashaka. Ivyo bikatwereka cane urukundo rwayo, rutarabira ivyo turimwo n’ingene tumeze.     Zaburi 34 : 9-10 & 15-19 Ariko  abayirondera n’abayubaha ibakiza muri vyose kandi ikabana nabo, Kandi nta na kimwe bayikenana. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s