Urakeneye gukura mu vy’Imana.
Mugakiza canke munzira y’agakiza, n’urugendo rushasha umuntu ajamwo kandi rukeneye ubumenyi n’ubukure kuko tuhahurira na vyinshi. Agakiza n’ukumenya neza aho wavuye nahuri. Ukamenyako watanguye ubuzima busha, canke urugendo rushasha. Ugatahura neza uwuriwe, nuko ukwiriye kubaho murubwo buzima. 1 Ab’I Korinto 13 : 11-12. Dutegerezwa kwiga no kumenya, kuko nink’umwana avutse canke akiri muto atabazi vyinshi kandi ivyiyumviro vy’umwana, ibikogwa vyiwe canke ivyifuzo vyiwe biratandukana cane nivy’umuntu akuze.
Kwinjira muvyagakiza n’inkishure tuba twiga hanyuma tukaja kwimenyereza akazi, gushira mungiro ivyo twize. Ico gihe abigisha baraza kuturaba ingene dukora kandi bakaduha amanota. ariko tumaze guheza amashure, baduha ibipapuru vy’umutsindo bakaturekura. Ariko mugakiza , turavuka , tukiga kandi Imana ibana natwe kandi igihe cose, ntiyigera idusiga ngo twarahejeje kuko mubuzima bwagakiza umuntu arinda asaza aciga canke arangiza kuri y’isi akiriko ariga. N’ishure ridahera nico gituma dukeneye kwegera cane tukigisha muburyo bwose. Kuko nkuko umwana akura mumashure niko no muri Mpwemu umuntu akura. Mariko 9 : 33-37 Guharura 13 : 1-2 & 30-33 Guharura 14 : 6-11. Intumwa za Yesu Kristo bakir’abana mugakiza, amaze kubabwira kwagiye kubakugwamwo , azopfa kandi azozuka kumusi ugira agatatu akaduganwa mw’ijuru. Batanguye guharira uzosigara abaganza, uzoba mukuru muribo!! Ariko we yaciye ababwirako bakeneye kumera nk’utwana duto, bagaca bugufi kumera nk’abana. Kandi kugomba kuzoba mukuru abanze abe umukozi w’abandi.
Iyo ukiri umwana mugakiza, urabisha amaso y’umubiri, ukarongogwa na kameremere kawe, ivyiyumviro vyawe n’imvugo yawe vyose nta Mpwemu Yera abamwo. Ukoreshwa n’umubiri gusa. Igihe Imana ibariye Mose ngwatume intumwa 12 zitoranijwe mu bakuru b’imiryango y’Abisirayeli. 10 batari bakuze mugakiza bazanye inkuru yagacamutima naho bari abakuru b’imiryango. Ariko 2 Kalebu na Yosuwa bari bakuze muvya Mpwemu bo barabishije amaso abo 10 batarabishije, bibagwiriza kwizera no kurema mumitima yabo kuko bari bazi neza Imana irikumwe nabo. Iyo ukuze mu gakiza ubona ibintu ukwabandi batabibona, ubitahura ukwabandi batabitahura. * Babibonesha amaso y’inyama nawe ukabibona muburyo bwa Mpwemu. Bigaca bituma uko uwakuze muri Mpwemu avyifatamwo sicokimwe n’umwana mugakiza. Nkuko umwana harivyo adashoboye gukora niko nomugakiza bimeze: Harivyo umwana mugakiza adahangana navyo, ariko uwakuze muri Mpwemu kubwo kwizera afise muriwe akabicamwo atakibazo.
Gukura mugakiza s’imyaka umuntu amaze avutse, canke amaze amenye Yesu, ahubwo n’ingene w’igaburiye mw’ijambo ry’Imana no mugusenga. Mpwemu Yera akakugwiriza kwizera no gukomera mugakiza ku musi ku musi. Akakwubakamwo ijambo ry’Imana kwariryukuri mu mutima wawe. AKARORERO: Dawidi yica Goliyati yakoresheje kwizera ijambo. Abaheb. 11: 24-26 Mose amaze gukura yanse kwititigwa umwana w’umukobwa wa Farao ahubwo ahitamwo gucokoranwa n’abana b’Imana, abirutisha ibihimbaro vyose vyari Kwa Farao. Iyo ukuze mu gakiza umenya nezako Ic’Imana yavuze izogikora: Akarorero: Nimba yagusezeraniye : -umugisha, – umuhezagiro, – kugutabara, – kukurinda, – kugukiza n’ibindi…. menya neza udakekeranya kwizobikora kuko niyo kwizegwa ibihe vyose. Ariko ic’igusaba nukugendera muvyagezwe vyayo ukabishitsa nayo igihe cose iteramira ijambo ryayo ngwirishitse. Gusub. muvy.28: 1-11. Iyi migisha yose abantu bashaka kuyishikako ariko ntibashaka kugendera mu vyagezwe, ariko bukure bugusunikira kwubaha Imana no gushitsa ivyagezwe vyayo. Bigatuma Imana nayo igushitsako ivyo yakuvuzeko cose. Gukura mu gakiza n’ikintu co kwifuza cane, nico kugwanira Ishaka kuko Imana iyo uyirondeye urayibona. Kandi Gukura bigutuma udatsinda kuko ukurimwo yaranesheje muri vyose. Amen.
Ayo majambo aranyubaka nanj ndipfuza gutera imbere muvy’agakiza.