Dukwiye kubaho mu buzima bunezereza Imana.
Imana yo mw’ijuru irakunda abantu bayo cane, kandi ikanezeregwa nuko tubaho neza. Ariko ikitubeshaho nabi kirushirije ibindi vyose n’icaha. Arico cazanye Yesu Kristo mw’isi. Kugirango abidukuremwo, tubeho neza, kandi duhabwe ubugingo buhoraho. Yohana yarinteguza ya Yesu Kristo, yaje abwira abantu ngo bihane bave muvyaha, basene inzira y’ibirenge vyabo. Matayo 3: 1-10. Bamujeko ari benshi ndetse n’abafarisayo, arababwirango bihane bahindukire, bame imbutozikwiranye no kwihana.
Luka 7: 36-50 Mariko 14 : 8-9
Iyo umuntu yihanye n’umutima wiwe wose binezereza Imana cane. Umufarisayo yatumiye Yesu Kristo ngo amugaburire basangire, ariko nta mutima wejejwe no gucabugufi yarafise. Kandi ntiyamwakiranye umutima w’urukundo. Ariko uwu mugore wumunyavyaha we yaje aririra ku birenge vya Yesu akabihanaguza umushatsi wiwe mugusaba imbabazi. Amusiga n’amavuta yigiciro amutegurira guhambwa kwiwe. Yerekanye ibikogwa n’urukundo rwinshi rurimwo kumeneka mukwihana ivyaha vyiwe. Ariko umufarisayo we yaca imanza gusa. Yesu Kristo yababariye ivyaha vyose uwo mugore w’umunyavyaha kuko yihanye n’umutima wiwe wose. Luka 15: 7 Umunyavyaha 1 iyo yihanye mw’ijuru bavuza impundu.
Abantu bakunda gusenga cane kenshi, bagasaba ivyo bakenye nivyo bifuza, ariko mu mitima yabo ata kubohoka vy’ukuri bafise. Ata nzara n’inyota y’ijuru bafise. Bavuga n’ubutumwa bagakora niyindi mirimo itandukanye y’Imana, ariko mu mitima yabo ata kubabarira, inzigo , irari ry’ivyisi, ubusambanyi, ububeshi n’ibindi vyinshi……Ese Imana yoguha vyooose ugahusha ubugingo vyokumarira iki mwene Data ? Yesu Kristo yaje ngo dutegure imitima , twezwe, kuko utejejwe atazobona Imana. Kandi iyo twejejwe n’ibikogwa vyose dukora vy’Imana birayihimbara. Yesu Kristo yaje agendera abanyavyaha kandi asangira nabo, arintumbero yokubakiza ivyaha vyabo, akababohora, bakinjira muruvyaro rwa Aburahamu.
Iyo Imana ikwishimiye ugira amahoro menshi, kandi ukagira umwidegemvyo uhereye imbere mu mutima. Zaburi 32 : 1-2 & 5-8 Ivyak. n’int. 13: 22 Ikintu catumye Imana yishimira Dawidi nuko yarafise umutima uciye bugufi, wihana kandi umenetse gose. Yakunda Imana, akayitinya kandi akayubaha cane. Iyo akoze icaha vyamurandura umutima akavyihana vyose ataco ahishije cankasize. Nta kindi na 1 Imana yo mw’ijuru idushakako ataruko twezwa. Tukava mubikogwa vyawa mubi, mungeso ziwe na za kamereremere mbi. Tugahinduka gose, tugakora ibikogwa vyo kugororoka, tutagira ijwi ritwagiriza. Ico gihe nayo ibana natwe, Umumalayika wayo akama adutabara ibihe vyose. Daniel 6 : 18-24.Amen