Ubutumwa bwa le 19.04.2020
Ubuntu bw´Imana bwatuzaniye agakiza 19.04.2020
Tito 2:11-14 Ijambo ry,Imana ritwigisha ico ubuntu bw´Imana bwatuzaniye. Ubuntu bw´Imana bwaraserutse, buha abizeye Imana agakiza.
Nibwo butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n,ukwifuza ivy,ivyisi.Bukatwigisha kwama tudahugumba,tugororoka,twubah, Imana mugihe ca none.
Urugero turusanga muri Luka 19:1-10 Yesus yinjiye mugisagara aho Zakayo umutozakori yaba. Hari isinzi y,abantu bituma Zakayo yurira igiti ngo ashobore kubona Yesus.Yesus abwira Zakayo ati:Zakayo ururuka vuba ,kuk,uyu munsi nkwiye kurara i wawe.Zakayo amwakirana akanyamuneza.
Abari aho batangarira ingene Yesus agiye kurarira umunyavyaha.Zakayo arahagarara abwira Yesus ko agiye gutanga umugabane wivyatunze akawuha abakene ,kandi ko asubiza incuro zine abo yagunze.
Mpwemu Yera aratwinginga ngo natwe dusuzume ubucuti bwacu n,Imana aho bugera.Imana yacu ntihengeshanya kutugirira ubuntu,ubuntu bugeretse kubundi .Mbega ubwo buntu budushikana kugakiza,kwihana , guhindukira no kwiha Imana ngo tuyikorere?
Abaheburayo 2:1-4 haraduhanura ngo ntitwanjanjwe kugakiza,twagahawe na Yesus umukiza wacu ,yitanze ,akaduphira kumusaraba.
Abisirayeri babaye muri egiputa,batwazwa igitugu ,bakoreshwa imirimo ikomeye n ,umwami Farawo, binginga Imana ngo ibatabare. Imana yumva gusenga, ihagurutsa Mose ,imukoresha ibitangaza bitera Farawo kubarekura. Abisirayeri bamaze gutabagwa,bibagira Imana yabo, basubira inyuma mu mitima yabo, bibumbira ibigigwamana,barabiramya. Ivyakozwe n,intumwa 7:39-41.
Twame twibuka ubuntu twagiriwe,twibuke aho Imana yadukuye,bidutere kuyubaha no kuyihesha icubahiro.
Dukwiye gukura mu vyImana, tugashika kuvyo gutunganwa gose kubera igiye kiregereje ko Yesu aza gutora umugeni wiwe. (Abaheburayo 5:13-14)
Twiyambure umuntu wa kera ,twambare musha ,duhinduke gose mungeso zacu ,duse na Yesus (Abanyefeso 4:21-24).
Tubishobozwa na Mpwemu Yera, niwe mufasha twahawe, ayobora, abakiriye KRISTO, bakemera ko ababera umwami numukiza.(Abaroma 8:9)