Iki n’igihe co kwuzuzwa inkomezi nsha: Ubutumwa bwo ku wa 04/04/2020

Iki n’igihe co kwuzuzwa inkomezi nsha.

Kuko tur’abantu kandi twambaye umubiri, umuntu wese arashobora guhura n’ibimuca intege, kandi bikamubuza n’amahoro, umutekano wiwe ugahungabana. Abantu bakaba mu mubabaro, amarira n’agahinda , hamwe ata wundi muntu n’1 afise ubushobozi bwo kuruhura abantu canke bwo kubakomeza. Ariko mu Mana honyene niho inkomezi ziva no gutabagwa kw’abantu bayo.

Yesaya 40 : 27-31 Ntahandi hari ukudacika intege no kutadendebukigwa atari mu Mana honyene. Kuko abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha. Nico gituma Yesu Kristo yahamagaye abananiwe n’abaremerewe ngo baze abaruhure.              Matayo 11: 28-30. Umuntu wese yambaye umubiri ashobora kuja muntege nke, na Yesu Kristo ar’Imana ijana kw’ijana kandi akaba umuntu ijana kw’ijana, yaragize integenke aduga kumusozi gusenga, arasenga ngw’Imana imurenganye ico gikombe, ati ariko bibe ukugomba ataruko ngomba. Luka 22: 39-46. Ncuti z’Imana na Yesu Kristo umwana w,Imana nzima yagize integenke asengana umubabaro kuko yabona igikombe kirimbere yiwe cingene agiye gukoregwa, umubiri uranka. Ariko kuko yaja kumusozi gusenga, niho yaherebwa inkomezi, Umumalayika w’Imana akaza akamwongera inkomezi, rya sengesho ararihindura, asaba ubushake bwa Data. Nico gituma n’intumwa nazo yazikanguriye gusenga, aho bacitse intege basinziriye, ati vyaka musenge kugira ntimuje mumosha mabi. Igihe turimwo abantu benshi barasinziriye, ariko nigihe co kwikangura bakambara inkomezi. bakaja mw’ijambo no gusenga nkuko Yesu Kristo yabikoze. Kuko nico citegererezo kizima cacu.

Eliya yarumuvugishwa n’Imana akomeye, ndetse yategetse n’izuba rigahagarara, abarira umwami w’Abisirayeli Ahabu ati imvura ntizosubirakugwa mugihugu atarije ndabivuze, biba kuno. 1 Abami 17: 1. ariko kubw’umubiri twambaye utujana muntegenke kubwivyo duhura navyo, vyatumye umuntu w’Imana akomeye nka Eliya atinya Yezebeli amutumyeko kwatagenda atamwishe. Eliya aragenda yinyegeza mugitandara c’ibuye, asenga abwira Imana ngo ivyiwe nibigarukire ngaho, ipfume imwica kuko ataruta ba sogokuruza. 1 Abami 19: 1-8 Ariko Imana imurungikira Umumalayika amuzanira umutsima n’amazi, aramukangura amusanze asinziriye, ngwavyuke arye kandi anywe asubizwemwo inkomezi, kuko urugendo rukiri rurerure. Mwene Data ntahandi na hamwe duherebwa inkomezi atari mugusenga no mw’ijambo ry’Imana.

Imana yaduhaye ingabire ikomeye cane ariwe mwana wayo Yesu Kristo. Muriwe harimwo gutabagwa, amahoro, guhumurizwa, umunezero, inyishu ubugingo buhoraho ndetse n’ibindi vyiza vyose. Muriwe nta rupfu rwa 2 ruriyo, nico gituma wewe utaravuka ubwa 2 ukeneye kumwakira , ukaronka ubugingo. Kuko uwavutse ubwakabiri atarupfu rwa 2 uzobona kuko nurw’umubiri Yesu Kristo avugako dusinzira gusa. Ariko utavutse ubwakabiri, uzopfa urwumubiri n’urupfu rwa 2 arigwo rubabaje cane. Yohana 3 : 14-18 Aratubwirako Yesu Kristo ataje kuducira urubanza abari mw’isi ariko yaje ngo duhabwe ubugingo buhoraho. Kandi abari muri we atarubanza ruzodutsinda kuko twatsindanishirijwe muri We. Niwe nkinzo yacu n’inkomezi zacu ibihe vyose. Zaburi 84 : 5 & 7 ; Zaburi 91 : 9-13 Ico umukristo wese akeneye nukuba mw’ijambo ry’Imana no mumasengesho, ukahigishirizwa, ukahamenyera ukuri, ukaharonkera ingaburo rigukomeza murugendo rwo muri kino gihe kitoroshe abantu bari gucika intege no kwiheba muri vyinshi cane, ugahungira mu Mana ndetse ukamugira uburuhukiro bw’umutima wawe. nawe agushika kuco yaguteguriye kandi akakwuzuza inkomezi zidakugwaho nikigeragezo na kimwe. Amenkandi Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s