Tugire ukwizera Imana gushikamye mugihe nkiki. Ubutumwa bwo ku wa 21/ 03/2020

Tugire ukwizera Imana gushikamye mugihe nkiki.

Turi mugihe kitoroshe abantu bafise ubwoba bwinshi haba mugihugu cacu ca Norvege ndetse no mw’isi yose. Kuko twambaye umubiri, kandi ikiza cateye kikaba gihitana abantu bakagwara, abandi bakanapfa. Ariko Imana yo mw’ijuru ishimwe cane yo itagira ubwoba, kandi idatinya ikintu na 1, kandi izi vyose ndetse igashobora vyose. Nta na 1 muri yo kidashoboka, kandi ntakiyinanira, hamwe nuko ataco ihishijwe. Igikenewe nuko tuyirondera tuyizeye nayo igaseruka muvyo tuyitakambiyeko.

2 Ngoma 20 : 1-4 &15 &  20 & 30 Umwami Yehoshafati aronse inkuru imurandura umutima bati uratewe n’ibihugu vyishize hamwe bihaguruka kumutera ngo bibarandure. Yirutse kurondera Imana, akoranya Abisirayeli bose n’abi Yerusalemu bose abagabo, abagore n’abana bose biyegurira gusenga binginga Imana bakobeje bisonzesheje ngo ize ibatabare. Kubwo guca bugufi kwabo no kuyinginga basenga bayizeye, nayo ntiyatevye kubagendera, Mpwemu w’Uhoraho aza ku mu Lewi, arababarira ati ntaco mutinya canke ngo muranduke umutima kubwayo masinzi y’ingabo, kuko intambara atariyanyu ariko niy’Uhoraho. Ababwira ico bakwiye gukora nkuko Uhoraho abimuhaye. Umwami nawe abahagarara hagati, arabahanura ngo bizere Imana yabo babone gushikama kandi bizere n’abavugishwa nayo babone gushikama. babikoze kuno igihugu ca Yehoshafati kigira impore, kuko Imana barondeye imuhaye umutekano impande zose. Uwizeye Imana wese n’ijambo ryayo, biramukomeza kandi bikamuhumuriza.

2 Abami 6: 26 . Igihe Beni hadadi yicisha inzara i Samariya, umugore umwe yagiye gutakambira umwami ngamutabare. Yamubwiye at’Uhoraho atariwe agutabaye jewe ico nogutabaza nogikura hehe? Kuko nk’umuntu nawe ubwiwe vyari vyaramuyobeye, ariko yaraziko Imana yabo ishoboye kubatabara.

Zaburi 118 : 6 – 9       Abaheburayo 13: 6 

Dawidi yarafise ukwizera Uhoraho gukomeye. Ariko uwumubiri vyaracamwo akagira ubwoba nkabandi bose, ariko akibuka urikumwe nawe, umwe yamushoboza kwica Goliyati, Sauli n’ ingabo zose bananiwe. agasubizwamwo intege, agahagarara mukwizera, ubwoba bugashira , kuko azi neza Uhoraho Imana iri muruhande rwiwe kwatakiyinanira. Kandi kuko Imana yizeye yarikumwe nawe, yama atsinda , ntiyigeze atsindwa na rimwe. Uwizeye Imana wese afise ikintu gikomeye, afise amahoro ava ku Mana, yatanzwe n’Umwana wayo Yesu Kristo. Yohana 14 : 25-27. Igituma Yesu Kristo yadusigaranye amahoro, agahumuriza imitima yacu, nuko yarazi yuko igihe nkiki kizobaho, ibihe bigoye tuzobicamwo kuko turi mw’isi. Kandi umufise wese, amahoro yaduhaye ntahera kandi ntasaza, ntanikiyadukurako tumufise mu bugingo bwacu.

Ab’i Kolosayi 3 : 14-16 Anatubwira ngo dukundane , kuko ufise Kristo Yesu muriwe, icambere kimuranga n’urukundo dukunda abandi. Nico gituma mugihe turimwo ico dukwiye gukora kandi cingenzi nukwama ugwo rukundo, mugusenga no mugusengera abandi. Tugasengera igihugu ndetse n’isi yose. Hari benshi cane bagwaye ndetse nabariko barapfa ntakindi bakeneye Atari amasengesho, gutabagwa kuvuye kurimwe ishoboye vyose. Ndetse nakino kiza itabare ikirangize kubw’imbabazi zayo. Amen

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s