Uhoraho niwe Mana ikwiriye icubahiro yonyene: Ubutumwa bwo ku wa 14/03/2020

Uhoraho niwe Mana ikwiriye icubahiro yonyene.

Ababa mw’isi bose dukeneye kumenya yuko har’Imana yaturemye , ikarema n’ibiri mw’isi vyose, ibiboneka nibitaboneka. Kandi vyose vyaremewe kuyishima no kuyiha icubahiro. Duhereye ku mwana w’umuntu tukageza no kuvyaremwe vyose. Kuko ar’Imana y’icubahiro, nziza , y’urukundo rwinshi cane, yuzuye imbabazi kandi ikagira ubuntu bwinshi no kugira neza kwose kandi ibihe vyose.

Zaburi 135: 1 & 5-7 & 13-14.  Zaburi 136: 1-9.  Umusavyi w’Uhoraho Dawidi yari yarahishuriwe ibanga rikomeye ryo kumenya ibanga rikomeye ryo kumenya gushimira Imana. Avuga gukomera kwayo, ububasha bwayo, imbabazi zayo nibitangaza vyayo bihebuje. Akavyatura, akayishima yongera ayihimbaza yuzuye Mpwemu Yera. Hamwe natwe twese tubisoma mu gitabo Ceranda natwe dufatwa nuwo Mwuka wo gushima wari muriwe. Kandi twese nico twaremewe kuyihimbaza.

Ariko abantu batwarwa n’isi cane kuruta uko barondeye Imana. Bakurikira ivy’isi , barondera ibibahimbara aho gukora ibihimbara Imana yabaremye, bigatuma ya Mana y’Icubahiro bayivako, bakayibagigwa ndetse benshi bakaba baranayivuyeko, bayikavye n’ibindi. Imana yabaremye atakibanza ikibafisemwo mu buzima bwabo. Benshi bishimiye ubutunzi bwabo, abandi amashure, abandi ubuzi, bashizeho ibigigwamana bitandukanye bareka Imana Rurema.  Itanguriro 11: 1-9 Imana imaze kurokora Noa n’abana biwe, yabahaye umugisha irabagwiza, ibaha imigisha myinshi n’ubutunzi bwinshi, ibagira abantu bakomeye. Igera ko buzura isi kuko yari yarayimazeko abantu. Ariko bo baja inama yo kwiyubakira igisagara kinini, kandi ngo bagishiremwo umunara bawubake ushike kw’ijuru. Bironkere izina rya rurangiranwa. Kuko bose bavuga ururimi rumwe nkuko bari bakomotse ku mugabo umwe. Bibagiwe ah’Imana yabakuye ningene aribo yarokoye bonyene mw’isi yose kubwa Se Noa yubaha Imana akayumvira. Imana ibabazwa niyo migambi mibi y’abo yasigaje mw’isi. Ariko kubwimbabazi zayo nyinshi arizo ziyiranga ntiyabishe, ariko iribwira ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mukuvuga. Kuko ntaco batazoshobora gukora kuko bavuga ururimi rumwe. Iraruyoberanya, ntawasubiye kwumvikana nuwundi, irabasanzariza mw’isi yose.

Ntawundi n’Umwe akwiye guhabwa icubahiro, Atari Imana yonyene. niyo ikwiye kuba rurangiranwa mw’isi yose. Yarabashanzaje mw’isi, ariko ntiyabishe. Kuko ntihimbagwa nuko umunyavyaha apfa ataruko yokwihana agahimdukira, akihana akabaho. Ivyo vyagiye biba kenshi. Nigihe ikuye Abisirayeli muri Egiputa, yakoreye ibitangaza bikomeye imbere y’amaso yabo, ariko imaze kubajabutsa ikiyaga gitukura, ntivyababujije guca bayicumurako, bakifuza gusubira muri Egiputa.  Nuwu musi niko biriko bigenda, abantu barabonye Imana ibatabara muburyo bukomeye. Yaduhaye Yesu Kristo umwana wayo araza araducungura, adukurako ibicumuro n’ivyaha vyose twagenderamwo. Yitanga kubwacu, kugirango umwizeye wese ahabwe ubugingo buhoraho. Ariko ukuza Kwa Yesu Kristo abana babantu ntibakwakiriye nkuko yabigabiye, nabamwakiriye benshi baramuvuyeko. Nico gituma umusavyi w’Uhoraho Dawidi yavuze muri Zaburi 119: 125-128 & 132         Zaburi 12 : 1-4  Yatabaje Imana kuko abayubaha baheze, bahinduye ubusa ivyagezwe vyayo, kandi nabo kwizegwa baheze mu bana babantu. Yaratabaje ngo itabare abo yaremye kuko ibicumuro n’ibigabitanyo vyabaye vyinshi. Bataye inzira ya Yesu Kristo ariyo yo kugororoka , bahindukiriye ivy’isi gusa kandi arivyo bibica. Bataye amasezerano y’Imana ariyo aturinda kandi akatubeshaho. Ivyah. Yohana 3: 7-13 Imana irashaka tugwane intambara Yera yokuguma muri yo, niyo yo kuja mw’ijuru. Yaradusezeraniye ko izoturinda ikiza kigiye gukwiragira mw’isi yose. Mukuba muri Kristo nihoturindigwa intambara zamoko yose, ivyaha, n’ingwara zivyaduka n’ibindi. Kuko yaje kuducungura none azogaruka gutora abamwiteze bose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s