Izina rya Yesu Kristo rifise ububasha n’ubushobozi.
Imana yadutoranije , iduha Umwana wayo Yesu Kristo ikunda cane. Aduhamagara ngo tumwizere turonke ubugingo buhoraho. Yesaya 53 : 4-6 & 10-11.
Imana yaremye umuntu ari mwiza cane kandi afise ububasha n’ubwiza bwinshi. Ariko icaha kimaze kuza m’umuntu, kimukuramwo ububasha, asigara yibonamwo integenke n’ubushobozi buke. Icaha kikamunesha, kandi bamwe bakamana agahinda n’umubabaro bibaza ngo ntawubakunda kandi ivyabo vyose ntibimeze neza ntakigenda, bakiyita abanyamikoshi n’ibindi bibi biyaturako, bakavyiremamwo bakavyemera. N’abandi bavugako bafise ibikomere vy’ababagiriye babi , bongerako nibindi bita ibikomere vy’ingorane bagenda bahura nazo mu buzima. Vyose bakavyiremamwo, bakagenda bose arabanyamibabaro. Benshi ugasanga bafise amajwi ababwira kwatanubakunda, bakabaho biyanse mu buzima kandi bamwe bakabaho barashishwe ndetse badakunda n’ abandi. Ivyaha vyarabaye vyinshi mu bantu, bituma haba inama mw’ijuru yuwoza gucungura umwana w’umuntu. Nico gituma Yesu Kristo yaje gucungura umuntu, aza ngo tuve mu vyaha vyacu ndetse adukure no muriyo mibabaro yose abantu bakiriye bakemera. Matayo 11 : 25-30. We yazanye ubugingo n’amahoro atagabanije, ngumufise wese kandi amwizeye, aronke ubugingo buhoraho. Agendane amahoro n’umunezero mu mutima wiwe, ivyo vyose umuntu yahorana mumutima atarahura na Yesu Kristo, vyose abimuhe, nawe amuhe ibimurimwo ariwo mwidegemvyo wo mumutima, n’ukwezwa n’ukugororoka.
Yohana 6: 24-30 Abantu baritiranije ibintu, kuku babona Yesu Kristo agenda abagaburira imikate n’amafi, bamukurikira ari benshi cane, ariko arababwira ati ntimundonderera ikindi atarimikate mwariye, ati mukorere ivyokurya bihoraho ntimukorere ibiyoka. Arababwira ativyokurya bihoraho nuko bomwizera kandi bagakorera Imana nzima.
Matayo 12 : 15-18 & 21 Yesu Kristo abamuzako bose yabakiza bose uko bangana. Izina ryiwe riramamara hose rishika no kubanyamahanga. Nkuko umuvugishwa n’Imana Yesaya yavuze ati kandi iryi zina rya Yesu Kristo abanyamahanga niwe bazokwizigira.
Dukwiriye kumwizigira gose kandi tukareka iryo zina rya Yesu Kristo rikaduhindura gose, tukava muvyaha no mubigabitanyo abantu bagenderamwo. Tugacakira ubugingo buhoraho, tukabaho mubuzima bwejejwe kandi buhimbara Imana . Aribwo butuma tubaho neza no muriy’isi yanduye, tugakorera Umwami wacu n’imitima ikunze kandi y’ukuri. Niyo yaza gutora ishengero aze asange tumwiteze. Amen.