Menya ububasha Imana yaguhaye.
Muyandi majambo : Menya uwuriwe muri Kristo Yesu. Imana yaradutoranije itugira abantu bakomeye muri yo. Nkuko ariyo iri muri twebwe kandi nkuko ariyo idukoresha. Igikenewe nuko twemera gusa.
Abacamanza 6: 11-26 Umumalayika w’Uhoraho yiyeretse Gidiyoni akamubwira ivy’Imana imutumyeko, we yarikengereye cane yiravye imbere n’inyuma n’inkomoko yiwe nuwariwe. Abona ko gose bidashoboka kandi atanavyibonamwo. Ariko Imana yo ikamubonamwo kwari umunyenkomezi. Kuko Uhoraho niwe yari yahisemwo kwagiye gukoresha mugutabara ubwoko bw’Abisirayeli, kandi kw’azobarikumwe nayo. We yiraba kugiti ciwe, ariko siko Imana yamubona. Kuko twebwe ntaco turico ariko hariho Imana irimuri twebwe kandi niyo idukoresha.
Gidiyoni asavye ibimenyetso Imana, Umumalayika w’Uhoraho yamweretse kw’ibuye ngwabe ariho asuka ikimazi, nawe agitungako inkoni yari yitwaje hakamwo umuriro. Uhoraho amubwiye ngwasangangure igicaniro cibigigwamana kiri Kwa se, akanamurangira ikimazi aja kumushikanira kivuye munka za se, yamweretse igitandara amwubakirako igicaniro kandi akamushikaniraho ico kimazi. Vyose ivy’Uhoraho yamubwira vyakoregwa kw’ibuye. Iryo buye ryavuyemwo umuriro niryo ryavuyemwo amazi Abisirayeli banywereye mu bugaragwa, niryo Yakobo yiseguye akarota icuririzo gishika mw’ijuru. Iryo buye niryo Yesu Kristo, urutare rutamenwa nikintu na kimwe kibaho.
Twebwe hari ububasha n’ubushobozi bwayo Imana yaduhaye. None ikibibuza gukora nigiki? Vyapfiriye he? Abanyefeso 1 : 15-23 Imana yaduhaye itunga ry’ubwiza bw’ishamvu ifise mubera. Iduha ubwinshi bw’ubushobozi buhebuje ikoreshereza muri twebwe abizera, nkuko kwagukora kwayo kungana, ukwo yakoreye muri Yesu Kristo.
Abantu benshi bafise ukwizera kwo kutabura ico barya nico bambara, canke aho baba, akazi n’ibindi…..Bakavuga bati kuko dufise Imana ikomeye. Ego nivyo, ariko sico gusa wokwizerera, kuko Yesu Kristo sico yapfiriye kandi sico yadutumye. Yadusizeho ngo duhindure isi, amahanga yose amumenye kwariwe Mana. Twahawe gukandagira inzoka naza sikorpiyo, no gusenda abagayimoni. yadutumye guhindura isi , noguhindura amahanga yose kuba abigishwa ba Yesu Kristo, ariko isi niyo iriko iraduhindura. Turabe ingene agaciro k’abana b’Imana turiko turagatakaza, kagenda kagabanuka, ariko twaragahawe 100%. None bipfirahe??? Igikwiriye nuko haba ikanguro, tukigishanya, tugakomezanya, tukanabisengera cane kugirango umwe atwigisha tukanyugwa tugatahura neza, kandi ariwe aduha na Mpwemu Yera aze atwigishe natwe dukore. Kuko yaduhaye ububasha bushobora guhindura isi abana b’Imana. Amen Amen