Tumenye neza Imana dusenga kandi dushikame mukwizera.
Hari ibintu bitatu umukristo akeneye mu rugendo rwagakiza turimwo bizotuma adatsindwa, kandi ntacike intege:
- Nugusobanukigwa neza ubushobozi bw’ Uhoraho Imana nyen’ijuru n’isi.
- Nuguha agaciro ijambo ryayo no kuyimenya.
- Kuyizera udakekeranya nagato mugukora kwayo. Duhereye kuri sokuruza wabizera Aburahamu, yarazi Imana yamuhamagaye kandi yizera ijambo ryayo. Kuko niryo yumvira rigaheza rikamubeshaho. Kuko yagenda akora ico Uhoraho amubariye cose kandi adashidikanya na gato Iyo Imana yavuganye nawe. Itanguriro 13 : 15-18 . Aburahamu nubwo yarasigaranye aho umengo ntakirimwo ari umugamba w’ibiti gusa. Yanezerewe n’ukwavuganye n’Uhoraho agiye kuhamuhera umugisha n’amahoro azohagirira. Ntiyarabishije amaso y’umubiri Imana imubwiye ngo aheraguze hose kuko niho amuhaye we n’uruvyaro rwiwe. Kandi vyamubereye kuno. Ariko Loti yakoresheje amaso y’umubiri agahitamwo ata Mpwemu Yera amurongoye kandi ata Mana yavuganye nawe, yahereje kuhahunga, igihugu kirubikwa. Yesaya 7: 3-9 , Yesaya 8: 9-18. Imigabo n’imigambi y’Imana yonyene niyo idashobora guhindagurika; kandi ntakiyinyiganyiza. Ariko abasigaye twese, ivyacu bitari mu mugambi wayo ishobora kubikuraho. Umwami Ahazi naho abami bibishirira bari bishize hamwe ngo bamugwanye. Imana yaramubwiye kwiyo migambi yabo itazoshika kandi niko vyagenze kuko yayizeye. Yemera ijambo ryayo, ariryo ridukiza gusa. * Uhoraho Imana nyeningabo dukwiye kumwizigira we nyene. Ubuzima bwacu bukaba muriwe, ingo zacu, ubuzi dukora, ama projet yacu n’ibindi…. Kuko Vyose Imana ibirimwo ntakizobinyiganyiza, kuko ihindura imigambi y’amahanga ubusa kandi icikora ntawukibuza. Dukeneye Dukeneye kumwizeza imitima yacu yose, ntidutinye ikintu na 1, tumukurikire, tumushireko imitima yacu yose. Kuko vyose biva mu biganza vyiwe. RB: Umugwanizi kenshi ateza ubwoba abantu, ariko ubwoba nibwo bubakoresha icaha. – Kutizera navyo bikoresha abantu ivyaha kuko baja mukwigwanirira. – Kutamenya neza Imana ngo basobanukigwe ivyayo bitwara abantu mu vyaha. Ikintu cambere dukeneye nukugira ijambo ry’Imana muri twebwe ryuzuye Mpwemu Yera. Niho honyene tuzoshobora gushikama tugatabagwa. Abacamanza 6: 14-17 & 20-21 & 25 -26 Gidiyoni Umumalayika yavuganye nawe, amusaba ibimenyetso , arizera ic’Imana imubwiye, naho we yikengera, iraheza imukoresha ibikomeye. Reka twizere iyo Mana , tuyimenye neza, tube mw’ijambo ryayo. Niho tuzoyibona. Amen.