Iki nigihe co gukunda Imana no kuyikorera.
Yesu Kristo yaje ngo tumumenye kandi tumwizere nawe adukoreshe mu vy’ubwami bwa Data wa twese. Nta kindi gishobora kubidushitsako atarukugira Mpwemu Yera muri twebwe twahawe. Niwe aduha urukundo rw’Imana rwuzuye n’inyota yo gukorera Imana. Mariko 16: 5-18 Matayo 28: 16-20
Abantu kumenya Imana n’ikibazo kandi kwizera kwabo ni guke cane. Ico biboneye nico biyumviye hagize uza akabacanganya akababwira ibinyuranye nivyo bazi bagenda wese bakavyemera, kandi baramwiboneye. Abo bagore bagiye kumva Umumalayika yababwiye ati genda mubwire abigishwa na Petero mumubwire ko Yesu yazutse Atari hano. ariko baragenda bagira ubwoba bwinshi nta n’1 babibwiye. Yesu Kristo yiyeretse Mariya Magadalene amutuma nawe ngagende avuge ko yazutse, nawe aragenda abibarira ababana nawe nabo ntibavyemera. Gushika aho Yesu ubwiwe yiyiziye agasanga bicaye bariko bararya aho biyugaraniye munzu akabagaya ukutizera kwabo , nugukomanta kw’imitima yabo, akababwirako yahawe ububasha bwose bwo mw’ijuru no mw’isi, abatuma ngo baje mubihugu vyose babwire abantu bose ubutumwa bwiza. Kandi azoba arikumwe nabo.
Ashaka tugende tuvuge ubutumwa bwiza bwamahoro, tumushingire intahe, abantu bamumenye kandi bamwizere kwariho kandi kwagirira neza umwizeye wese. Bamenye Imana y’ukuri. Kuko benshi bahereye mukutamenya no mubuzimire bw’imitima yabo. Ibibazo bobaye ibibazo, bakeneye ubabwiza ukuri. Kandi ufise Imana y’ukuri agira amahoro menshi, ntaco atinya kandi ashingira intahe Yesu Kristo umucunguzi wacu. Ivyak. n’Int. 2 : 30-39 & 43 Petero yashingiye intahe Yesu Kristo abantu benshi barabohoka. Intumwa zakoreshwa ibitangaza vyinshi kuko bavuga Imana y’ukuri bakoreshwa na Mpwemu Yera.
Abantu barakeneye kubwigwa ukuri kuko nikwo kuzobabohora. Bamenye Imana n’ijambo ryayo, kugira igitinyiro cayo kibe mubantu yaremye. Bongere bayubahe nayo igende yishingira intahe mu buzima bwabo. Kuko Yesu Kristo yaje kudukura mu bubata bwa Satani kugirango dushitse ic’Imana yaturemeye. Yoh 9: 1-5 Umusig.12 :1-2 & 13-14 Dukeneye kuvugira Imana bigishoboka kuko ukwubaha Imana kugenda kugabanuka mubana b’abantu, ndetse n’ukwizera nakwo kwaheze. abantu basigaye bizera ivyo babonako nabo nyene bashoboye canke bobikura no mubanyabwenge canke ahandi, ariko ububasha bw’Imana ikora ibirengeye ivyo tuzi nivyo twiyumvira ntakibanza c’ukuri igifise muribo. Zaburi 12: 1 Zaburi 119: 125-128 Nico gituma dawidi afise urukundo rw’Imana yatabaje ngw’Imana igire icikora mubana b’abantu.
Imana yahaye abantu ububasha bwose n’ubushobozi bwose, kugira muribo baboneremwo agace gato ko gukora kw’Imana. Akaror . Eliya yahagaritse imvura ngo ntigwe, irahagarara imyaka 3 namezi 6. Mose atunga inkoni hejuru y’ikiyaga gitukura gicikamwo 2, abantu b’Imana barajabuka. Ubwo bubasha bwose Imana yabuhaye abizera nabo nitwebwe buyu musi. Ngo tuyivuge abantu bayimenye bahabwe ubugingo buhoraho. Daniel 12: 1-3 & 10 & 13 Daniel yakoreye Imana n’umutima wiwe wose akuza abantu mubuja, ashikana benshi kubugororotsi. Nawe abwigwa ngo yigire arindire iherezo ryiwe. Amen.
Mwene data ubu ni wewe nanje twatumwe ngo tube mu kibanza c’umuhamagaro wacu nka ba Daniel . Amen Kandi Amen.