Kuba mu bwiza bw’Imana bidushina ku masezerano.
Ikintu ca mbere abana b’Imana dukeneye n’ukwimenya abo uribo, tukamenya identite yacu. Nivyo bituma tuguma mu bwiza bw’Imana, tukazirikana ijambo rya Yesu Kristo, tukaribamwo, twubashe izina ry’Imana. Dawidi ari mu ntama yari yiyizi, agira ishaka ryo kuyiririmbira, ayitazira kandi ayubashe. Nayo irumviriza aho ivyagiye mw’ijuru, iravuga iti Dawidi bikwiye kwahindurigwa ubuzima n’imibereho yiwe. Ave mu ntama aje kuba umwami w’abantu banje. Ntakindi cabitumye ataruko Dawidi yamana ubwiza bw’Imana, indirimbo zo gushimira Imana, kuyihimbaza no kuyitazira. Nayo imukorera ikintu gisha mu buzima, imukurako igisuzuguriro, kuko yakoze ku mutima wayo.
1 Samuel 16: 11-13 & 18 Ibintu abantu babona ko bitakubereye, yo ifise ingene izobigenza, ivyo yakugeneye vyose bigushikeko. Wewe sivyawe kumenya ingene Imana izogutabara canke aho izocisha mukukugirira neza no mukuguhezagira, ariko icukeneye nukuguma mu bwiza bwayo gusa, niho ukugira neza kwayo kuzokwama kugusanga n’ibitangaza vyayo. Dawidi yarafise umutima wakuyitazira no kuyiririmbira, yibera mubwiza bwayo mu mutima wiwe. Kuko ar’Imana ikorana n’imitima, imwiyumvirako iri mw’ijuru iti Dawidi ngira ndamukureko igisuzuguriro.
Ibintu abantu babonako bitakubereye yo yarabiguteguriye kandi bizogushikako vyose.
- Uwu mwaka n’umwaka wo gukugwako igisuzuguriro
- N’umwaka wo kuduzwa mu ntera
- N’umwaka tugiye kubona Imana ukundi gusha mu buzima bwacu.
- N’umwaka wo kwihana, imbabazi Imana igirira abantu bayo zigakurikirana n’ibitangaza. Ubwiza bw’Imana burikumwe n’abana bayo, nico gituma igiye kwiyereka ukundi gusha abagendana nayo, bazoja babona ikintu gisha nkuko yabivuze.
- Daniel na bagenziwe bagendana n’Imana bakaba mubwiza bwayo, nayo igenda iberekako inezererewe imitima yabo no kuyishingira intahe kwabo. Banse kwiyanduza ubwiza bwayo bubagumako.
Yeremiya 15: 19-21 ; 2 Ngoma 20 : 15 & 21-22 & 30 , Mika 7: 7-8 Inyuma y’imbabazi hari ukwibukwa no gutabagwa. Iyo ukoze ic’Imana ivuga mugihe gito cane ubuzima bwawe ishobora kubuhindura, vyose bigacika bishasha. Ahari ubwoba, amarira nagahinda , bigahinduka amahoro y’umusesekara, umunezero n’ugutwenga, amashimwe akaba amashimwe. Yeremiya yari mumarira menshi, ariko Imana imubwiye guhindukira yarabikoze nayo imushitsako amasezerano. Yehoshefati n’igihugu ciwe baratabawe inyuma yo kwinginga Imana bihana. Ibakurako abansi babo bose.
Salomo yarondeye Imana arayibona, ndetse imuha ubwenge n’ubutunzi awuhwanye nawe 1 Abami 10 : 6-10. Ariko kuko atimenye uwariwe akaborezwa nic’Imana yamugize n’ubutunzi yarafise, areka Imana yase asenga imana z’abanyamahanga yarongoyemwo, abagore babanyamahanga bamukura ku Mana yiwe. Nehemiya 13: 26. Nico gituma mwene data ukwiye kwimenya ukamenya n’Imana Data wa twese usenga, na Yesu Kristo yadupfiriye, ukava mu vyaha bitandukanye kugirango ugendane ubwiza bwayo nayo yama yiteguye kugutwenza no kukugirira neza. Amen