Turi mu mwaka wo kwitega ikintu gisha: Ubutuma bwo ku wa 11/01/2020

Turi mu mwaka wo kwitega ikintu gisha.

Reka uyu mwaka utubere umwaka w’ivyizigiro bizima , bituzanira ubwiza bw’Imana. Tuzobubona mungo zacu, mu kazi mu mashule, mu miryango , nahandi…

Tugiye mubihe vyo gutsinda ibitugerageza, kuko Imana yadukoranije ikadutoranya kugirango tumenyekanishe ishimwe ryayo. Mika 5: 4-9 ; Mika 2: 12-13 ; Yesaya 43: 18-21

Uhoraho Imana yacu yaradutoranije ngo tuyikorere, tubeho mu buzima buyishimisha, twamamaza ishimwe ryayo. Yadukoranije nk’ubwoko yitoranirije mumahanga menshi kandi Umwami wacu ari imbere yacu kandi Uhoraho niwe aturongora. Abisirayeli, Farao yarinyuma yabo, ariko Uhoraho yabagenderimbere ari mu nkingi yigicu, bwira akabajinyuma , agatera umwijima Farao n’ingabo ziwe, Abisirayeli akabamurikira. Inyuma hari kahise kawe kose kagenze kabi, Satani yiruka inyuma y’abantu b’Imana, abateza kwiheba, kwiganyira, kutabona ivyiza, kubona abakugiriye nabi nabakwanse, gukora ivyaha , kwiruka inyuma y’isi n’ibindi….

Nico gituma Ijambo ry’Imana ritubwirako Umwami wacu ari imbere yacu, dushingire ibirimbere twibagire ibirinyuma kuko Yesu Kristo atugendera imbere niwe afise ivyo yatugereye vyose mu kuboko kwiwe. Izi imisi yose yo kubaho kwacu nimigisha yatugereye buri musi, buri kwezi ndetse na buri mwaka. Ariko wa mubi atuja inyuma ngwadusubize inyuma abitunyage. Abisirayeli bose bifuje gusubira muri Egiputa bose habereye mu bugaragwa, ntibariye ku vyiza Imana yabateguriye mu gihugu c’Ikanani yari yarabateguriye, kiretse ababangirije imbere. Mugihe bari bagifise ishaka ryo gukora ic’Imana yacisha mu kanwa ka Mose, bagenda babona ibisha igihe cose mu buzima bwabo: barabonye ibitangaza Imana yakoreye mu gihugu ca egiputa. Barabonye ikiyaga gitukura gicikamwo 2 imbere yabo, barabonye igitandara gitobokamwo iriba ry’amazi. Barabonye ivyo barya bikoroka biva mw’ijuru. Abaubiye inyuma mumitima yabo nta 1 yariye kuvyiza Imana yabasezeraniye, ariko abakobeje bakaguma mumugambi w’Imana no mwisezerano barashitseyo.

NB: Umuntu wese abereyeho gushitsa umugambi w’Imana mu buzima bwiwe. Kuko dukeneye kubaho ic’Imana yaturemeye, kandi yaduhamagariye. Itanguriro 45: 5-8  ; Itanguriro : 50 : 20 Yosefu ntiyikoreye mu mutima wiwe abamwanse n’abavukanyi bamugiriye nabi. Ahubwo yabifashe muburyo bwiza, yemezako wari umugambi w’Imana kubwabo kandi ariko vyari. Kubwivyo Imana yamushikijeko ivyo yamuvuzeko vyose, kandi imbabazi yabagiriye zarababohoye nabo bagirira umugisha muri Egiputa. Rero abantu benshi ibibi baciyemwo, ababagiriye nabi, ivyo babuze, n’ivyaha batihana bibabujije kujimbere muri Kristo Yesu, kugirango babone ibishasha Imana yabagereye mu buzima bwabo. Bagenda bikoreye ivyo vyose ntibakure mugakiza ngo bakorere Imana nzima. Kazoza kabo kakononekara, kubera kutarekura, Yesu Kristo ngwabakureko iyo mizigo, nabo bidegemvye, biruke mugushimisha Imana yo mw’ijuru.

Benshi bariremesha , abandi bakanezezwa n’ibitanezereza Imana yo mw’ijuru, bakanyugwa nibitanyuze Imana. Abifilipi 3: 17-21 Intumwa y’Imana Paul yaravuzeko vyose yabonye kwarishano kubwo kugira Kristo Yesu mu bugingo bwiwe. Ivyahora bimubera inyungu avyiyumvira kwarubuhombe kubwo kugira Kristo.  Uko ukovya kurondera Imana nikwo ukura muri Mpwemu Yera , urukundo ukunda Imana rukagwira. Nayo ikakugwizako urukundo. Imigani 8: 17-21.

Iyo tujimbere hari ibidukorekako:

– Dukura muri Mpwemu , tukagenda tumenya ukuri

– Tugwiza ubwenge n’amavuta ya Mpwemu

– Tugwiza urukundo rw’Imana

-Tugira amahoro menshi n’umwidegemvyo wo mumutima

-Tuba abanyamugisha tukabera n’abandi abanyamugisha

-Tugenda tunesha ntituneshwa. Amen kandi Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s