Kugira umutima ushima Imana ukanayihimbaza : Ubutumwa bwo kuwa 04/01/2020

Kugira umutima ushima Imana ukanayihimbaza.

Imana irashakako umuntu wese yayimenye abeho afise umutima uyishima, wibuka ivyo uagiye igukorera vyose, ukibuka nuko ariyo vyose bikomokako. Kandi kugira umutima ushima n’urupfunguruzo rwo kubohoka, Mpwemu Yera akwuzuzamwo umunezero, gukunda Imana, no gukunda Imana bikagwira muri wewe. Ntaco wewe ubwawe wibonamwo, ahubwo muri vyose na hose ubibonamwo Imana yawe kwariyo ibikora. Bigatuma ugenda uciye bugufi imbere yayo.

Umenyako ubugingo bwawe wabuhaye Imana buri mu maboko yayo, kandiko ariyo igufiseko ububasha , n’ivyagezwe vyayo kwarivyo bikuyobora. Bigatuma ugira ubusabane bwiza nayo. Abantu bashima Imana bakayihimbaza bivuye ku mutima bikora ku mutima w’Imana, nayo ikabaha isezerano ry’ubu nirizoza ry’intahava.    Zaburi 34 : 1-3 Umusavyi w’Uhoraho Dawidi yama avugakw’azokwama ahimbaza Imana akayitazira urudaca. Kw’ishimwe ryiwe rizokwama mukanwa kiwe.

1 Ngoma 17: 1-2 & 7-12 & 16-24  Dawidi umutima wiwe wose wari ku Mana yo mw’ijuru. Mumunezero wiwe no mumubabaro niyo watembuja. Imana nayo irawuvomerera ugira imigisha iruta iyindi migisha yose. Yagize umugambi wo kwubaka inzu y’Imana, kubwo kuyishimira. Ariko yo ntiyabimwemereye, ariko uwo mutima wonyene yagize, imusezeranira kumuha icubahiro nkuko n’abandi bose bahambaye bagifise, kandiko hatazokwigera haba uri kumgoma muruvyaro gwiwe. Inamubwira kumwana wiwe yivyariye ariwe azomusubirira kungoma akayubakira iyo ngoro.

Dawidi mugusenga kwiwe yakoresha amajambo y’ubwenge bwinshi no guca bugufi, harimwo reconnaissance nini cane yivy’Imana imukorera niyo yamukuye. Umutima ushima Imana Mpwemu Yera awubamwo, akawurinda kandi akawukomeza.  Zaburi 103: 1-13 ; Zaburi 119 : 137-144 & 165 Hose hatwereka ingene dawidi yashimira Imana ningene yaca bugufi, naho yabari mu bitero, mukanwa kiwe havamwo amashimwe ku Mana yiwe, nayo igaheza ikaza ikamukorera ikintu gisha igihe cose. Ntiyidoga, ntiyiheba canke ngwafate ibintu mu buryo bubi ( negatif).

Guhimbaza Imana nokuyiririmbira bimanura ubwiza bw’Imana, hari ibikoreka mu buzima bwawe, haba ndetse no gukira indwara no gutabagwa muburyo bwinshi, ndetse n’abandi bagatabagwa kubwawe, wewe ushima Imana urudaca. Ivyakozwe n’Int. 16: 25-32. Paul na Silas bari mw’ibohero bahimbaje Imana , baratabagwa n’abandi baratabagwa, ndetse n’umusirikare yararinze ibohero agirigwa ubuntu bwo kumenya Imana n’urugo gwiwe. Niyuri mungorane canke ugwaye, ukibuka kwigukunda kandi kwatana kimwe kikubako itakizi, bigatuma uyishima muvyuriko uracamwo, uti ndagushima ko waretse bikancako kugirango wiheshe icubahiro, aha have intahe nini cane ifasha benshi izina ryawe rigahabwa ic’ubahiro. Mwene data ntishobora kukwirengagiza ndetse no kukurekera murivyo. Izina ryayo irarihesha icubahiro.

Nico gituma Paul yabariye Timoteyo ngo yimenyereze kwubaha Imana kuko bigira ikimazi kuri vyose. Bizana isezerano ry’ubugingo bwa none nubuzoza. 1Timoteyo 4 : 7-8.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s