Message ya 2020: Imana igiye gukora ikintu gisha, ube mu buzima bwo kwitega ikintu gisha: Ubutumwa bwa le 31/12/2019

Imana igiye gukora ikintu gisha, ube mu buzima bwo kwitega ikintu gisha.

Imana yo mw’ijuru ikunda cane abantu bayo kandi ikama ibavugisha, ikabahumuriza ndetse ikanakora n’ibitangaza n’ibikomeye imbere yamaso yabo, kuko ivyo ikora vyose ntibibahisha na gato. kandi ikagomba ko bayishingira intahe bakavuga kwariyo Mana kandi ibihe vyose.

Yesaya 43: 1-13 Nico gituma itubwirako itubwira kwariyo Mana yonyene kandi atayindi Mana yigeze kubaho. Iremesha ishengero ryayo kandi ikanarihumuriza kuko abarondera Imana, bayikunda kandi bayubaha, irababwirango  ntimutinye kuko Ndi Imana yawe, nagucunguye kandi naguhamagaye izina, ur’uwanje. Itwibutsa ivyo yagiye idukorera nivyo yakoreye ba sokuruza kuko ar’Imana idahinduka. Irakubwira ngo Ntutinye kuko ndi kumwe nawe. Kuko yaradutoranije , ngo tumenye kandi dutahuhure karuwari we. Kwariyo yonyene ishobora gukiza natwe ngo tuyizere.

Igihe yavugana n’umusavyi wayo Mose imubonekeye mu gisaka caka umuriro, yamubwiye ngo kura inkweto mu birenge vyawe kuko aho uhagaze arahera. Arabikora. Imubwira ivyakora vyose yamuhako ibimenyetso nawe arabikora, atana kimwe akuyemwo. Imana yavuganye nawe ibana nawe murugendo gwose yagize n’ubwoko bwayo. Ibatangaza yondera ibereka ibintu bisha batigeze kubona.

Yesaya 43: 14-21 Nkuko yagiye iremesha kandi yiyereka ba sokuruza nawe niko ikubariye, Ngo ni jewe Uhoraho umuremyi wawe, Umucunguzi  wawe, Uwera wa Isirayeli, Umwami wanyu. Ati n’Uhoraho aca inzira mu kiyaga, ni ndari mu mazi asuriranya. Ati Mwoye kwibuka ivya mbere, kandi ntiwiyumvire ku vya kera. Igira ikore ikintu gisha kandi kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya?Iti Nzoca inzira no mu bugaragwa ntembeshe inzuzi ahagadutse. Kugirango inyweshe abantu bayo, abo yatoranije.

Mwede Data iri n’isezerano Imana yawe iguhaye. Kandi nkuko yirahiye yoyo yiteguriye kurigushitsako. Ariko wibuke ncuti yanje icatumye abavuye muri Egiputa ntashitse ku masezerano yabo bose. Icabitumye nuko habaye ukutumvira Imana muribo, imitima yabo ikagamarara, bagakora ibihimbara imitima yabo binyuranye n’ubugombe bw’Imana. Bituma bayiratsa, iraraka ntibashika Ikanani kandi ataruko ibinaniwe, ariko baronse imembo ibakwiriye. Abagendeye mu vyagezwe vyayo, bakubaha Imana iri hagati muribo, abo nibo amasezerano y’Imana yose ( yabasohoyeko) yabashitseko ata na 1 rivuyemwo. Nawe rero umenye ingene ugendana n’Imana, uyihimbaye, nayo izogushitsako ico wasavye ndetse nico utasavye, kuko ibikora imbabazi zayo abana bayo. Amen.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s