Noel n’umusi ukomeye mu buzima bw’umu Kristo.
Noel = Urukundo.
Kubw’Imana yakunze abari mw’isi, vyatumye iduha ingabire ikomeye cane ariwe mwana wayo w’ikinege. Niwe Kristo Yesu yatuzaniye agakiza. Yaje ngo tugire impinduka mu buzima bwacu. Sibimwe vyo kwuzura mu mashengero kuri Noel gusa canke guhura bafungura bahana na za cadeau. Ariko Noel yabayeho ngw’imitima y’abantu ihinduke, ive mu mw’ijima ije mu Muco wayo utangaje. Umu Kristo wese abeho harico yiteze, co kuzobona Imana. Luka 2: 8-14. Malayika yabwiye abungere ubutumwa bwiza bwakanyamuneza kenshi kazoba ku bizera aribo bwoko bw’Imana.
Mika 5: 2-8 Yesu Kristo Yaje kudukura muvyaha vyamoko yose arivyo bituma abantu babaho nabi kandi bakabaho naho boba bafise ibintu vyisi, ariko umunezero atawo bafise. Kuko we yaje kuduha: amahoro, Intsinzi kuko abamufise vy’ukuri atarubanza ruzobatsinda, yaje kuduha umunezero nyakuri, aduha ubugingo buhoraho, atwuzuza urukundo rw’ukuri, kubaho nezakubaho neza, aduha ubwenge bushitse n’imigisha ituruka ku Mana ndetse tukabera n’umugisha abandi.
Yaje ngo tumumenye neza kandi nitwamumenya tukamwizera vy’ukuri tubeho nk’intambwe iri mu bikoko vyo mw’ishamba. Yaduhaye ububasha bwose, kandi buhagaze kuriwe no murukundo Imana yadukunze arigwo ishaka ko natwe dukundana, nkuko yadukunze. Niho tuzoba dutahura neza icarico Noel. 1 Yohana 5 : 11 – 15 ; 1 Yohana 4 : 10 – 13 . Kuko utagira urwo rukundo ntazobona Imana. Utamwizeye ngwamwakire vy’ukuri agume muriwe ahingugwe gose . Malaki 3: 1-2 Nico gituma Noel yabayeho ngo duhingugwe gose, tumwitege ata bwoba, kuko azotwara abasa nawe. Nkuko vyari vyarahanuwe n’abahanuzi benshi kwazovuka, kandi vyarabaye, niko nubu bariko barahanura kwazoza gutora ishengero . Rero tubeho mu buzima bwitunganije, azotahana ishengero rimwiteze ntakabuza. Mwene data ntaze agusige canke ngwansige. Amen