Dukeneye kuba abakristo buzuye(bashitse) : Ubutumwa bwo ku wa 14/12/2019

Dukeneye kuba abakristo buzuye ( bashitse).

Ishengero ryose rifise abantu barigenewe, kurya no mu miryango  yacu umuntu wese afise ah’Imana yamugeneye ngwavukire, no mumashengero niko biri. Umuntu wese afise ishengero Imana yamugeze ngo yinjiriremwo, kandi nibikurera vyawe vyose n’ibigukuza n’ubuntu bwayo kuri wewe biba muriryo shengero. Kuko harimwo ivyankenegwa vyawe ariko bitaba muyindi shengero. Hari ibintu vyiwawe Imana yatumbereje muriryo Hema. Kuko Imana yacu ar’Imana y’urutonde, ntiyonanigwa kubiguhera nahandi ariko irashaka kw’abana bayo bagira urutonde nkuko nayo ikorera murutonde Atari mu kajagari.

*Aho yagusize ohaguhera amasezerano ndetse ikanahakwishurira n’imitwaro. Ntitoranya ku butoni, ariko ukurikiza urutonde rwayo wese iramugirira neza, nkuko ibigiriea abayubaha bose. Kuko ico wubashe nico Imana ica ikoresha kikaguhesha umugisha. Luka 17 : 11-19 Abo banyamibembe 10 batakambiye Yesu Kristo ngwabakize, akababwira ngo bagende biyereke abaherezi. We yarazi nezako ijambo ababwiye ryabakijije imbere yo gushikira abaherezi, ariko yategerezwa gukurikiza urutonde rw’ishengero kuko ariwe yabishizeho. Umunyamahanga 1 niwe yagarutse gushimira Imana, aza ahimbaza Imana,  yikubita imbere ya Yesu Kristo amutazira ko yamukijije. Nico gituma yabajiji ati mbega noba navuze hakira umwe wenyene w’umunyamahanga? Abandi cenda bari hehe?? Abo 9 b’Abisirayeli ntibabonye akamaro ko kuza gushima , ariko uwo mu samaliya we ivyiyumviro vyiwe vyamugarukanye kw’isoko yo gutabagwa kwiwe. Turi mumyaka abantu bameze nkuko. Ntibakigaruka ku Mana ibagirira ubuntu imisi yose ngo bayishimire. Basigaye bakora ibintu ibice gusa, no kugenderegwa kwabo kugahinduka ibice. No gutabagwa kwabo kukaba ibice.

Inzu y’Imana n’ikibanza c’imigisha, ishengero n’ahantu abantu bagirira ubucuti n’Imana n’ubunywane. Niho tumenyera ivyakoretse nkuko tuhamenyera ibitarakoreka. Kugirango izina ry’Imana yacu rihabw’icubahiro. Iyutujuje urutonde rw’Imana, ntugire gushima Ivo yagukoreye ngugarukane amashimwe yayo imbere yayo, harahantu ugabanukigwa mu kubona Imana.

1 Samweli 1 : 5 – 9 & 1-8 & 25-28. Hana yari murushengero rw’Imana asengana umubabaro kuko Imana yari yamuzivy’inda, ariko Imana yasavye iramuzibura inda, aravyara , Umwana amaze imyaka 2 amugarukana gushimira Imana yiwe, amutangako inkuka murushengero. Kandi ntiyaravye ivy’umuherezi yamubwiye ng’uraborewe. Ariko yaciye bugufi aramumuzanira amubwira ati uwu ni wamwana nasaba Imana. Samweli yakoreye Imana igihe cose yabayeho murushengero no mugihugu. * Amashimwe atanzwe imbere y’Imama niyo atuma Ubwami bw’Imana bwaguka kandi ntashira. Ico Hana yakoze catumye Mpwemu Yera amugenderera, iramwuzura ateranura akanwa avugishwa nayo kuko ubusabane biwe nayo bwari bwuzuye.               1 Samuel 2 : 1-8 Yatuye ibizomubako nibizoba kububaha Imana bose kandi bakayizera bakayikorera. Ishimwe ryawe ryama imbere yayo na ntaryo, kandi rigakorera Imana yo mw’ijuru, icubahiro cayo kigakwira isi yose.

Itanguriro 20 : 3-8 & 14-18 Abimeleki ntacaha Imana yamubonyeko, kandi imaze kumugendera mw’ijoro yaciye bugufi, asaba imbabazi naho Atari bwakore kuri Sara muka Aburahamu, yongera kandi atanga ibimazi vy’imbabazi no kweza Sara. Imana ikoresha Aburahamu umuvugishwa nayo, aramusengera inda zazivye birazibuka. Abakristo turashaka duhemukire Imana ariko yo nta 1 ihemukira. Nico gituma nico yakuvuzeko, utari mu rutonde rwayo, igushira ku murongo wo kurindira kugirango wikebuke, ataruko yakwimye canke yakuretse. Umugisha wawe uzoba uwuzuye niwashitsa urutonde rw’inzu y’Imana. Amen.

 

 

 

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s