Twubakire (duhagarare) kuri Yesu Kristo, dushinge imizi neza muri We: ubutumwa bwo ku wa 30/11/2019

Twubakire (duhagarare) kuri Yesu Kristo, dushinge imizi neza muri We.

Abakijijwe bose twavuye mu bubata bwa Satani, tuba abagurano b’Umwami wacu Yesu Kristo, tuba imbata ziwe. Twakuwe mu vyaha kugirango tugende dukora ivy’Umwami wacu Yesu Kristo agomba. Yeremiya 35: 1-19

Yonadabu yari yuzuye Mpwemu Yera, agira ubwenge bw’Imana, kuko yagendereje abantu b’Imana, asanga ntibumvira Imana ariko bumvira abantu, acaha iragi abazomukomokako bose bategerezwa gukurikiza, ariko we yarahagaze kw’ijambo ryahumetswe n’Imana, ariko abivuga nkuraga uruvyaro rwiwe. Yarinze abiwe kutazocumura ku Mana yiwe. yabona ibicumuza abantu bitandukanye arabibabuza mumurage,

Kukazi abantu barubaha ababatawa, bagakurikiza n’amategeko yaho bakora hose, abanyeshure nabo nuko, barubaha abalimu ndetse bakanakurikiza amategeko y’ishure no mu miryango nuko, ariko Imana yo ntibayumvira kandi ariyo ifise ubuzima bw’umuntu wese mubiganza vyayo. Ariko ivyo Rekabu mwene Yonadabu yakoze vyakoze ku mutima w’Imana, irabahezagira ko mubiwe hatazokwigera habura uwo guhagarara imbere yayo. Ico uzosiga ukoze mu bana bawe kizobahesha umugisha. Abo bantu bari babayeho neza. Bari bafise Imana mumuryango wabo. hagutunga imigisha y’Imana wotunga uyitanga, niho idashira. Ahari ubwiza bw’Imana hakoreka vyinshi kandi n’imigisha ntisigara.

Itanguriro 28: 10-22 Yakobo yiseguye ibuye ariryo Kristo, avugana n’Imana aho aryamye mw’ishamba yarimwo. Agirana ubusabane na Yo , arayisaba nayo imuha amasezerano y’ibihe vyose, nawe avuga ivyo azoyikorera. Naho Imana yari yarasezeraniye Aburahamu na Isaka se wiwe, ntiyijajaye, ngo yitware ukwashaka, ubwiwe nawe yarayirondeye. Ayisezeranira kw’izoba Imana yiwe, kwazoyubakira ingoro kandi ko muvyo izomuha vyose kwazoyitangira ikigira cumi muri vyo. Ntahandi yaboneye Imana Atari kuri rya buye yari yiseguye ariryo Kristo. Umuntu wese ategerezwa kubaho mu buzima burondera Imana yiwe.

Intambara zose zakunaniye, fata Yesu Kristo birashoboka. Yakobo yiseguye ibiye, Dawidi mukwica Goliyati yatoye akabiye akamushinga muruhanga karamugandagura, kandi abahize ba Sauli nawe ubwiwe vyari vyabananiye. Ariko uwamenye Uhoraho azanye Yesu Kristo amwizeye Goliyati ntiyashoboye kumuhangara. Esteri 4: 1-17   Est. 10:3 Ntaco turonkera ubusa, ubwiza bwa Ester naho yarumwamikazi ntakindi bwari kumumarira ataruko abukoresha icubahiro c’Imana kikagarugwa mu Bisirayeli.

Dawidi na Moridikayo bagarukanye icubahiro c’Imana mw’isi. Goliyati nawe na Hamani bariko bazana ibigigwamana mw’isi. bimika mw’isi systeme y’Ibamuloni. Dukeneye kugira Yesu Kristo muzima mu buzima bwacu, kugirango tuzane impinduka mw’isi. Kuko ibigigwamana vyabaye vyinshi. Kukeneye gusenga nka Mose yinginze Imana ngo ijane nabo. Kuvayo 33 : 12- 23. Amen

Ntawundi azokuraho igisuzuguriro kurogo gwawe, ku nzu yawe, ku muryango wawe, ku mutumba wawe , Atari wewe nyene ubwawe.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s