Dukeneye kuba ishengero ryo muri Mpwemu.
Nukuvuga riganzwa canke rirongogwa na Mpwemu Yera. Ni kuki abakristo dukeneye gusenga no kwisonzesha? Nuko ariho umuntu agirira ibihe vyiza vyo kwegera Imana cane no kugira ubusabane bwiza n’Imana. Mu gucisha bugufi umutima wawe n’umubiri wawe, hari vyinshi biguhindukamwo ku bwa Mpwemu Yera . Kuvayo 34: 29-30 & 35
Haba operation ikomeye muri wewe mu buryo bwa Mpwemu Yera. Hari ibigukorekamwo wewe utazi ndetse udashobora no gusigura, kuko ni Mpwemu Yera abikora. Mpwemu Yera yica ingeso mbi ziri m’umuntu, arizo zivyara ivyaha n’ibicumuro umuntu yama yisangamwo, akaguhindura. 2 Ab’I Korinto 3 : 1-3 , Abaroma 8 : 1-5 & 14-15 & 18 Ezekiyeli 47: 1 & 8-9 Paul yabarira ishengero ry’ i Korinto kwari ivyete bisomeka vyandikishijwe Mpwemu wa Yesu Kristo ku mitima yabo, kuko ubutumwa bababwiye bwari bwarabahinduye. Bari basigaye babonekako bahindutse vy’ukuri, barongogwa na Mpwemu Yera. Arico Imana idushakako.
Agakiza Yesu Kristo yatuzaniye gahagaze kuri Mpwemu Yera ntigahagaze ku vyagezwe kuko vyo bifise integenke ndetse bikanicisha. ariko agakiza Yesu Kristo yatuzaniye n’ubugingo buhoraho. Yesu Kristo niwe yaje atwigisha kuja ku musozi w’amasengesho, ariho turonkera imfungugwa zo muri Mpwemu: – Tukaharonkera inkomezi, – tukahahindurigwa, – tukaharonkera ubwiza , – amavuta , – tukahakurira n’ibindi. Mumubiri ugira integenke ariko muri Mpwemu ugakomera, ukaharonkera ubwenge bwa Mpwemu Yera ugahishurigwa ivy’Imana no gukoresha ingabire zawe.
Daniel 3 : 16-18 & 23-28 Daniel 4 : 27 Abo basore Daniel, Shadulaka, Meshaki na Abedunego imibereho yabo yarihuye n’ubugombe bw’Imana. Barondera Imana yabo mugusenga no mu kwisonzesha , nayo ikabana nabo muri vyose. Kubwa Mpwemu Yera yari muribo, ntibashobora kwunamira ibigigwamana canke ngo babisabe, kandi ntamuntu batinya ngo abakoreshe icaha uwariwe wese. baja kuvoma kw’isoko mu masengesho. Imana ikabaha ubwenge no guca bugufi abantu bose bakabatangarira. Imana yabiyerekaniyemwo mu bitangaza bikomeye cane ata muntu n’umwe yabarusha ubwenge.
Murukwo guhindugwa basha, niho herekanigwa rya jambo ngo si jewe nkiriho ariko ni Kristo ariho muri jewe. Ab’I Galatiya 2 : 20