Ubutumwa bwa le 16.11.2019
Dukunde kuba muri presence y´Imana
Imana irakunda ko abantu bayegera,bakabana nayo kandi bagasabana nayo.Ariko icaha nico gitandukanya abantu n`Iyabaremye.
Kuvayo 1:14 ,Imana yatumye Mose ngo agende abwire aba Isirayeli bamare imisi 3 biyeza,kumusi wa gatatu baduge umusozi Sinayi baze guhura nayo.Umusi ugira 3 ugeze,barakoranye maze Imana ikora ibimenyetso bikomeye,humvikana imituragaro,isi irahinda,nibindi biteye ubwoba…bituma abanyislayeri batinya,batinya kwegera aho Imana iri.Babwira Mose bati :duga wewe,ugende uvugane n`Imana tudapfa.
Mose arabahumuriza,ababwira icatumye Imana ibiyereka murubwo buryo buteye ubwoba ,kwari ukugira ngo bayubahe,bayitinye.
Mose we kuko yari yejejwe vyukuri,yaraduze aja guhura nayo.
David ,nkuko Imana yabwiye Samuel igiye yari agiye kumutoranya,yari afise umutima ukunda Imana ,kandi yifuza kubana nayo.
Igihe Imana yari imuhaye intsinzi,ikamuha kuba umwami w,abayuda n,abisirayeri,icambere David yashizeko umutima kwari ukugarukana isandugu y,Uhoraho batwayeko inyagano.
2 Samuel 6 David yahuye nivyari kumuca intege ,ariko yarafise umutima munini ku Mana.David yigira inama yo kubaka ingoro y`Imana.
Dawid yari azi neza ko ico gikogwa kitoroshe,gisaba kugikorana ubwitonzi ashira hejuru icubahiro c`Imana,kandi akabikora uko Imana yabigetse.
Kubwuwo mutima Imana ivugana nawe,imwibutsa aho yamukuye mw`ubwungere bw`intama,imubwira intambara zikomeye yamugwaniriye,imuha amasezerano akomeye ko Imana izobana nawe,nabazomukomokako,ko muruvyaro gwiwe hatazokwigera habura uwuri kungoma.
Zaburi 33:16 David aravuga ko ataco umuntu yokwishikanako atagihawe n`Imana nubwo yoba afise inkomezi nyinshi.Nuko yakira isezerano,ashima Imana cane.
Ico Imana yavuze kirashika ,Salomo umuhungu wa David ,afatanya nubwoko bw`Imana bubaka ingoro y`Imana,babishimira Imana kandi bayishikiriza Imana basenga ngo IMANA izobane nabo.Maze Imana yumva gusenga,ibasaba ngo bagume muriyo,bubahe ivyagezwe kandi babigenderemwo,kandi ibasezeranya ko izobana nabo muri vyose.2 NGOMA chapitre 6 na 7.
Ijambo ry`Imana riradutumirira kugira umutima ukunda kubana n`Imana,tugire ubusabane nayo,twubake ingoro yayo ariyo twebwe ,mbese twubake n`inshengero.Aho niho hari umugisha ukomeye kubwacu no kubacu.1 Petero 2:9 a 10. Luka 7:1 a 4
Uwo mutima Imana irawutanga ,dusenge ,duhe ikibanza Mpwemu Yera atwuzuze urukundo gw`Imana.Jakobo 1:17