Aba Kristo (ishengero) barakeneye gukura: Ubutumwa bwo ku wa 09/11/2019

Aba Kristo (ishengero ry’Imana) barakeneye gukura.

Imana Data wa twese yatumye umwana wayo Yesu Kristo ngwatuzanire agakiza. Kandi ngwuzokakira wese yigishwe n’ijambo rya Yo, kandi rimutunganye gose, rimukuze. Kuko ntakindi gishobora gukuza umuntu  mugakiza Atari ijambo ry’Imana. Amasengesho aravomera agakiza, hakamanuka amavuta n’ubwenge, ariko ijambo riraduhindura, kuko riratwigisha.

Akarorero Kuri Yosefu: Yigishirijwe hamwe na bene se ijambo ry’Imana riva k’Uhoraho, Ariko we ntiyavyakiranye umutima bavyakiranye. Yarifashe n’umutima wiwe wose, yizera Imana ya sekuruza Aburahamu, na sekuru Isaka na se Isirayeli. Arayikunda kandi arayubaha, ahagarara mukuyizera arinda umutima wiwe wose, nayo ibana nawe, imuha amasezerano, kandi irayasohoza.

Itanguriro 39: 2-6  ; Itanguriro 42: 21-22  ; Itanguriro 45: 4-8

Abo bakuruwe naho baribakuruwe, ijambo bigishijwe ntibarishirako umutima ngo ngo ribahindure kandi ribeze. Barifata ibishanzwe , bakikomereza mu ngeso zabo, kandi ntibanarikurikiza ico ribigisha. Bituma naho mu myaka bari bakuru, ariko mu Mpwemu bari abana. Bari buzuye inzigo, ishari, urwanko, ubwicanyi, ububeshi n’ibindi….vyose vyababamwo. Kandi ivyo Imana ntikorana navyo. Bo bagize imigambi mibi bagomba kwica murumunawabo kubwishari, ndetse baranamudandaza kubaja mugihugu ca kure ca Egiputa. Bo bagize imigambi mibi ariko Imana idufitiye imigambi myiza cane.

Umuntu yabohotse agakizwa neza Mpwemu Yera amubamwo , akamurongora mu vyiyumviro vyiza no mu bikogwa vyiza. Nico gituma Yosefu yabanye n’Imana akagendana nayo muri Egiputa. Imuha ikiganza ciza muvyo yakora vyose. Aho yaciye hose, habaho yadandajwe Kwa Potifari. Haba mumunyororo, haba Kwa Farawo ariho Imana yatemuteguriye kumushitsako amasezerano. Hari ibigigwamana vyinshi, ariko ntaco vyamukozeko, kuko yarazi neza Imana yiwe. Umutima utunganiye Imana ntakibuza umugambi w’Imana kuwushikako. Ndetse ibashitsako amasezerano yabo n’imigisha yabo batarinze kuyisengera. Ntabundi buhanga Yosefu yakoze ataruko yakiriye ijambo ry’Imana akaryizera, akarikunda, akaryiga, akarimenya rikamukuza, rikamukomeza, Mpwemu Yera akamubamwo. Ariko bakurubiwe ivyo bamukoreye vyabasubiyeko, ariko we yarabatunze, ababera umugisha ukomeye.

Ntidushobora kuja kure muvy’ubwami bw’Imana, tutabaye aba Kristo bigishwa ngo bakure. Ijambo twigishijwe tukaryizera niryo riduhingura, rikadukura kuntamwe rikadushira ku yindi.

Abaheburayo 5 : 11-14                        Matayo 7: 24-29

Turinzu Imana ibamwo. Dukwiye kwubakwa neza tugakomera kugirango ntihagire ikitunyiganyiza. Kuko inzu idaheza kwubaka iba ikibazo mukibano ibibi vyose biyikoregwamwo ; ibisuba , abanywarumogi, n’ibikoko vyose vyihishayo, iyubatse nabi nayo igasenyuka imvura iguye. Murushengero naho nibo bazana ama Critique, urwanko , amacakubiri, imigumuko, ishari n’ibindi bibi vyinshi bisambura ingoro y’Imana.

Dukeneye kuba aba Kristo bafise intahe nziza hanze, bigatuma n’abatazi Imana baza kuyirondera kubwivyo batubonako. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s